Impanuro nziza z’abisezerano mugabo zozirikanwa n’abantu bose.

IMPANURO NZIZA Z’ABISEZERANO UMURUNDI WESE YOFATA NKANKAMA.
1. Mubukene bwawe no mubutunzi bwawe, Ukubaho neza kuzova kukugira isuku ku mubiri n’isuku ku mutima. Isuku ku mubiri rigizwe no kwiyuhagira neza no gufungura kurugero ariko isuku ryo kumutima rigizwe no kwiyumvira ivyiza gusa. Uragerageza umururazi n’ubushangashirwe ubishire kure y’umutima wawe.

2. Uze wibuke gusukura neza ibihimba vyumubiri bihishijwe n’uduhuzu twimbere gusumba ibiboneka. Kuko ibitaboneka nivyo bitanga amahoro gusumva ibibonwa na bose kandi imbere atari heza inyuma hazoguma hakurega. Burya udafise amahoro mumutima wawe ntamahoro uzogiranirara n’abandi. Kandi udafise amahoro uri wenyene ntamahoro uzogira kubera uri kumwe n’uwundi.

3. Uze wame wibuka yuko ubwiza buca mukanwa. Gufungura vyinshi no kunywa vyinshi igihe cose si vyiza kuko umubiri urakeneye akaruhuko kinfungurwa n’ibinyobwa. Amazi meza agira akamaro gusumba vyose kandi infungurwa z’umutima ariryo jambo ry’Imana riruta vyose mu gihe ivyumubiri bitiganje.

4. Amafungo rero atuma umubiri wikura ibikarishe biva mu mfugurwa n’ibinyobwa bbigatuma ugira amagara meza ndetse no kuramba. Bituma umubiri ureka kwiganza ku mutima n’impwemu yawe maze ukiyumvira neza n’umuntu wawe w’imbere agakura gusumba.

5. Kugira imyimenyerezo y’umubiri mbere ukanaruha cane birafise akamaro kanini cane ku mubiri kandi birasukura ubwonko mugabo imyimenyerezo y’umutima iruta vyose nkuko Intumwa Paulo yabivugishijwe. Bituma wiyumvira neza, ukagira umutima ukeye bigatuma ushobora gufata ingingo nziza. Ntuzotinyu gukora gushika aho umubiri wawe uruha uriko urakora ivyakamaro.

6. Nkuko umunyabwenge Salomo yabivuze, uze wame uzigama umutima wawe gusumba vyose kuko niryo riba ry’ubugingo bwawe. Urizigamisha ivyo wumviriza, ivyo uraba , abo mugendana nivyo uvuga. Burya abantu bapfira munyosha mbi, muvyiyumviro bipfuye n’amajambo y’imburabwenge. Uritondere rero ivyo wumva mumaradiyo, ivyo ubona kumboneshakure nivyo usoma mubitabo n’ibinyamakuru.

7. Burya uze utore abagenzi b’imico myiza gusa kuko abagenzi babi ntaco bazogufasha atari kugukwegera mukaga. Ntuze wemere ibivurwa vyose naho vyoba vyiza kandi bivurwa n’abagenzi bawe. Uze ufate umwanya ubigendereze kandi ubisuzume. Ushoboye gusiguza Imana uze ubikore kuko burya nico mutima mweranda , Mpwemu Yera akora.

8. Uze utoranye amajambo wumviriza ukanayashirako umutima kuko burya ivyo yumviriza vyose vyirukira mumutima bigaserukira mu mutwe, mu majambo uvuga no mu mibereho yawe. Ucika ivyo wama uriko urumviriza uvyanka canke uvyemera. Urya no mundoto zawe habamwo ivyo wumva, ivyo ukunda n’imburi zivuye ku Mana. Uritondere rero ubuvugiswa, inyereko hamwe n’inzozi kugira umurwanizi ntaze akuvangire.

9. Uze utoranye amajambo uvuga , ivyo wiyaturako eka nivyo watura kubandi kubera burya ucika ico wiyaturako. Urame uzirikana yuko ijambo rirema, rikubaka, rigakiza nkuko risambura, rigacivutu rikanica. Abantu benshi barapfuye kubera amacambo yabantu abandi benshi nabo bahitanywe nivyo biyaturako. Ijambo niryo ryaremye isi n’ijuru nibirimwo vyose kandi wagiriwe Ubuntu kuba uhobora kuvuga ijambo. Uko uri kose ufise ububasha Imana yaguhaye wokoreshana ubwenge.

10. Mukubaho kwawe uze wame wibuka gusukura abantu batatu bakugize aribo umubiri, (le corps) umutima (l’ame) n’impwemu (l’esprit). Utamenye yuko ugizwe nubwo butatu ntuzigera winjira mukanywababo n’Uhoraho kandi ngo utahure urukundo rw’Imana. Enda gira uyo mwimenyerezo umenye neza uyo mubiri wawe, uwubungabunge kandi uwutahure. Gira imyimenyerezo uganze umushaha wawe (âme ) n’imipfunda yawo (émotion) maze urabe ingene Mpwemu yawe (image de Dieu) izogira ubushobozi maze tugafata mpiri ububasha bw’umwijima bw’ugarije igihugu cacu.

http://www.abisezerano.com