Umutumiro w’amasengesho

📡UMUTUMIRO W’AMASENGESHO 📢 KURUYU WA GATATU italiki 18 Rusama 2016. Ncuti namwe bagenzi dusangiye gupfa no gukira turabarumukije aho muri hose. Shalom, amahoro y’Imana Se w’Umwami Yesu Kristo abane namwe!Nkuko musanzwe mubizi ko twiyemeje gusengera igihugu cacu c’uburundi, kandi n’Imana ikaba isaba abantu bayo gusengera igihugu cabo; tuzokwama tubibutsa uyo murimo w’iteka kubemera bose.
Thème: (Icivugo) « Ukwitanga kwawe kw’ukuri uzobihemberwa. » 2NGOMA 15:1-7. 1.Tugiye gusengera abisezerano kugira bashobozwe n’Imana ibakoreshe ivyubuhizi. 2.Dusenge kugira duhimbare Imana. 3.Dusengera abari mu buzima bugoye. MN: Nitwarondera munyonga z’Imana tuzomubona kandi azotubera inyishu. Muratumiwe kubana natwe mu masengesho yo kwakira inyishu. Murakoze, amahoro y’Imana abaganze. Bigiriwe i Bujumbura, kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2016. A B I S E Z E R A N O.

http://www.abisezerano.com