UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KUWA 10/08/2016. Bene Data mwese,shalom! Twagomba kwibukanya ko aho bukera k’umusi wa gatatu,tuzoba dufise amasengesho azomasengesho azomara amasaha cumi n’abiri, kuva isaha cumi na zibiri z’igitondo gushika isaha cumi na zibiri z’umugoroba,(06h-18h)Ijambo ry’urufatiro: N’ugushikama nk’uko tubisanga muri yosua:1:5-6.
Imitwaro:
1. Gusenga twuguruza Kugira ngo haboneke uburyo bw’ibikenewe.2. Gusenga dusaba Imana inkomezi zo gushikama mugakiza.
3. Gusenger’abari mu bibazo,abapfunzwe,abangajwe, abagwayi, impfuvyi,abapfakazi n’ababuze ababo. Abarongozi bo mu bisata bitandukanye buboneyeho akaryo ko guhoza abari mubigandaro bose.
Amahoro y’Umwami Rugira vyose abane namwe mur’ivyo bikorwa, mu banyu no mu vyanyu. Ni hahangame:Imana Uburundi n’Abisezerano.
Murakoze,Bigiriwe i Bujumbura kuwa 09/08/2016,Abisezerano. http://www.abisezerano.com