Tuje kuziko,twegeranire ku gicaniro twibukanye igihe aho kigeze,tubazanye utubazo tubiri gusa:1;Mbega murabona aho tugeze?2;Twaremeye,twoba twemera kugendera mu bugombe bw’Imana?Uwahamaye yari i Seyiri aho ab’Isirayeli bahamaz’igihe bahazenguka kubw’ubugaragwa n’ibisozi birebire vyari bihari,bivanye n’uko bakekeranya mu mitima yabo bakama bava mu bugombe bw’Imana ahanini babitewe n’ubumeremere bwabo,nivyo vyatumye bahatebera ariko igihe c’Imana kigeze babwirwa ngo:At’Igihe mumaze muzenguka iyi misizi kirahagije,ni mukevye mugende mwerekeye i buraruko.gus 2:3.Namwe muribonera imyaka tumaze mu buja no mw’izinguzingu kandi tuguma turirimba twongera tuvyina amasezerano.Mpwemu w’Uhoraho arabivuga avyeruye ko ar’igihe co gukevya!ugukevya n’ukuva mu nzira imenyerewe ugaca muyindi kandi ishika!Bene Data ibihe vy’amajambo vyaheze,turinjiye mu bihe vy’uguhinda,ugutigita kw’isi,umwiza gutwikirq imisozi,imituragaro n’umuriro,kuko ingabo z’inkomezi z’Uhoraho ziriko zisuganya,ziragavye cane,mbere zibanze amatwi zitegereje akamo k’inzamba,kuko ya saha y’Uwera igeranyeko.yow 2:1-11,Umwami wacu abakore ku maso,twikangure twese,inzamba zirayaze,muhaguruke twitegure gutabara ibendera y’Umwami ituje imbere,uwo musaraba uturongore,Dusangwe Imana Uburundi n’Abisezerano.