Amajambo y’igikundiro

Aya majambo nayakunze mwihangane muyasome mwitonze🎀💕 Imvura ikomeye itwibutsa intambara mu buzima. Ntuzusabe ko hagwa imvura nke, ahubwo uze usabe Imana umutaka mwiza wugamamwo iyo mvura kuko utoyibuza kugwa yaramutse igwa.

🎀💕Ubuzima ntiburonderwa n’umuntu ukwiwe, ahubwo ni urondera imibanire myiza n’abantu. Si na vyiza cane kwita kw’i tanguriro, ahubwo kwita kw’ iherezo ryavyo nivyo vyangombwa. 

🎀💕Har’ubwo abantu baterera amabuye munzira ucamo. Ariko akenshi Biterwa n’ivyo mwakoranye: si ngombwa kwita kuri ayo mabuye ic’ingenzi nukumenya uburyo uyacamwo

🎀💕Rondera umutima mwiza, ureke ubwiza, kuko ibisa neza ntibihora ari vyiza. Ariko ivyiza vyama bisa neza. 

🎀💕Si ngobwa kunigana n’abakugwanya canke abakwanka har’aho biterwa n’ibihe ugezemwo, ahubwo menya Ko niwatabarwa bose bazohindukira bakaba incuti zawe

🎀💕 Iyo ubuze ivyizigiro, ukumva ugeze kw’ iherezo, ibuka Imana usenge, ni uguhengama gusa kw’igihe gito, si iherezo. Aho tunaniriwe Imana iratabara.

🎀💕Gira ukwizera umenye ko hari ukunesha mu buzima. Itandukaniro ry’abantu n’Imana: Imana iratangaaaa kandi ikanababarira. Abantu bo barakira ariko bakibagirwa gushima. Uze umenya gushima mu buzima niho uzohirwa .

🎀💕Niba utekereza ko uvyutswa n’isaha isona, uzoyishire hafi y’uwapfuye urabe ko avyuka, uzosanga uvyutswa n’Ubuntu bw’Imana gusa. 

🎀💕 N’ushika ahantu abowagiriye neza, wafashije, wareze baguhagurukira kukurwanya no kugukorera ikibi ntibize bikubabaze uzumenye ko atari wewe wa mbere ikirenze ivyo uze wibuka ko na Yesu babimukoreye.

🌹Ivyo wakoze bizibukwa n’Imana gusa kuko umuntu adafise Imana canke yavuye mu buntu bw’Imana imyaka yose ni umuhemu.

🌈 Ntucik’intege rushirizaho gukor’ivyiza kuko Imana yo itigera yibagirwa ,ivyiz’ukora bizoba icibutso mu gihe c’amagorwa.

Niba ushimye aya majambo yarungikire incuti zawe zose, ubabwire ko TUBESHEJW EHO N’UBUNTU BW’IMANA….