KURI WEWE WARI MUMASENGESHO Y’IMISI ITANO NKUKO IMANA YARI YAYATEGETSENGO NIMUYUBARAREKO KUKO IGIRA IKORE IKINTU GISHA, IGIRA ICE INZIRA NO MUBUGARARWA KANDI IGIRA ITEMBESHE INZUZI AHAGADAGURITSE, ARIKO KANDI NAMARIRA KUBAGAMITSE IZOSI BANKA KWUMVA
Iri nijambo ryavuye k’Uhoraho Imana isumba vyose.
Ryaciye kuri mweneso, MANIRAKIZA RICHARD, muri Kristo Yesu umwami wacu.
Benedata muri Kristo Yesu, ndabaramukije amahoro y’Imana.
Kubantu mukunda gusoma ivyo nandika ndabasaba ngo mumbabarire kuko ntarimperutse kwandika. Vyatumwe nuko naringize imisi mungendo hama yizongendo ncandagwara kuko satani atatunezerererwa ariko yaratsinzwe mwizina rya Yesu Kristo. Ubu numva nagarukanye utuguvu. Kandi amasengesho mwarimwo twarikumwe naho ntarimerewe neza mumubiri.
Imana Data wa twese, iyo idutumiriye kugira amasengesho iba ifise impamvu. Rero nagira ndabashikirize ico Imana yavuze mwijoro ryo kuwakabiri umusi mwari mumaze canke mushoje amasengesho y’imisi itanu. Nkuko Imana yarisanzwe yaravuze ko ukukwezi kwa munani abantu mutegerezwa kwiyeza nogusaba ubugombe bwayo, ariko kandi mwibukeko kubagamitse izosi ko ukukwezi kwamunani ari amarira gusa. Aho abandi bazohabwa imigisha kurabo batumviye namararira kuribo kuko harico Imana ishaka gukora. Ijambo mwahawe riri muri YESAYA 43:1-4, 14-22, 25-26; KUVAYO 14:13, 14; ABAROMA 8:31-33; ABAHEBURAYO 11:31-35. Ariko ubutumwa nyamukuru buri muri YESAYA 43:19 ngo nimuyubarareko kuko igira ikore ikintu gisha, igira ice inzira no mubugararwa kandi igira itembeshe inzuzi ahagadaguritse, ariko kandi namarira kubagamitse izosi banka kwumva. Nkuko yabivuze ukukwezi nukwimigisha kubumviye kandi nukwamarira kubatumviye. Ubu ntamburi zigikenewe kuko nishitswa ryivyo yasezeraniye gukora kugihugu cacu. Amakungu yarananiwe, reta yarananiwe, eka na opposition yarananiwe gutorera umuti ikibazo c’uburundi. Bantu muriko muhendwa mukaja kwica benewanyu ngo niho muriko mutorera umuti uburundi nabarundi, muragowe nimwe muvugwako mugiye kurira. Nimwikebuke amazi atararenga inkombe kandi muraharirwa.
Murayo majambo yatanzwe aho hejuru, Imana itanga akarorero kubanyisraeli ingene batabawe kandi batabona iyubutabazi bwari guturuka. Usomye igitabo co KUVAYO 14:13-14, harerekana neza ko “aho abantu batabona inzira ko Imana ibishatswe ihaca inzira”. Ninacogituma muhamagarirwa kwihana nokwiyeza hamwe nogusaba ubugombe bwayo.
Ncuti za Yesu, nimwakire ijambo ryihumure so wanyu ariwe Data wa twese yaturungikiye, muryizere kuko niryanyu. Igiye gukora ikintu gisha kandi ngo mugiye kukibona. Abahizi bokwizera nkuko vyanditse mugitabo c’ABAHEBURAYO 11:32-35 nimushikame kuko vyose mukwizera muzobishikirizwa uko yabivuze atanakimwe kivuyemwo.
Yesu abahezagire cane mwebwe mwakiriye irijambo. Mushime kuko iyavuze irashikije. Igihe c’imburi siki ahubwo nukwitega ishitswa ryivyo Imana yadusezeraniye. Abihana muhawe karibu. Abiyeza mubandanye igikorwa cokwiyeza mwongera mwisabira ubugingo.
Yesu abahezagire.
Yari, MANIRAKIZA Richard, mweneso muri Kristo Yesu umwami numucunguzi wacu. AMEN