IVYAHISHIRIWE YOHAMI
CHAPITRE 19. Verset 17-18″Mbona umumarayika ahagaze ku zuba; …..abarira ibisīga vyose biguruka vyātiriye ijuru,ati,Ni muze mukoranire amazimano menshi y’Imana »Gereranya muri Ezek 39:17.Bayita kandi intambara yo ku musi uhambaye w’Imana Ishobora vyose(God the Almighty)Ivyah 16:14. Izotangurana(commencera)hamwe n’umumarayika azohamagara ibisīga(les oiseaux)ngo birye imibiri y’abapfuye(pour manger les cadavres) y’abo bazokwicwa(cf Matayo 24:27-28).Imana izotangaza,izomenyesha intsinzi yayo(Sa victoire)imbere y’uko intambara itangura.Isezerano rya Kera rirerekana cane ukubora kw’imivyimba,imibiri y’abapfuye izoba ari indya z’umusi mukuru(le festin) w’ibisīga ku bantu bāpfuye(Gus 28:26;Zab 79:2;Yes 18:6;Yer 7:33;16:4;19:7;34:20;Ezek 29:5). Verset 20″Ico gikōko gifatwa mpiri,bo na wa muvugishwa w’ibinyoma »bisobanurwa ngo:Mu gihe gitoya,ingabo z’isi(les armées du monde)zizoba izitagira abatware(chefs,leaders). Igikōko(la bête)kizoba ari Antichrist(rāba Ivyah 13:1-8);umuvugishwa w’ibinyoma(le faux prophète)azoba ari umugwi w’abantu b’ikidini ciwe(rāba Ivyah 13:11-17). « ……mu kiyaga caka umuriro n’amazuku »bisobanurwa ngo:Umuriro w’iherezo,ikibanza c’igihano kidashira(la place de la punition éternelle)c’abo bose batihanye babagararije hamwe n’abamarayika bagararije canke abantu(cf Ivyah 20:10,15).Isezerano Risha(Nouveau Testament)ivuga cane vy’igihano kidashira(punition éternelle)Matayo 13:40-42;25:41;Mariko 9:43-48;Luka 3:17;12:47-48;Ivyah 14:10-11. « …..umuriro n’amazuku »:Rāba Ivyah 9:17.Ibi bibiri(ces deux)bizoba biri kumwe,bifatanye n’amateka y’Imana(Ivyah 14:10;20:10;21:8;Itanguriro 19:24;Zab 11:6;Yes 30:33;Ezek 38:22;Luka 17:29). Verset 21″……Ibisīga vyose bifunereza inyama zavyo »bisobanurwa ngo:Abanyavyaha(les pécheurs)bose bazoba basigaye mw’isi bazokwicwa,hama ibisīga bizofunereza (les oiseaux se rassasieront)ku mivyimba,ku mibiri y’abapfuye(les cadavres).📖