DUHANEHANE AMAZABURI. Dusangire ijambo ry’Imana riri muri zaburi 119:65-70;Uhoraho, wagiriye neza umusavyi wawe,Nk’ukw’ijambo ryawe rivuga.66,N’unyigishe guhitamwo neza no kumenya ubwenge;Kuko nizeye amabwirizwa yawe.67,Ntarababazwa narazimira;ariko noneho nitondera ijambo ryawe.68,Uri mwiza kand’ugira neza;Unyigishe ivyo washinze.69,Abibone bandemey’ikinyoma,ariko jeho nzokwitondera amateka washinze n’umutima wanje wose.70,Imitima yabo iyagayaga nk’ibinure;Ariko jeho mpimbarwa n’ivyagezwe vyawe.Amen.Nk’uko duhejeje kubibona mur’aya majambo meza yavuzwe n’umukozi w’Imana,biratubereye kwamana amashimwe,n’ukwama twiga guhitamwo neza;Aho lero tuhasanga ikibazo aho abantu benshi bisanga mu ngaruka mbi zitewe n’uguhitamwo nabi!turakwiye kandi kumenya ubwenge aribwo kumenya no kwitwararika amabwirizwa y’Imana.Naho tworemantanirizwa nahonyene dukwiye kwama twitondera amateka y’Imana.Imana Iduhe kugendana nayo,mugire umugisha muri vyose na hose,murakoze cane. http://www.abisezerano.com