Murashobora gukurikirana ibiganiro vy’abisezerano kuri internet, kuri telephone zanyu kandi mu minsi ya vuba muzobikurikirana kuri Ondes courtes no kuri Modulation de Frequence mu gihugu.

Twagomba kubibutsa yuko ABISEZERANO ari umuhari uhagaze ku masezerano Imana yasezeraniye igihugu c’Uburundi aho yavuze iti: » Nzosasagaza amahoro mugihugu c’uburundi mbere n’abarundi bagire iterambere mu burunzi no muvyo impwemu (ikanguro) ritarakaboneka.Kugira ngo bishike aho nzohagurutsa abahungu n’abakobwa b’umutima ukunda igihugu cabo maze bakirwanire birunkane kubutegetsi abasuma n’abambuzi, ibinebwe n’abanyamacakuri, imburakimazi maze batsinde imirwi yose yaba nsumirinda atakindi baharanira atari ivyicaro »

Iyi radiyo yanyu rero izokwama ibashikiriza ibiganiro vy’ubuvugishwa Imana Uhoraho itanga, ubutumwa bw’umuzuzo bw’ijambo ry’Imana, amakuru yabo ihanga ry’isezerano nay’urugamba rwo guhabuza igihugu. Muzohore muza kwiyumviririza akayazwe mugukanda kuri irya shusho iguma yikina amatavu yanditseko « ON AIR » mugomba kwumviriza Radio Isezerano FM canke mukande hariya kur menu kri Iradiyo kugira ngo mwunvirize Radiyo Isezerano.Horaho Imana rero Ibazigame kandi ibahezagire ibihe vyose.

Murakoze!e0cdc619ea3705c2030cf507f47ebf3c-1-XXL-anim

old-black-radio