*UMUSI MUKURU WA PENTEKOTI*_*IGISOMWA CA MBERE*_
*Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (2, 1-11)*
_Bose buzura Mutima Mweranda_
Umusi wa Pentekoti wasanze abatumwa bose bakoraniye hamwe. Niho havyuka intureka iva mw’ijuru imeze nk’umuyaga w’igihuhusi, wuzura inzu barimwo hadaciye n’akanya. Babona haserutse imbeya zimeze nk’indimi z’umuriro, ziricagagura zija guhagarara ku mutwe w’umwe wese mu bari aho. Bose rero buzura Mutima Mweranda, batangura kuvuga izindi ndimi ku rugero Mutima Mweranda abahaye kuzivuga.
I Yeruzalemu na ho, hari hagerereyemwo abantu bubaha Imana, bari bavuye mu ntara zose ziri munsi y’ijuru. Aho bumviye intureka, abantu bose barashwabaduka bumiwe bwumirwe, kuko umwe wese yumva abatumwa bavuga ururimi rw’iwabo. Bagwa mu gahundwe, baraheza bagira bati :
« Aba bantu bavuga, si ab’i Bugalile ? Bigenze bite none ko umwe wese yumva bavuga ururimi rw’amavukiro, uri abo mu Bupariti, uri abo mu Bumedi, uri abo muri Elamu, uri abaturuka muri Mezopotamiya no mu Buyuda, n’i Kapadosiya n’i Ponto muri Aziya, uri Abanyafirijiya n’Abanyapamfiliya n’Abanyamisiri be n’abava mu ntara ya Libiya yegereye Sireni, uri Abanyaroma bari ino, uri Abayuda n’abatoye idini yabo, uri Abakereti n’Abarabu, twese twumva bahaya mu ndimi zacu ivyiza vy’Imana. »
_*IZABURI 103 (104), 1ab. 24ac. 29bc-30. 31-33*_
Icit : Mukama, tuma umuzirikanyi wawe,
uhindure n’isi.
Ninahaza Umukama, se mushaha wanje !
Mukama, Mana yanje, uri mukuru cane !
Ivyiza wakoze ni isinzi, Mukama :
isi ihinda itunga ryawe.
Ubakuyeko ukuboko, baca barumara,
bagasubira mw’ivu.
Ubasubije agatima, ng’abo barakomeye ;
kandi ugaca uhindura n’isi.
Ubuninahazwa bw’Umukama nibuhangare imisi yose,
Umukama n’ahimbarwe n’ivyiza yagize !
Nishakira guhaya Imana yanje umwanya nkidundega,
no kuninahaza Umukama mu myaka n’imyaka !
_*IGISOMWA CA KABIRI*_
*Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (12, 3b-7. 12-13)*
_Muri Mutima umwe, ni ho twabatirijwe twese ngo tube umubiri umwe_
Ncuti zanje,
Nta n’umwe yoshobora kuvuga ati : « Yezu ni Umukama, » atabivugishijwe na Mutima Mweranda. Ni ko, hariho ubwoko bwinshi bw’ingabirano, mugabo Mutima akaba umwe ; hariho ubwoko bwinshi bw’imirimo, mugabo Umukama akaba umwe ; hariho ubwoko bwinshi bw’ibikorwa, mugabo Imana Yo itunganya vyose muri bose ni imwe nsa.
Umwe wese ahabwa na Mutima ingabirano, kugira ngo igirire akamaro bose. Nk’uko umubiri ari umwe, ukagira ingingo nyinshi, na zo izo ngingo zose zikagira umubiri umwe, n’aho ari nyinshi, ni ko Kristu ameze na We. None natwe, muri Mutima umwe ni ho twabatirijwe twese ngo tube umubiri umwe, baba Abayuda canke Abagereki, abashumba canke abidegemvya ; bisubiye, twese twagabanye Mutima umwe.
_*URURIRIMBO*_
*Mu Kilatini*
Veni Sancte Spiritus,
Et emitte caelitus
Lucis tuae radium.
Veni pater pauperum,
Veni dator munerum,
Veni lumen cordium.
Consolator optime,
Dulcis hospes animae,
Dulce refrigerium.
In labore requies,
In aestu temperies,
In fletu solatium.
O lux beatissima,
resple cordis intima
tuorum fidelium.
Sine tuo numine,
Nihil est in homine,
Nihil est innoxium.
Lava quod est sordidum,
Riga quod est aridum,
Sana quod est saucium.
Flecte quod est rigidum,
Fove quod est frigidum,
Rege quod est devium.
Da tuis fidelibus,
In te confidentibus,
Sacrum septanarium.
Da virtutis meritum,
Da salutis exitum,
Da perenne gaudium.
Amen. (Alleluia).
*Mu Kirundi*
Ingo Mutima Mweranda,
mu kuva mw’ijuru n’uturungikire
umushwarara w’umuco wawe.
Ingo, Muvyeyi w’aboro,
ingo, soko ry’ingabirano zose,
ingo, muco w’imishaha.
Muhoza w’abahebuza,
mubanyi mwiza w’imitima,
muhumuriza wuzuye ubuntu.
Buruhukiro bw’abari mu marushwa,
mutekano w’abari mu nyosha mbi,
muhoza w’abari mu marira.
Muco w’agahimbare,
niwuzure rwose
imitima y’abakwemera.
Ahatari kamere yawe y’Imana,
umuntu nta co yokwimarira,
nta ciza comuvako.
Tyorora igitosekaye,
vomera icasaragaye,
vūra icakomeretse.
Gonda ikidadaraye,
susurutsa igikanye,
gorora ikigoramye.
Abakwemera na bo
bagushizeko umwizero wabo wose
n’ubagabire za ngabirano indwi nyeranda.
N’ubahe impera y’ibikorwa vyiza,
n’ubahe gushikira ubukiriro,
n’ubahe guhimbarwa mu myaka yose.
Amen. Aleluya.
_*INKURU NZIZA*_
Aleluya, aleluya.
_Ingo, Mutima Mweranda,_
_niwuzuze imitima y’abakwemera,_
_gira ko urukundo bagufitiye rwomera muri bo_
_nk’umuriro waka._Aleluya.
*Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-23)*
_Kumwe Data yantuma, nanje ni ko ndabatumye_ :
_nimuronke Mutima Mweranda_
*Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati* : « *Nimugire amahoro ! » Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.*
*Yongera ababwira ati : « Nimugire amahoro ! Kumwe* *Data yantuma, nanje ni ko ndabatumye. » Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima* *Mweranda. Abo muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo, bizobagumako.* »

