INKINO BO N’IVYO BINDI VYOOSE BIHIMBARA AMASO BIGAHURUMBIGWA NA BENSHI UMUKRISTO AZI KO ARIKO AJA MW’IJURU AKWIYE KUVYIRINDA CAANE.Irad Ndihokubwayo
Le 17/06/2016
Whatsapp : +265994341922
Hari abashinga intahe ko MPWEMU YERA yabibabujije kuko ari bibi. Kandi kuko Mpwemu ayobora ab’Imana ari umwe kandi ivyo yankira uyu akaba atabikunda no k’uundi : Mwebwe mutarabwigwa ibanga rihishijwe inyuma y’izonkino akanya ni akanyu kuko Mpwemu ashobora kuganira nanyu aciye kuri bene So mugakiza.
Ncuti mukundwa dusangiye urugendo rwo kuja mw’ijuru wari ukwiye kumenya neza ko ingenzi yihutira kwegeranya vyose biyifasha murugendo rwayo ikirinda ivyoyituma isiba canke iceregwa. None natwe ko iyo tuja ari ah’igiciro gusumba, nimba abafata ingendo za hano kw’isi birinda bakiyubara, Tweho tuja mw’IJURU ntitworushirizaho?
Kandi twame tuzirikana neza ko ikintu coose kitadufasha muvy’agakiza ntitwokigira umugenzi kuko YESU Kristo yavuze ati : »Ikitari muruhande rwacu ni ikitugwanya. »
NONE INKINO BO N’IVYO BINDI BIDUSAMAZA (vyitwa ngo ni kuruhurira umutwe) vyoba biri mubitwubaka mugakiza? nimba inyishu ari oya, ibitatwubaka biradusambura. Tugabe caane.
REKA MBABWIRE AMABI N’UBUHUMANE BURI MUNKINO.
•Imigwi myinshi (munkino z’ubwoko bwose harimwo na football) abenshi bakoresha amareba : None umukristo yoshigikira ibikogwa vya SATANI?
•Abakinyi benshi ba rurangiranwa abenshi ni abajakuzimu kandi bafise impano z’ikuzimu. bakoreshwa n’abadayimoni (esprit satanique) ngo bikunde babe ba rurangiranwa : None umukristo gukunda abantu nkabo ugafata umwanya uja kubarorera ingene bagaragaza inkomezi za ya mana yabo y’ikuzimu ukanahimbagwa mumutima ukanezegwa, ukwo si ukwifatanya na BAYALI?
•Iyo inkino ziriko ziraba hama hari impari hagati y’abarorerezi. Ntibikunda ko zirangira atabatukanye canke ngo bagwane : None wumva ikoraniro ryamamwo bene ivyo riba ryakoranijwe na nde? Yesu Kristo akunda amahoro ariko uukunda bene ivyo ni umugwanizi. None umukristo yokwitaba ikoraniro ry’umugwanizi?
•Inkino zama ziba akenshi kumisi ya gatandatu no kuwa Mungu. Imisi izwi caane ko ari iyo gusenga Imana. Kandi ziba amasaha yose no mw’ijoro harimwo : Ko umukristo asabwa kwama ariko yiyibutsa amajambo y’Imana no kuyigako ijoro n’umutaga ngo bikunde ayagendere anayakore kugira ngo ivyiwe bigire amahigwe (Yosuwa 1 :8) ntubona ko SATANA hari umugambi afise?
_Hari abavyita ukwinezereza : Ariko iyo uwo ushigikiye atsinzwe mbe uranezerwa? (kandi nivyo kuko atawama atsinda).
_Hari abavuga ngo bihuza abantu bakunga ubucuti : Ariko nabonye ahubwo biteranya n’abari abagenzi bigatuma abatazinanye bamenyana nk’abansi iyo umwe ashigikiye umugwi watsinze uw’uwundi. Nabonye harimwo n’abicana. (None ivyo koko twe nk’abaja mw’ijuru bidutakarize umwanya?)
Ijambo ry’Imana rivuga riti : »Yesu Kristo yaje mw’isi asiga icubahuro ciwe mw’ijuru ngo aducungure. rero ko tuzirikana ivyo, dukwiye kubaho tumunezereza atari ukwinezereza ubwacu. »
Bino ntibisigura ko tutarekuriwe kunezerwa. Ariko bisigura ngo ibitunezereza vyose bibe ibinezereza KRISTO YESU.
=> None murizera ko inkino bo n’ivyo bindi bihurumbigwa n’Ab’isi YESU Kristo bimuhimbara?
Ego, vyose turavyemerewe. ariko si vyoose bitugirira ikimazi kandi ntanakimwe cokutuganza kirimwo ( 1 KOR 5 :12).[Ariko izonkino ziganza boose bazihurumbira.]
<< Erega ico uhurumbira nico umutima ukunda.kandi ico ukunda nico wama wiyumvira.kandi ico wama wiyumvira nico ushaka kubana.kandi ico ushaka kubana ushima kukigumana no kucamana.>>
Wumva none niwahurumbira inkino zitazakuzimiza kuko aho umutima w’umuntu uri ariho n’ubutunzi bwiwe buri.
Geze vyose ariko mugumye vyiza (1 TESAL 5 :21). None hari iciza wabibonyemwo caruta gukoresha umwanya wata munkino ukaushira muvy’Imana?
•Ntamunezero uruta gusoma Bibilia
•Ntakwinezereza kuruta kwumviriza ubutumwa bwiza mundirimbo canke kurorera ibikorane live canke muma CD, FLASH DISC,..
•Ntabikomeza ubugenzi biruta kubwirana ubutumwa bwiza bwa KRISTO.
•Ntakuruhurira umutwe kuruta gusenga, kuja kuramutsa abagenzi, gusuhuza abagwaye no kuremesha imbabare.
IVYO VYOSE TWITWARARIKA ATAKAMARO BIFISE BIDUTWARA UMWANYA WO GUKORA IVY’AKAMARO.
Ng’ukwo ukwo SATANI yafashe benshi Kuko ugukunda isi n’ibiri muri yo gutuma twanka IMANA kuko ivy’isi vyose ari ivyipfuzo vy’umubiri vyanduruka kuri wa mubi (1 YOH 2 :15-16).
Ariko ndabasengera ngo mubihebe nkuko nabihevye namwe mutahuzwe nkuko nnatahujwe.
Mbinginge buno butumwa mubusangire n’abandi benshi uko mushoboye kugira ngo tubashe kurokora benshi. Gutyo umwanya twatakaza mubitagira ikimazi tuze tuukoreshe mukurondera ibidushoboza kubandanya urugendo n’ibizatuma dushika mubwami bw’ijuru.
YESU ARIWE KRISTO Atahuze imitima igikomantajwe n’ukutamenya.
Mutahure ko ugikora ivyo ugomvye ntuba urarongoorwa na Mpwemu Yera kuko uurongorwa na Mpwemu akora ivyo Mpwemu agomba,
AMEN.