DUSANGIRE AYA MAJAMBO MBONA KO ISHIMIKIRO RYAYO ARI AMASEZERANO IMANA YASEZERANIYE ABURAHAMU
Uhoraho Imana Data wa twese yaremye ijuru n’isi yarasezeraniye abarundi igihugu gitemba amata n’ubuki koko; kirangwa n’ikanguro mu buryo bw’impwemu hamwe n’iterambere riboneka mu gihugu cose. Iryo sezerano benshi barimaranye imyaka irenga mirongo ine, n’ubu baracaririndiriye.
Mu gihe tuzi neza ko ata jambo Imana yavugiye mu kanwa k’abavugishwa nayo rizogenda ubusa, twangomba kuremesha uwo wese arindiriye iryo sezerano yihanganye, kuko imbere ni heza. Ariko twibukanye: kugira ngo umuntu ashikire isezerano ryiwe, hari ivyo ategerezwa gukora:
– Kuvavanura n’imico hamwe n’imigenzo idahesha icubahiro Imana nyene gusezerana, ukikurako n’uwo wese atuma uteba kwinjira muri ryo (Itanguriro 12:1-3; 13:14-15).
– Kwihana no kwiyeza kuri buri wese yipfuza kwinjira mu bihe vyo guhembuka(Itanguriro 17:9-14).
– Gusuzumwa ko ukwizera kw’umuntu hamwe n’ivyizigiro vyiwe biri kuri nyene gusezerana [Imana] (Itanguriro 22:1-18).
→ Inyifato ya Aburahamu ishobora kutumurikira kugira dushike mu masezerano yacu.
→ Abarundi tumenye ko kubwo amasengesho afadikanije n’ibikorwa, vyose birashoboka.
Ndabipfurije gusozera neza iyi ndwi Imana yaduhaye.
