IMBURI YA KANE UMUGISHA W’IMANA MU BURUNDI BUSHASHA, ISIRAYELI YA KABIRI
Eric SHIMA,(Daniel)
“Uhoraho yarahije ukuboko kwiwe kw’i buryo, ukuboko kw’inkomezi ziwe, ati N’ukuri sinzokwongera guha abansi bawe amasaka yawe ngo bayarye, kandi abanyamahanga ntibazokunywera vino wacumukuriye; 9 ariko abazoyimbura nibo bazoyarya, banshime jewe Uhoraho, kandi abazoyamura nibo bazoyinywa, mu ntangaro y’ahera hanje (…) 11 Raba, Uhoraho yabariye abo ku mpera y’isi, ati Ni mubwire umukobwa w’i Siyoni, muti Raba, agakiza kawe karaje; raba araje azanye impera, kandi inyishu yiwe iri imbere yiwe. 12 Kandi bazobita ihanga ryera, Abacunguwe n’Uhoraho; kandi uzokwitwa Aharondewe, Umurwa utahebwe” Yesaya 62:8-12
Bujumbura, Kuwa 10 Ndamukiza 2016
BIRIMWO
INTANGAMARARA
IGIHE UMUGISHA UZIYEMWO N’INGENE UZOZA
UMUGISHA WO MU BURYO BW’IMPWEMU
UMUGISHA UGARAGARA WO MU BURYO BW’UMUBIRI
Amazi yo mu masoko
Energies renouvelables canke umuyagankuba udahera.
Quartier social muri Bujumbura Rural:
Ibikorwa rusangi :
Gukorera hamwe
Tanganyika : amafi menshi
Gutera ibiti vy’inkwi n’ivy’ibidukikije :
Ibiti n’amashamba
Uburimyi mu Burundi : Ubuhinga bwo muri Malaisie.
Politike y’ubutunzi yitaho kuzamura abakene, Politique pro-pauvre :
Itunganywa ry’amabarabara canke Réseau routier mu gifaransa :
Kaminuza y’Uburundi:
Kwitaho intara zikenye kurusha izindi nka Cankuzo,
Urutonde mu nyubako .
Gutunganya neza ama Parkings canke ibituro vy’ama bisi
Gutandukanya parkings z’ama bisi, amapikipiki n’amakinga:
Isuku ku mabarabara no mu bibanza vy’abantu benshi:
Gutunganya neza urudandaza mw’isoko rya Bujumbura no mu masoko makuru makuru :
Gukingira ibiti n’amashurwe bitewe ku mabarabara :
Uko dukwiye kwirinda mu bibanza birimwo abantu benshi :
Inzitiro z’ingogo
Ubutunzi bw’igihugu :
INYIFATO IKWIYE KURANGA ABARUNDI MURI IISIRAYELI YA KABIRI
Uburyo Uburundi bukorana n’amakungu :
Gusambura ibigirwamana:
Inyifato Abarundi bakwiye gusezerera :
Isuku ku mubiri no kwigenga ubuntu:
Gukoresha neza umwanya ku musi :
Inkino
Ubunywero bwo ku mabarabara :
Kwitandukanya n’abanyamahanga : Gusubira mu vyagezwe (Gus.7 :1-6)
INDUNDURO
Notes
IBIRIMWO
INTANGAMARARA
IGIHE UMUGISHA UZIYEMWO N’INGENE UZOZA
UMUGISHA WO MU BURYO BW’IMPWEMU
UMUGISHA UGARAGARA WO MU BURYO BW’UMUBIRI
Amazi yo mu masoko
Energies renouvelables canke umuyagankuba udahera.
Quartier social muri Bujumbura Rural:
Ibikorwa rusangi :
Gukorera hamwe
Tanganyika : amafi menshi
Gutera ibiti vy’inkwi n’ivy’ibidukikije :
Ibiti n’amashamba
Uburimyi mu Burundi : Ubuhinga bwo muri Malaisie.
Politike y’ubutunzi yitaho kuzamura abakene, Politique pro-pauvre :
Itunganywa ry’amabarabara canke Réseau routier mu gifaransa :
Kaminuza y’Uburundi:
Kwitaho intara zikenye kurusha izindi nka Cankuzo,
Urutonde mu nyubako .
Gutunganya neza ama Parkings canke ibituro vy’ama bisi
Gutandukanya parkings z’ama bisi, amapikipiki n’amakinga:
Isuku ku mabarabara no mu bibanza vy’abantu benshi:
Gutunganya neza urudandaza mw’isoko rya Bujumbura no mu masoko makuru makuru :
Gukingira ibiti n’amashurwe bitewe ku mabarabara :
Uko dukwiye kwirinda mu bibanza birimwo abantu benshi :
Inzitiro z’ingogo
Ubutunzi bw’igihugu :
INYIFATO IKWIYE KURANGA ABARUNDI MURI IISIRAYELI YA KABIRI
Uburyo Uburundi bukorana n’amakungu :
Gusambura ibigirwamana:
Inyifato Abarundi bakwiye gusezerera :
Isuku ku mubiri no kwigenga ubuntu:
Gukoresha neza umwanya ku musi :
Inkino
Ubunywero bwo ku mabarabara :
Kwitandukanya n’abanyamahanga : Gusubira mu vyagezwe (Gus.7 :1-6)
INDUNDURO
Notes
INTANGAMARARA
“Erega Uhoraho Imana yanyu ni we Nyene ijuru, mbere ni Nyene ijuru risumba ayandi, bo n’isi n’ibirimwo vyose” Gus.10:14
Ino mburi ifitiye ikimazi canecane abasomye imburi zitatu za mbere, kuko izo zerekanye iyo umugisha uzanana. Imburi ya mbere yasohotse mu kwa kane 2015 yavuga ku bigiye kuba mu gihugu bidasanzwe canke bigaragara nk’amagume ku gihugu n’abanyagihugu hamwe n’ibibizokurikira ayo magume aheze. Yarerekana impinduka igiye kuba mu buzima bwa politike hamwe n’ubw’ishengero. Imburi ya kabiri yavuga ibanga riri mu ntambara iriko iraba mu Burundi n’inyifato umukristo w’ukuri akwiye gufata, hamwe n’ingene dukwiye gusengera igihugu. Imburi ya gatatu yaburira amashengero, ibereka ibigoye amashengero, ibigiye gushikira ishengero muri rusangi mu Burundi bushasha, ikangura cane cane abaherezi bari imbere y’abandi ngo bitegurire ikanguro, bave mw’itiro ry’urupfu no mu kugabitanya. Mu nyuma y’izo mburi zitatu hasohotse ukwayo imburi ku ngaburo yera, Sainte cène mu gifaransa, igizwe n’impapuro 16, iyo ikaba yaciye ishirwa mu mu mburi ku mashengero.
Ubu dusohoye imburi ya kane ivuga ku mugisha Uburundi bugiye kuzobamwo mu nyuma y’iyi ntambara, ikaba ariyo mburi ya nyuma isohotse imbere y’uko Imana ikora ivya nyuma vyo kurangiza intambara bigiye kuba nk’uko Imana ibinyemeza. Ndabakangurira rero gusoma imburi za mbere zose kugira muje mu mpwemu iyi mburi yandikiwemwo, nayo ahandi muzoyisoma nk’abariko basoma ivyandiko vy’abanyamakuru, mwimenyere udukuru ataco tuzobamarira, canke tuvuga ivyo mutazonabamwo. Kuko, bene Data, umugisha uva ku Mana Data ni uw’abihanye, si uw’abasomye bari n’ivyo bazi bagaca babaho bidigadiga gusa.
Ndabibutsa nshimitse ko umugisha w’umu Kristo, ni Kristo we nyene. Iyo ni ingingo ya mbere. Yumvikane neza, kuko abandi bishimiye ibindi : bishimiye imigambwe yabemereye ibiti, kandi iyo igiye kutazobaho muri kino gihugu kigiye kwinjira mu burongozi bw’Imana yo mw’ijuru. Iyo, ikoresheje abo ivugisha n’imbaraga zayo, izokwishiriraho abarongozi yo yemera. Abandi bishimiye abantu buntu, bafise imirimo yitwa iyidasanzwe mu gihugu canke mw’ishengero, abandi bishimiye abagwizatunga babegereye bakizera ko bari n’ico bazobamarira kandi ivyabo nimba vyavuye mu kugabitanya bishobora kuzojana n’iyo mvura, ahari inzu zigerekeranye n’izijererenze amabara y’ubwoko bwose zuzuye ibitayega hagahinduka iwabo w’ibihuna canke hakaboneka umunyota gusa nk’uko Imana yigeze kubinyereka mu muji. Yemwe batunzi mwihane, mwezeshe ivyanyu mu kwakira agakiza no mu gukorera Imana mu vyanyu. Abandi bizeye abapfumu babo b’agakura, ariko ndazi ko mwonshingira intahe ko benshi mubakora ivyo vy’ubuyobe mumaze kumaramazwa n’abo mwishimiye, ku buryo n’abaheruka gukoza ibiboreza mu kanwa haraheze imyaka irenga icumi basigaye « bidroga » canke biha ibiboreza umusi ukira, kugira ngo ikibashikako giturumbuka ntibacumve. Akira Kristo rero, kuko muri we hari vyose ; niwe atugwatiriza mpwemu, kandi ni we nyene ifeza n’izahabu nk’uko bibiriya ivuga.
Ingingo ya kabiri : Abarundi, kuko twasezeraniwe n’Uhoraho yatwemereye ikanguro ry’imitima yacu, n’iterambere rigaragara, twiteze umugisha uva ku wadusezeraniye. Vyumvikana ko tuwunyakurisha ukwihana atari mu buryarya bw’ibikorane bivanze no kugabitanya canke kwegera abakuru bakijijwe ngo tubaronke kw’ibiti. Imana ntihendwa. Mbere nkanguriye kwitatura n’Imana abo bose babihitiyemwo, kuko vyari vyarabaye ingwara imeze nk’itavurika. Bene abo Imana yabise ngo ni abasenga ibigirwamana. Begere Kristo badatinya, bature mu kuri baharirwe ha guhunga igihugu.
Ingingo igira gatatu : Turiteze nk’uko Imana yabivuze, kwezwa cane mu mpwemu biciye mu kwumva ubutumwa bw’ukuri, kwatura mu kuri, no mugukuraho ibiterekwako amatara Imana itishimiye. Ayo ni amashengero atashizweho n’Imana, canke yakase agafata inzira ya Shihori. Tuzoronka n’umugisha wo mu buryo bw’umubiri nk’uko bibiriya ibitwemerera, uyo ukazozanana n’ubugororotsi buzoza mu gihugu nk’uko maze kubibandikira mu mburi mwasomye.
N’uko rero, bene Data, Barundi, Barundikazi, tugire inguvu zo kwegera umusaraba. Ntitwongere kuvuga imvugo z’uburyarya zivuga ngo « nakirijwe aho ndi » ziva mu kwizigitira ku madini no mu kwitiranya idini na Kristo. Ndababwira ko abanyedini bazohabwa umugisha n’idini, abene Yosefu bazohabwa umugisha na Yosefu, abene Mohamedi bazohabwa umugisha na Mohamedi, abene Mariya bazohabwa umugisha na Mariya, abene Migurumiko bazohabwa umugisha na Migurumiko, abene Beyonce bazohabwa umugisha na Beyonce, abene Kristo bazohaba na Kristo. Jewe mpisemwo Kristo twahawe, yanatubambiwe, uwavuze ati : Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Hitamwo nawe. Mwibuke uko Yesu yishuye abirata kuba abene Aburahamu : yababwiye ati : mwame ivyamwa bikwiranye no kugororoka gusa kuko n’aya mabuye noyakuramwo abana ba Aburahamu. Iryo ni ijambo ry’Imana, ntimuvuge ngo mbaciriye imanza.
Abezwa uko Yesu Kristo yavuze, baronka umugisha yabavuzeko, kandi ntawuvanga n’umubabaro. Birazwi ko Satani atanga umugisha, ariko, uwiwe uvanzwe n’amarushwa menshi kuko uwiwe uzanana i kuzimu. Ingo zatanze ibimazi kwa Satani, iz’abasuma n’abaraguza, zirazi ingene umugabo n’umugore batunga amazu meza, umwe wese agahindisha umuduga ashaka, ariko inyama nziza bakayirenzako inkoni zitari mu rutonde rw’ibitekwa, bakanamara imyaka irenga mirongwibiri umwe wese arara mu cumba ciwe. Mu manza bakagira uburyarya bwo gutamikana nk’abakundana ngo ntibahinyuke. Mbere abiyerekana mu ngeso bene izo zo gutamikana mu bantu no gusomanira mu bantu nabonye urukundo rwabo rumeze nk’impuzu yanduye, nk’inanasi yagonzwe n’umuduga. Ariko igishika cubakiwe ku muryango w’umunwa co kimeze nk’ubuki burimwo udusenyi duke gusa.
Abezwa uko yavuze, ubwa mbere muzogororoka bimenyekane. Ukugororoka kwanyu, kuko kurimwo ubushobozi, kuzokwirukana impwemu mbi z’inyatsi n’iz’ubugizi bwa nabi bunyuranye. Izo zigiye zizobisa uburumbuke, umugisha ugaragara winjire. Tuvuze umugisha rero mwumve ivyo bibiri : kugubwa neza mu mpwemu biva kukubaha Imana, no kubaho neza mu bigaragara biva ku Mana Nzima. Gire umwete wo kwegera umusaraba rero tujabukane. Uburundi ntibwagenewe ivyo muhitiye mubona vyo kurara musi y’ibiraro ku bana b’igihugu, kwicaranako mu miduga igenda irafumba imyotsi ibarabara ryose, kugira umwanda muto na mukuru mu bibanza vy’abantu benshi bitateguriwe ico, no guhonyanga amashurwe leta yateye ku mafaranga menshi bidahanwa n’uburyo na bumwe mu muji ufise polisi, n’ibindi nk’ivyo. Ivyo birarangiye. Si ubwome ku gihugu. Abezwa turabivuyemwo. Imana yatwemereye kuzobana nayo, ivyo bibi vy’umubiri navyo ntibinezerererwa namba. Umwanda utera Uhoraho ishishi. Ijambo ry’Imana rivuga ko aho uri Imana ihahunga. Gus.28:1-14 Imihezagiro n’imivumo. Ezwa, tujabuke. Amen
IGIHE UMUGISHA UZIYEMWO N’INGENE UZOZA
“Raba uyu musi mbashize imbere umugisha n’umuvumo: uwo mugisha muzowuhabwa ni mwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho, Imana yanyu, ivyo mbagera uyu musi; uwo muvumo muzowuvumwa ni mutumvira ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu, mugakikama mugata inzira mbagera uyu musi, mukagendanira izindi mana mutigeze kumenya” Gus.11:26-28
Uhoraho ati: “Nshenye Arusha, imigambwe na demokarasi”. Uhoraho arongera ati : “Je refuse les urnes ethniques”. Ni ukuvuga ngo : « ndiyamirije amatora ashingiye ku moko». Twihweje ingene isi itwarwa muri bino bihe, ntitworeka kuvuga ko amajambo nk’ayo atsitaza. Ariko atsitaza abanyamubiri bagumiza ubwenge ku vyo biyumvira. Muri ino si hari ubwami bubiri, bumwe n’ubw’umwe yikakisha ataco ashoboye ku batoranijwe, Satani, ubundi ni ubw’Uhoraho, umwe yakororera Satani i kuzimu. Ubwo bwompi burwanira abantu mw’isi. Abagize ya Pasika y’ukuri imwe yakorwa na Kristo Yesu mu kwemera ivyabaye ku mu saraba no mu kubatizwa mu mazi menshi bakagwatirizwa Mpwemu Yera, bakemera kuba mu burongozi bwiwe, ni bo bari mu bwami bw’Imana. Abo, ivyo baravyumva bakanavyatura mu bagararije no mu bitazi. Abo ni nabo bazi ubwenge kuko Bwenge ni Kristo, kandi Danieli yavugishijwe kuri bo ati : Abazi ubwenge bazobitahura.
Abagikora pasika nyinshi, zimwe zo kubaga amasake no kunywa amayoga mu tubare, Yesu yongeye gupfa, uko umwaka utashe, naho nyene tweho tuzi ko atazongera gupfa, ahubwo ari mu bwiza bwiwe, gushika igihe azogarukira, abo, barumva ayo majambo bagatangara. Kuko baguwe neza mu vyo ubwenge bw’abantu bwashizeho. Kuko bakiri mw’isi mu buryo bw’impwemu, naho buzuye mu madini atandukanye basengeramwo bahimabaza za Noweli, bakumvira umunezero mu birori bakora bakikuje wa mudayimoni Père Noël, ari abitwa ko bakijijwe n’abadakijijwe, baguwe neza mu vyo isi yashizeho. Ntituyobewe ko abashizeho imigambwe, demokarasi canke intwaro ishingiye ku moko atari Abarundi babishizeho, ariko, akagwi k’abantu bafise inguvu nyinshi kuzuye umugararizo wo kuganza isi, ni ko kabitegekesheje isi n’Uburundi urwenge rwinshi, kugira bashikire ivyo bifuza vyo kugenzura canke gukontorora isi, bayikoreshe kandi banayisoromemwo ivyo bashaka. Mbivuze muri make ariko ni birebire.
Senge mwumve n’ivyo ntavuze. Iki ni igihe ku Mana co gufukura ivy’ayo mabanga isi imaze igihe itwarirwamwo, abantu bakibaza ingene ibihugu bitunze kurusha ibindi ubutare, agataka, amazi, ibiti, na peterori vyo muri Afurika ari navyo bikenye kurusha ibindi mw’isi. Ve mw’itiro musenge mubaze Imana ivuga. Jewe ubwanje nanje nigiye ivya politiki, International peace studies, mu kingereza, ariko ntivyampaye kubimenya, ntarasenga ngo Imana ivugane nanje. Iyo utarasenga, ibindi vyose, bagenzi, ni imana z’igiti. Abize n’abatize, ce bugufi musenge iyarungitse ba Daniyeli gusigurira inzozi umwami. Kwiga ni vyiza, mbere ni vyiza cane. Ariko Daniyeli nta MPhil, Msc, canke PhD. Yari afise. Ayo ni ama diporome abaminuje cane bafise bakibaza ko bari n’ico bazi.
Muti none ibi vyose bizoba Uburundi burongorwa na nde ? Ugiye kurongora igihugu sindamubwirwa neza, ariko Imana yaranyeretse ubwa mbere bamwe mu barongora batatu bakomeye bishwe. Haba uruhagarara, biboneka umungo ubutegetsi burakuwe. Ivyo bishobora kuba igeragezwa ryo gusengerwa kugira ngo urupfu rutari mu buryo bw’ivyo Imana ishaka ruveho.
Uguhindukirira Yesu mu kuri kw’abavugwa gushobora guhindura ibintu nk’uko Uhoraho abivuga muri Yeremiya 26 :1-6. Kuko ikiraje ishinga Imana si uko abantu bapfa, n’uku bigaruka nayo ikareka ibibi iba yamaramaje kubagirira. Umuvugishwa rero arashobora kuvuga ko Bitumva azopfa agapfa, akavuga ko Ntezamatwi azohambwa nabi kubera ububegito bwiwe, ntanapfe kubera yihanye ububegito bwiwe. I Ninewe bihanye Uhoraho yagaritse ivyago yari yamaramaje kubagirira. Nimba rero Abarundi biminogoje mu kibi bariko barihana, abicwa n’abibwa n’abafatwa ku nguvu, n’abafatirwa ubusa, n’ababesherwa, bazobimenya. Si Imana gusa. Iyo nayo ica imanza, izobaharira.
Ikinezereye n’uko nashoboye kuburira abo bavugwa, ukuri kwose bakaba bakuzi. Ikindi, nabonye mbona Nyangoma aje mu Burundi akakirwa n’abagore babiri. Ivyo bishobora gusigura vyinshi, kimwe muri vyo kukaba ari ukwakirwa n’imigwi ibiri y’abantu batavuga rumwe, bakumvikana kubana musi y’uburongozi bumwe. Umugore ni ishengero, kandi ishengero ry’Uburundi, ubu riboneka ryiciyemwo kubiri : bamwe barumvira ubuhanuzi buva ku Mana bagakora ivyo isaba kugira ngo bajabuke, abandi baguma batoteza abakozi b’Imana ngo baragumura abandi kuko batariko bavugishwa ivyo bo bipfuza muri kameremere zabo zatewe n’ingese zo kutumvira Imana. Imana ifise umugambi w’ukutugira umwe. Kugira ibishikeko, igiye gukorora imvura nyinshi cane ivanze n’urubura kugira ikomvomvore mu mitima yacu ivy’idakunda vyose bidutera ubugarariji. Ivyo, uvyiyambura ubu, imvura ntaco izomugira. Ariko uvyigumizako, akabwira Imana ati : « N’utwiziguruke » nk’uko Abisirayeli bigeze kuvuga, bakavuga bati dufise imana zacu, niyo mafaranga, n’ibirwanisho, n’abapfumu bacu, n’abadushigikiye, abo, sinobasiga inkore ku maso, Imana ntindandurane nabo, iyo mvura irabahitana nta kabuza, ibahitanane n’ababatera akaborerwe, uko boba bakomeye uko ariko kose.
Jewe numva ikinfitiye ikimazi atari kumenya uwimirije gutwara uwo ari we ; icompa hakaza uwo ari we wese Imana yo mw’ijuru iriko iritegurira. Ahubwo igifise ikimazi ni uko iyo mvura ivugwa yoza namaze kwiyambura ivyankwa mu nyonga z’Imana. Nawe nguteye intege, wiyambure amacakubiri, ubwicanyi, ishari n’inzigo, ubusuma bwatabaguye Uburundi haraheze igice c’ikinjana, ukurya ibiturire n’ukubitanga, kuvugishwa ibinyoma (kuvugishwa ivyo bibiriya yera itavuga), kuraguza, kuroga, gukwegesha ubutunzi icubahiro n’ubutegetsi. Ivyo vyaboheye Uburundi n’Abarundi mu maboko y’umwansi w’ikuzimu. Ivyo ni vyo bitumye Uhoraho yisidukira.
Nfatiye ku barongoye igihugu bose kugeza uyu musi, batatu muri bo berekanwa nk’abimonogoje mu kuraguza, banatanga amaraso y’ibimazi vy’Abarundi kubera inyungu zabo. Bamwe muri bo narabandikiye. Mbateye intege ngo bihane, begere abakozi b’Imana bakijijwe atari ba nsumirinda kandi atari abanyedini ; babafashe. Ikimazi Yesu yatanze gisumba ibimazi vy’ampfizi n’ivy’abantu abarondera ubutegetsi batanga, kandi vyoza ivyaha rwose. Banguka, ubwato bugira bwugare, niko Uhoraho yanyongoreye mu mpera z’ukwezi kwa gatatu 2016. Mbona umuryango uriko urugara. Soma Itanguriro 6: 1-14 na Itanguriro.7:10-12, hama mwinjire mu bwato vuba. Kuko, ehe, raba, Imana yashingiye ikintu cose igihe caco, niko umusiguzi avuga. Avuga neza na neza ati: « Hari igihe co kuvuka n’igihe co gupfa; (…) igihe c’intambara n’igihe c’impore ». Umus. 3 :2-8.
Ubwato bwa mbere Nowa yabukoze igihe kirekire, ategetswe uko abukora n’ubwoko bw’igiti abukoramwo. Ubwato bw’ubu, Imana ishimwe, burakoze, buhinguwe neza mu giti cisa mu bindi vyose kandi ciza, catoranijwe n’uwaremye vyose. Utudirisha n’irangi, eka mbere n’ibiribwa muri bwo, vyose birateguye. Ubwo bwato ni Yesu Kristo. Amen. Umwe yabwira wa munyasamariyakazi ati: “Nyizera, nyina wanje” (Yoh.4 :21), ijambo n’uyu musi ritarumvikana. Uyo mugore yariko abaza Yesu aho kwinjirira ngo yemerwe. Iyo nyishu n’ubu yanse kubumba abantu, ni co gituma bariko bitunganiriza amadini ha kwinjira mu bwato, ari bwo shengero rimwe gusa mw’isi yose ryashizweho na Yesu, akarishirishaho kubambwa ku musaraba, yitanze wese. Itange mu vyanyu namwe muronke umugisha.
Manika ivyanyu nk’uko Yesu yamanitse umubiri wiwe, muronke umugisha uva mw’ijuru. Manika inka 20 mu nka ijana zawe usohore abarwariye mu bitaro, manika uruzu rwawe rugerekeranye, usomeshe nk’abanyeshure ama jana abiri ; manika inzu zawe utabamwo abakene bazibemwo ku buntu, manika imiduga yawo iparikinze mu rugo yunguruze abariko bavuga ubutumwa mu kuri mu gihugu cose. Manike ivyanyu, banyedini mwe, ivyo mwumiyeko mukizivya amatwi, Uhoraho amanure ivyo yasezeraniye abayikunda. Luka 18 :18-27 : Umutunzi.
Bakundwa ba Isirayeli ya kabiri, ibi biroroshe kuvuga kurusha gukora. Mvuga uku nanje nniha, nifuza ikinkura aho ngeze. Kuko Imana idahinduka, ico nzi ni kimwe : n’uko ico yabwiye urya mukuru w’isinagoga w’umutunzi, ari naco ibwiye n’umunyedini arongoye idini ry’uyu musi, n’uwundi wese yifuza kujabuka. Ico nyene nico akubwiye wewe uriko urasoma, kuko ijambo ry’Imana ari rizima ritavugana n’abapfuye, ariko rivugana n’abazima, ubu rivuganye nanje. Nimba udahajije unsengere. Ikibazo n’uko hari abitwa ngo barizera, basamye gusa barindiriye manu iva mw’ijuru, ariko bakanka kugira ico bamanika, ngo Uhoraho agire ico amanuye. Bene abo barangwa n’aya majambo y’abuzuye ukwifuza avuga ati:
Hewe vya bintu ni ryari?
CNARED izoza ryari ?
Naka azopfa ryari ?
Twa dusore tumaze imisi tutumena amatwi muzoducira imitwe mu gasho ryari ?
Naka azohabwa amasaha 24 ryari turonke amahoro ?
Hewe, ntaco urerekwa ?
Bene abo ntibanyotewe kwihana kugira ngo Imana yishure, banyotewe ko hagira bamwe baca amazosi abandi kugira ngo bime. Ariko nimba mukeneye ico neretswe, ntikinabuze, neretswe urugi rw’ubwato ruriko rurugara. Injira muri Kristo, uve mu rusaku. Ibihe ni ivy’Imana kumenya. Abinjiyeyo n’uyu musi turi mu mugisha, kuko dufise amahoro ibibomborana bibomborana. None umugororotsi ntabaho umwansi atarinze gupfa kugira ngo ukugororoka kw’Imana guserurwe n’ibinoko ataco vyotera ubwoba ? Ikindi namenye, n’uko musi y’izuba twese turi ibumba mu kiganza c’Uhoraho (Yeremiya 18 :1-17). Kura ibinoko ku mwansi, Uhoraho akurwanirire. Rangamiza mu kirere wirabire ayo mafarasi atagira amababa ; ntasubira inyuma atakoze icayazanye. Mbega ko mu mburi ya mbere n’iya kabiri, nayabonesheje amaso y’impwemu, abakerebutse bakaruhira kubonesha amaso y’umubiri ibicu ashushanijwemwo mu kirere co mu Rwanda, abandi i Burundi, mbega izigaragara ntizije ?
Ariko abihanganye múnezwe ico Imana ikora, atari ico abantu bakora (kuko ataco umuntu azokorera igihugu atagikoreshejwe n’ijuru), abatariko bihamagarira ikiza ngo ni kize (kuko atari umusi wo kurya no kunywa ariko ari uwo kugendera mu bitenga vy’amaraso), ariko baduze ku munara muremure bambaza iyimika abami ikabimukurura bayibwira bati : shitsa ivy’ubugombe bwawe kw’ihanga ryawe wahisemwo, abo, izuba ry’ubugororotsi rigira ribakire, inkota ya Ezekiyeli 21 ihéjeje igikorwa cayo. Umuco uraza abansi b’Imana bahunge igihugu, maze iterambere rirabishwa amaso rikurikire. Mube maso ntimubidibamemwo, kuko Umwami atazoteba guhwikira, ayandi mashurwe acama izindi mbuto. Ivyo bitaraba, ama urukundo. Amen.
Eric SHIMA, MPhil (Daniel)
Intumwa y’Imana
E-mail :shima.eric@yahoo.com
Facebook: Eric Shima/Groupe: Dignity Ministry,
WatsApp: +257-79 108 734