UBUVUGISHWA BW’UKURI N’UBUHE?Abantu benshi barafise ibibazo bagendana aho muri iyi misi hariko haraduka abantu benshi bagizwe n’abavugako ari abakozi b’Imana ariko mu vy’ukuri hari ukuzazanirwa gukomeye cane bivanye n’imyifato ya bamwe bamwe mur,abo na jewe nyene ntisize inyuma.hari ibibazo bijanye n’Ubuvugishwa ngombako duca hirya no hino,turabire hamwe ico ijambo ry’Imana rivuga ku buvugishwa bw’ukuri n’ubuvugishwa bw’ibinyoma.
Matayo24:6;kuko benshi bazoza mw’Izina ryanje ngo ni Jewe Kristo,kandi bazozimiza benshi.
Aho Isi igeze uyu musi,tugez’aho umuntu wese ubona yadutse ngo jewe nd’Umukozi w’Imana,uwundi ngo Imana yambwiye,ivyo bijuragiza intama(abakristo).
None mu vy’ukuri Imana Iravuga?gute?mubuhe buryo?uyu musi reka twibande kuribi bibazo:
Mu vy’ukuri Imana Iravuga cane cane mu buryo 7
Ubwa 1;Mw’Ijambo ryayo(Bibiliya yera)
Ubwa2;mu buvugishwa
Ubwa3;mu kwerekwa;
Ubwa4;mu ndoto;
Ubwa 5;mu bwenge;
Ubwa6;kwumva ijwi canke amajwi;
Ubwa7;Imburi.
Ariko kandi hariho n’ubundi buryo bwinshi butamenyerewe ubu,Imana Ishobora gukoresha mu kuvuga nko gukoresha Imibu,inzige,ibikere,amaraso,indogoba,inkoni,urubura,imibembe,amabuye’ibindi vyinshi ntadondaguye mur’uyu mwanya!
Nagira mbe ndagarukiye hano,ariko ndabamenyesheko ibindi bibazo tuzobandanya kubihana hanako ivy’iyumviro ubutaha;nk’ibi:
2;Twomenya gute Abavugishwa b’ukuri?
3;Hoba habaho Ubuvugishwa ku Bihugu?
4;Twovyifatamwo gute?
Umwami Imana Ibahezagire niwagira ico ufashijwe canke ufashije,wandike j’aime,canke wandike komantere yawe,murakoze cane!
Pasteur Dieudonne Havyarimana
