UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KUWA 20/07/2016. Bakozi b’Imana,Bene Data,ncuti bakundwa,bana b’Isezerano mwese,Shalom! Twagomba kwibukanya ko ejo aho bukera ku musi wa gatatu igenekerezo rya 20/07/2016,tuzoba dufise igikorwa c’amasengesho azomara amasaha cumi n’abiri.N’ukuva isaha cumi nazibiri z’igitondo gushika cumi na zibiri z’umugoroba.(6h-18h). Amajambo y’urufatiro:1Petero5:6-7,Nuko mwicishe bugufi muri musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi,kugira ngw’izibashire hejuru mu gihe gikwiye. Muyikorere amaganya yanyu yose,kukw’ibababara. Imitwaro:1,Gusengera uburongozi bwose bw’ihanga ry’Imana(inzego)ngo bazigamirwe musi y’ukuboko kw’Imana. 2,Gusenga twuguruza imigisha mu bikorwa vyose vy’ihanga ry’Imana, 3,Gusambuza impwemu mbi zose n’ibitero vya satani, 4,Gusengera abacu n’imiryango iri mu bibazo,abapfungwa,abagwaye,n’abari mu buhungiro. Turangije tubipfuriza ukuroranirwa n’ukugenderwa n’Imana mur’ico gikorwa ciza cane.murakoze cane. Bigiriwe i Bujumbura kuwa 19/07/2016.Abisezerano. http://www.Abisezerano.com