FOTO YAWE »Iyo Umuvyeyi Ashaka gufungura Ico Ashaka
nico Asuma.Ushobora kuba uri Umwana wiwe
Ukavuga ngo sinshaka Amateke,Ibijumba
canke Intete,Umuvyeyi Abisumye Urarya canke
ukareka.None ko ariwe Asuma,ntakundi Kandi
Ubifunguye ntaco uba.Abantu benshi
baryoherwa Iyo tuvuze Imigisha.Ukoze
kuvyaha Ubugenzi canke commentaires bica
bihava.Imana n’Umvyeyi wa twese.Ntishaka
ko hari abopfa rubi.Nico gituma Idatuma
Abakozi bayo ngo Bigishe Imigisha gusa kuko
Bibiliya Ivuga ko Atamahoro kumunyavyaha!
# Nagomba nibarize Abakizwa Bakijijwe vya
Kizungu Aho babisomye Muri Bible?
Mbe Ko mbona Abadasenga Basuka
amameshe,Abakizwa bagasuka,Mutaniye he?
Aba Rasta Bafunge Idredi Abakizwa bafunge
izindi,
Basige Iminwa namwe musige?
Poketi dawuni mubasani no mw’Ishengero?
Mukobwa Umwa ingohe,Ugasiga ayandi
marangi,ugatobora aho ushira
Amaherena,Ugahindura Imishatsi.We kubwawe
ubona ko uca wongereza ko Ubwiza Ariko I
Foto yawe Imana Ifise si Iyo Ufise Inyuma yo
kwipodora!Sindi Umunyedini kandi nta
shengero ndashinga ngo mbivuge kugira ngo
Uze gusengera Iwanje.Iyo Imana Ibona ko Ivyo
wongera Kumubiri arivyo bituma Uba mwiza
yari kubikuremana.We Urakosora Imana?!
Aho Babahenda ngo Imana Ifasha
Uwifashije,Aho yarema isi ni ho wari?Aho
yarema Adamu,Adamu yaterereye iki
kw’iremwa ry’iwe?Ndifuza Ko twese Twoja
mw’Ijuru n’aho satani yigisha ko ata juru
rihari.None ivy’iwe ko vyaheze akaba ashaka
abo boshana,mushaka yigishe iki?
Ba Naturel(le),Uko waremwe,Uri mwiza.Reka
Gusibanganya I Photo yawe bituma Imana
Itakikumenya!Mbe Aho Reta Irinda Ibuza Utu
mini,Aba pasitori ntibavuze kenshi bikanka?
Ubu Inkoni n’amande bigiye kujamwo!Imana
niyo Ihagurutse kurwanya Ukutikwiza
munyambaro!Abo bitaguye neza mumbabarire
ariko si urwanko ndabanka.ni juste
Urukundo.satani niwe azana modele zose
twambara.Ikimenyamenya n’uko Igihe Adamu
Amenye ko bari gusa yagerageje kwambara
Amababi ngo Afuke Ubwambure
Bikanka,gushika Aho Malayika yica Ibikoko 2
Akabakorera Impuzu.Muyandi majambo,Si
kenshi dushobora kwikwiza kuko Inganda
nyinshi zikora Impuzu zimeze
nk’amababi,Tuzambaye Tukaguma duhenera
abatubona.Twikebuke bagenzi.YESU
ABAHEZAGIRE