Ubuhanuzi n’ubuvugishwa

Ubuhanuzi canke ubuvugishwa
Turavuga ku buvugishwa mu buryo bw’impwemu Atari mu buryo bwa “sciences” canke bw’ubuhinga bwo mw’isi. Kuko iyi ni Imburi, si ubushakashatsi bwa teologiya. Iyaba twitayeho teologiya twosororongoye bibiriya tugasasa abahanuzi bose n’ivyabo, tukiga ibiringo umwe umwe wese yavugishijwemwo kugira dutorere umuti ikibazo twibajije mu ntango. Ariko si uko biri. Turaduga kw’ijambo tuvuga igikenewe uyu musi kugira twinjire mw’isezerano ata bidusita.

None ubuvugishwa ni iki?

Ubuvugishwa mu Kirundi, canke ubuhanuzi mu Kinyarwanda, ni ukugendererwa na Mpwemu w’Imana, wasenze, canke utanasenze, ugahabwa insiguro kuvyo Imana ishaka gushitsa ku muntu canke ku murwi w’abantu canke kw’ihanga ryose. Tukaba tuzi yuko Ivyo Imana ikora vyose biri mu ntumbero y’ico iba yaravuze kera mu kanwa kayo canke mu kanwa k’abavugishijwe, canke mu kanwa n’intumwa n’abamarayika vyerekanwa neza mu vyanditse vyera. MMpwemu yarambwiye ati: Burya, nta kintu kitanditse muri bibiriya. Ari naco gituma ibivugishijwe vyose bikwiye gushingirwa intahe n’ivyanditswe, ariwo munzani umaramaza bamwe bariko barazimiza ishengero kino gihe kandi bagira bagaragazwe vuba umwaka uza. Ubuvugishwa rero, kuko buba ku bigaragara, canke kuko bugaragaza ibanga ku biriho, tubwita insiguro. Ijambo ry’Imana ni ibanga ryugaye, rikugurukira ku kibaye, ryuguruwe na Mpwemu ahishuye. Uko niko kuvugishwa. 

Akarorero: “Umwami Nzigamasabo Don de Dieu arakombowe kubera yavuye k’Uhoraho agatangura kugira umugenzi ya nzoka, amabanga akayabaza inkoni yiwe y’igiti, kandi ari je namwimitse nkamuneshereza mu biringo vyose. Ni jewe Uhoraho mbivuze”.

Hari ibintu bine vyo kumenya: 

Mbega Imana iravuga ? Egome. Ivyakozwe n’intumwa 2: 14-17. Imana yavugishije benshi muri bibiriya kuva mw’itanguriro gushika mu bwuzure bushasha. Ntaho ijambo ry’Imana risezerana ko ab’iki gihe itazobavugisha naho vyigeze kera ikanuma imyaka amajana ane.

Mbega umuntu avugishijwe, koko yovugishwa n’Imana? Bibiriya, niko irasaba abantu ngo babe abera kugira Imana ibakoreshe (Yerem.15:19), ariko ikanongerako ko izokoresha ibiti n’amabuye kugira ubwoko bwayo bumenye, butahure. Ushobora kuba utera, ariko ni yo yeza. Ikindi, Mpwemu, kuko ariwe avuga mu muntu, akaba atimirirwa ahantu na hamwe, yovugira mu mwana aciga kuvuga, mu nyoni, mu mugororotsi, no mu munyavyaha. Kuko ahejeje mgukora igikorwa ciwe aca yigira. Uko niko vyagenda kera ku bavugishwa bavugishwa Uhoraho ataratanga Mpwemu Yera nk’uko Yesu yahavuye abisezerana akabishitsa (Ivyak.1:5-8, Ivyak.2:1-13)

Mbega aho Imana yomukombora, ni yo yamusizeho? Ivya Nzigamasabo biraraba Imana? Ego me kuko abantu bose baremwe nayo, none rero iragaba icaremwe cose. Bibiriya kandi ivuga ko ata kuganza kutava ku Mana. Ica gatatu Dawidi aravugishwa henshi mw’izaburi ko Imana ari yo yimika abami ikongera ikamwimikurura. Ntibitangaje rero ko Ihagarika Nzigamasabo.

Imana yohora Nzigamasabo kuraguza? Ego cane. Ico co ntiyocihanganira kuko yivugiye ko idacokorwa, ari Imana ipfuha (Kuvayo 20:5)

Tuvuga rero ko ubuvugishwa ko ari insiguro, kuko muri Bibiriya ntihanditse ko izokombora Nzigamasabo, hari ibanga ryugaye, rikugururirwa kuri Nzigamasaba agaragara, azwi, ryuguruwe na Mpwemu ihishuriye umuntu, nawe akemezwa n’ijambo ry’Imana ribishigikira. 

Ariko n’aho nyene ntibiba vyugurutse gose, vyuguruka mu buryo bwuzuye ku musenzi asenga mukuri akemezwa gose na Mpwemu kuko bibiriya iterekanye ko, naho Nzigamasabo yakoze ivy’ubuyobe, gukomborwa kwiwe ari ubu. Aho niho abishimira ivyanditse gusa badasenga, bahinduka abahinga b’ivyanditswe nka b aba Farisayo. Abo ni bo bari abahinga bazi ivyanditswe ku mutwe, ariko nib o babereye ifuro ry’igiti Yesu, Umwami Imana, babera ishengero intambamyi. Na bugingo n’ubu, nibo bugara ijuru abantu b’Imana bakabazako ari benshi kubera urwenge rwabo, ariko ntibarenga aho bari, ngo bace mu gihuzu cera gikinze bashikire umusaraba. Umusenzi niwe amenya ibihe. Yesaya21: 11-12: Uhamagara i Seyiri ati ijoro rigeze he, yishuwe n’umushibamyi. Si uwariwe wese yishura ico kibazo. Habakuki (Hab 2:1) niwe yigira imigabo yo “gushibama” kugira amenye ico Imana iri buvuge ku maganya yiwe. 

Iyo hatari ihishurirwa umuntu agenda uko agomba niko ijambo ry’Imana rivuga. Aho niho ijambo rigaruka rikavuga ngo Uhoraho ni Alfa na Omega, itanguriro n’iherezo. Mpwemu wa Jambo ni we asigura ijambo, kuko ijambo ni Yesu Kristo, uyo nawe Paulo avuga ko ari ibanga (Kolosayi 2:2). Ntiyigeze amenyekana, kiretse kubo yagwatirije Mpwemu wiwe. Nico gituma aba théologiens canke abahinga b’ivyanditse bigisha za kaminuza n’iseminari batigeze bamumenya, bibereye mu vyabo bitirira Imana, birya akara ngo bari mu Mana. Ivy’impwemu vyose, bitangwa na Mpwemu. Kanguka, mwegere ata bwoba. Mbega kristo ntiyivugiye ko atawumenya Umwana atari Data kandi ko atan’uwumenya Data atari Umwana n’uwo Umwana ashatse kumuhishurira? Singwanije kwiga namba, nanje narize aho nagarukirije kandi biranfitiye ikimazi kingana n’aho nagejeje, ariko ndashaka ngo mumenye uruhara rw’ivyo twigira mu mashure yo mw’isi, kugira ngo Mpwemu ni yaguterura ngo aze kukwigishiriza ahatagira ikibaho n’ingwa n’amakaye n’ibitabo n’ama karamu n’intebe, ntuze wanke. Aho hantu urumva ko umengo ni mu bugaragwa canke mw’ishamba, kandi utageze ahameze gutyo, biragoye kumva ijwi ry’Imana rirengeye cane amajwi yo muri amphithéâtre. Mbere rirengeye ayo mu mpome zine z’idini naryo, naho ivyo nari nkwiye kubivuga ngabanya ijwi kugira abakuru b’amasinagogi ntibasimbireko, ariko bakwiye kunezerezwa n’ibinezera Imana. 

Naho tuvuze uko, mbega Mpwemu abonekera gusa mw’ijwi no mu gutembererwa kutagaragarira amaso? Oya. Kuko yavuze neza ati urya mukene yari yambaye ubusa canke yabuze ico arya, ukamwirengagiza, yari jewe. Bisigura ngo iyo mbonye umuntu nk’uyo, Imana iba inyiyeretse ngo ngire ico nkora. Mbega none ko menye ico nkwiye gukora kandi Imana ishaka muri ubwo buryo, ndeke kuvuga ko ivuze? Iravuze, mbere ivugishije ijwi rituragara. 

Ubuzimire muri ivyo ni bwinshi. Bamwe bazi ko Imana ivugira mu cumba c’amasengesho gusa, ariko ikibatsinda baramara umwaka batararonka n’umwe babwira bati sohoka, va mw’idini uje kuvugira ubutumwa hanze mw’ishengero ryagutse mu mayirabiri, mw’isoko n’ahandi hari abantu kandi bizwi ko ivyo ari vyo Imana ishaka. None ahantu bubaka idini gutyo bakamara imyaka irenga mirongo itatu bacugaranye, haba harimwo umuvugishwa n’umwe ? Abandi bavuga ko uwuvugishwa ari uwahawe uburenganzira n’umwungere w’ishengero canke yemerwa nawe. Ndemera cane ko iyo ishengero ritonze neza mu mpwemu umwungere ahabwa kumenya abavugishwa baryo naho nyene umushasha atangura kuvugishwa umwungere Imana itamusavye uruhusha. Ariko birazwi kandi ko abungere benshi cane atari bake bata umurongo, bidasigura ko ata muvugishwa ahari. Iyo ishengero riri muri ivyo bihe, Imana ivugisha abavugishwa ivyo Pasitori adashaka, kuko aba agira ahanurwe akatari gake.None naho atoshima guhanurirwa mw’ishengero ku bigabitanyo vyiwe kuko ari umwubahwa, Imana ibikoze iba icumuye umuvugishwa afashwe kabushungwe ? Mbega iyo umukozi afise umutima umenetse, akama na ntaryo arizwa n’uko Imana yogaragaza ivyiwe bitayinezera kugira ngo arushirizeho kwezwa n’ugutungana, yotinyira iki guhanurwa mw’ishengero ? Bibiriya ivuga gutya:

“Kuko ukora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngo ibikorwa vyiwe ntibihanwe. 21 Ariko ukora ivy’ukuri aza ku muco, kugira ngo ibikorwa vyiwe biseruke ko vyakorewe mu Mana.” Yohani 3:20-21

Twese twaracumuye ntawera, ariko iyo umuntu atari muvyo bibiriya yita ubugarariji, n’ukuvuga ivyaha dukora twabigize umugambi ngo dufatire mpiri ishengero mu vyifuzo vyacu, ntacotuma twanka kuvugishwako mw’ishengero. Ariko ucumura mu kutamenya, we aranabisengera ko Imana yogaragariza ivyiwe aho ishaka n’igihe ibishaka. 

Jewe ku bindaba ni ryo shengesho ryanje. Sinsenga gutyo kuko nera nobura ivyo ndegwako, ahubwo nsenga gutyo kuko nzi ko ncumura imisi yose kandi ivy’Imana atawobimenya uko ibishaka, gutyo ngasenga nsaba ko aho ngeze herekanwa kugira ngo simpave nsanga natemvye nageze mu mukungugu. Erega Imana igaragaza umuntu ifise intumbero yo ku muvyura, naho tuvyanka ! 

Ntimwongere rero gufata mikoro muvugirizamwo amajwi manini mu bugarariji kugira ngo muburizemwo abavugishwa kuvuga. Ivyo Imana vyarayisesemye ibura uko ibagira. Reka kugwanya Mpwemu w’Imana mwa bakuru b’amadini mwe, muriko mwiyubakira utururi twanyu ngo mwubakira Imana. Erega naho woba ubikora ngo uburizemwo ubuvugishwa bw’ibinyoma, ntiwoba urwanye neza kuko intambara y’ivy’impwemu bayikorera mu mpwemu. Va mu bugarariji bwo kurwanya Imana ngo uvugishe ku nguvu abavugishwa wiyimikiye kuko iraje guca imanza. Raba neza aho uherereye : ntubona ko bamwe wiyimikiye bavugishwa ivyo usha Imana yabazibije iminwa kera ntiwabimenya, abandi yarabaretse bakomeza bavugishwa itarimwo ? Erega nticokorwa ! Bibiriya iravuga ko bene ayo mashengero arivyo bitabo vyo ku mpinga z’imisozi, iyatse inkoni yabo n’umuvugiswa n’umupfumu wabo, igira ibasige amenya. 

Abandi bavuga ko Imana ivugisha abamaze kugera mu rwego kanaka mw’ishengero, canke bamaze imyaka kanaka bakorera Imana. Ni vyaba bimeze gutyo, ni kuki Yesu yashima Data avuga ati : Ndagushima ko wabihishije abanyabwenge n’abahinga, ukabihishurira inzoya n’ibitazi ? 

Twovuga vyinshi kuri Mpwemu Yera no guhishurirwa, ariko reka tugeze aho, ahubwo we yururuke avugane nawe, kuko yarabisezeranye. Kandi Yesu yaciye abwira abigishwa biwe (Yohani16 :1-) ko uyo ari we azoshitsa ukuri. Ico kwifuzwa no kuririra mw’ishengero ryImana Nzima ni kuba mu burongozi bwa Mpwemu. Benshi bavuga ko bari muri bwo bariko baryosharyosha aba abayoboke bahinduwe abakiriya ngo bikunde babemere, ariko uyo mpwemu nyene bamuhakanisha ibikorwa vyabo mwagiye mwumva. Nta muntu arondera kuba mu burongozi bwa Mpwemu Yera, akanka ko ivyaha vyiwe bimenyekana, akanka kwatura ivyaha vyiwe yitwaza ko ari umukuru, akiyibagiza ingene umwami dawidi yambaye amagunira imbere y’abari musi yiwe bose yemanga ubusambanyi bwiwe asaba imbabazi iyo mw’ijuru. Uwokwemererwa kutihana, ni baza ko ari muri bamwe biyita Nyenubweranda. Uyo ntiyoronka ico yihana. Ico nzi gusa ni uko Nyenubweranda aba mw’ijuru, kandi ni umwe, ni Uhoraho, Imana nzima. Uwo mw’isi nawe nimba ahari, mvuga mvyeruye, ko ari umugarariji, ni Antikristo w’amahembe ku mutwe. Nimba atayafise yobura ayambara ku nkofero. Ijambo ry’Imana risanzwe ribivuga ko n’ubu nyene ariko arakora mw’ibanga. Ni mw’ibanga kuko ataremanga iryo zina rya Antikristo. Ariko rero imikorere yiwe n’amajambo yiwe biramwerekana ko yiyita izina ry’umuremyi nawe ari icaremwe. Umve namwe :

«Jewe naje mw’izina rya Data, ntimwanyakira : nihagira uwundi aza mw’izina ryiwe ubwiwe, we muzomwakira. 44 Mwoshobora kwizera mute, ari mwebwe mwubahana, ariko icubahiro kiva ku Mana imwe nsa mutakirondera? » Yohani 5 :43-44

Mbega abiyita gutyo mw’isi ntibazwi. Mbega Nyenubweranda ataniye he n’Imana, ko iyo, yo yonyene ibereye icubahiro n’amashimwe ari yo Nyenubweranda ? Emwe, murantunge. Hari n’abandi, n’aho batiyita gutyo bifata muri urwo rwego, mw’ibanga canke ku mugaragaro. Iraje kuberekana. Satani si uko vyamugendeye imbere y’uko akororerwa i kuzimu ? Usoma yiyubare. Nico gituma nahakanye nivuye inyuma, nshigikiwe na Bibiriya yera, ko jewe n’abayoboke bari mu burongozi bw’uyo mugarariji, tudasenga Imana imwe. Wewe komeza kuvuga ko musenga Imana imwe ubaceko amanota, ariko jewe nshima kuyaca kuyandemye. Simbivugiye kurema ibice, ariko ni kugira ngo twese twezwe, kuko abo nabo yarababambiwe, bakeneye kwemera ko vyose Data yabishize mu Mwana (Yohani3 :35). Si mu muvugishwa, si mu ntumwa, si muri Papa, si muri Petero Mweranda, si mu mukozi w’Imana yampaye ubutumwa ubwa mbere. Abo bose ni iki bafise batahawe ? Ariko uwahawe vyose ni umuremyi.

Ukiri ngaha, pfukama, usabe imbabazi kuvyo wiyumviseko, uririre kuba mu burongozi bwa Mpwemu Yera, mu kuri, no mu kugororoka. Umwami Yesu akweze cane. Amen.
Ivy’imisi mikuru yitiriwe Imana mw’ishengero

“Uko muziririza imboneka z’amezi n’imisi mikuru mwashiriweho, umutima wanje urabizinutswe; birangoye, ndambiwe kuvyihanganira.” Yesaya 1:14

Mu biringo bitandukanye, nagenderewe n’Imana kubw’imisi mikuru ibera mw’ishengero ry’Imana. Ndashima Imana cane ko ivyo yavuganye nanje nongeye nkabihanurwa n’abasenzi mu gihe nariko nandika iyi mburi, Imana igashingira intahe mu rwego runini ivyo yari yaremeje umutima wanje. Ivyo ndabivuga nshize amanga cane naho bitoneka ku mutima abarongoye amadini bahitiye babagirwa inka, bagatarikirwa inzoga zirobanuye, ivyo bakavyiherereza imbere y’ishengero ry’abatagira ico Bambara n’ico barya, birukaniwe abana mw’ishure, bagapfukamwa mu nda mw’isi no mw’ishengero ry’abarongozi buzuye ukwifuza kwose n’akaborerwe k’ivyubahiro. Mpereye kuri ivyo vy’umubiri atari navyo biraje ishinga Imana kubiraba iyi misi mikuru, ariko vyongeye ntinanezerejwe nagato n’ubukene bw’abakunzi bayo na cane cane iyo bwongerejwe.

Mbega iyo misi mikuru ni iyihe? Yazananye he? Ibabaza umwami Imana mubiki? Imariye ishengero iki? Ivyo ni vyo bibazo Mpwemu w’Imana ariwe Mutima Mweranda yishura mu mutima wanje nkaba mbishize ahabona kugira ngo urabe aho wagwiriye wihane. 

Tumaze imyaka idaharurwa duhimabaza imisi mikuru nka Noheri, Pasika, Pantekoti, Iyurizwa mw’ijuru rya Mariya, uwo abakora uwo mugenzo bita Bikira Mariya, ubutatu bweranda, wa Kirisu Mwami, n’iyindi.

Mu gihe duteyemwo vyumvikana nko kugumuka gukakaza imisi ituma isi itanga uturuhuko mu buzi bwose, abagaba abandi mu mashengero amwamwe bagakora mu bubiko bw’Imana kugira babage, barye banywe, aho nyene, kuzorowe neza bagakeba heza heza ababaha amashikanwa n’ibigiracumu badahamvya. Muri iyo misi niho amashengero akoranya abayoboke benshi cane bava mu mihingo myinshi, akabakamamwo ibiyabeshaho bikabeshaho n’abayagaba. None ivyo vyose Imana ibifisemwo inyungu ki?

Mbega ivyo vyose Iyo mw’ijuru yovyihanganira? Mbega ko twebwe dufise izo mpamvu tubikora, Imana niyo itazizi? Erega nayo nyene irazi igituma dukorana, kuko irasese imitima n’imishaha. Ko tutakoranira aho umuntu ariko ararenganirizwa, ntidukoranire aho umuntu arwariye kiretse bake bagiriwe Ubuntu, tugakoranira I ruhande y’igishusho ca Yezu canke ca Mariya Mweranda Nyina wiwe, canke c’umweranda kanaka ahimbazwa uyo musi, bashizeko irangi rishasha bakagikikuza amashurwe, ugira ico dukora nico? Amafaranga yo kwambika no kugaburira abakene n’abasemerera mu bugararwa avunjijwemwo izahabu zo gutaka imana zifise amaso zitabona, zikagira amaguru ntizisegenye, zikagira amatwi ntizumve kugira duhangazwe uyo musi, ubwo bubi Imana izi, weho ntubumenye. Erega urafashwe kandi nta kundi kwiregura. Itature.

Yesaya 1:13-14

Yesaya 22:12-14

Abandi bariko bata umwanya muri za aniveriseri, canke guhimbaza imyaka bamaze, aho guharura iyo bashigaje ngo bakorere Imana Yesu agitevye kuza. Ntaho tubona Yesu, mu buzima bwiwe akora ahimbaza imyaka yari amaze. Kuko ivyo si vyo vyahimbara Se. Na za Noheri tumukorera ni imigenzo ikomoka mu mpwemu z’ukunezereza umubiri. Izo zifata Herodi araringaniza urwo rubanza. Murazi ivyavuyemwo: umutwe wa Yohani umubatizi urakoroka mu ntumbero yo kunezereza umukobwa wa Herodiya yamutambiye neza.Herodi nawe yari yarakoze ikizira kuri Herodiya mu ka Filipo mwene se nk’uko Yohani yabimubwiye ari navyo yaciye azira bivuye kuri Herodiya aterereye iciyumviro kigayitse umwana wiwe ati : Saba umutwe wa Yohani ku mubehe : Marc 6:14-29. Erega kuri irya misi mikuru murakora ibizira, mubizi canke mutabizi. Iyo mwibuka izosi rya Yesu rijondamye, mukajondamika amazosi y’amapfizi mu mavuta arimwo igitunguru…mwakoranye mu busumbasumbane bwanyu, muberewe, abakene batashe, mu kanabikora mwibutse Yasu yavukiye mu bwato,…emwe, ntaco mvunze, ariko sintinye ko mwongera ko izosi ryanje, naho nyene bamwe banujujwe na Satani mu mitima yabo ikomantaye kubikora.
Pasika isigura kurengana canke kujabuka yabaye mu buryo bwuzuye Yesu apfiriye ku musaraba, aca aranavuga ati “vyose birarangiye”. None ni ibiki vyari birangiye? Erega ataraza kw’isi, ngo akore ivyo yakoze vyose, mu bubabare bw’umubiri yitaho buke akanawubamba ku musaraba, ukanahasigara, abantu twariko turakezera tutazi iyo tuva n’iyo tuja. Umubiri unanira abantu ukababera umuzigo mu rugendo, upfuye ku musaraba, bisigura gutsindisha ububasha bw’umusaraba umubiri wacu ubwacu uturemera mu mu busambanyi, mu busuma, mu bwibone, mu bukunzi bw’inda no gukunda ibisayangana,…Yesu aravuga ati “vyose birarangiye”. 
Mu yandi majambo ivyabatera gukezera, canke gutebera mu nzira, ndabitsinze, hasigaye kwemera mukabibamwo, mu kajabuka. Kuko nawe abikoze, yaciye ava mu mubiri yinjira mu bwiza bwiwe, ubushobozi bwo mu Mana ijana kw’ijana buraseruka butsinda mu mitima abari bahari, bituma bagira bati: “bwa bundi yari Imana”. Amen. Uko niko kujabuka, nk’uko Mpemu yemeranya nanje, bene Data. Ntitujabuka mu musi mukuru wo kwiyegeraniriza ibigiracumi n’amashikanwa, no gutsinda hasi ibimasa no kwambara inyambarabami. Pasika, canke kujabuka kw’iki gihe ni ukwemera ivyo. Ukama ivyamwa vy’uwubizi. Iyo Yesu azutse, yongera kubaho iyindi myaka nk’itanu, sinibaza ko yari gutunganya iyindi misi mikuru ya Pasika. Ve mu buryrya rero, bene Data. Erega kuba ubwo buyobe bwakozwe kuva kera, canke bwakozwe na benshi, ntibisigura ko buba buhinduye izina. Icaha gikozwe na benshi kiguma ari icaha. Ibinyuranye n’ivyo vy’impwemu ni impamvu zo kwambara imishanana n’ama karuvati, ivyo navyo ni ivyanyu, ntimuba mubikoreye Kristo. Ve mu buryarya. Mukwire amahanga mubwire icaremwe ubutumwa bwiza gusa.
Munyumve neza, simvuze ko iyo misi mwishiriyeho igeze mujondamike amazosi, ntimurye canke ntimunywe. Ico mwokimpora, kuko murabinyotewe, kandi mukaba mutampoye ubusa. Jewe mvuze ko iyo misi ari iyanyu ubwanyu yo kwinywera no kwirira no kujondamika amazosi imbere y’ibigirwamana, kuri bamwe, no kwiba aba kirisu. Ntabwo ari imisi ya Kristo. Ni mwiriremwongere mwinywere, ariko mureke kuvuga ko mubikoze ku bwa Kristo. 

Kuri bamwe na ya mashirahamwe y’abanyamafaranga tutazi umwami bakorera (les bailleurs de fonds), ariko turanamuzi, avyivangamwo aagafasha imihari kuriha ivyo, no kuriha abapigamuziki, bakanabiraramwo, ubusambanyi ng’ubwo, ububeshi ng’ubwo, Sida iti: karibu, ubukene n’intambara z’uburyo bwinshi zirimwo no kuzurana amaso n’amenyo, biti: karibu. Ivyo n’ibindi ntavuze bifatanye, vyombuza kuvuga ko iyo misi ari iyo gucana amazosi nka Herodi? Ndarengeje urugero mvuze ko gukorera imisi mikuru ku migongo y’abakene, no kwivanga n’abakorera izindi mpwemu, no kwandura Sida, no kwandavura mu buryo bwinshi muri iyo misi, ari gucana amazosi? Muntunge, ariko sinicujije.
Aho rero nabarinze kuja muri birebire vyo kubaza ko Yesu yavutse itariki 25/12. Murabizi ko ari ikinyoma. Teolojiya siyo nitayeho. Murazi ko Yesu yakoranije abantu benshi, abagabo bari 5000 tutavuze abagore n’abana, agwiza imikate n’amafi biciye munzira muzi. Ataragwiza indya, ijambo rivuga ngo: ishengero rimutera akagongwe. Iyo iba inyanduruko yo gukora ico kimenyetso kinadushikana mu bindi vy’impwemu: kugwiza ijambo mw’ishengero ry’Imana rigadutse. Ni ivyo dusabwa. Si kugwiza imisi mikuru. Erega naho, henshi ijambo rija ritubwira riti ahanaka hari imisi mikuru maze Yesu adugayo, ntimwihende, ntiyaba aduze mu misi mikuru, twisunze ijambo rivuga ko icamunezereza na ntaryo kwari ugukora ico Data ashaka, Yesu yadugayo, atari kubwo kurya no kunywa no gutamba, ariko kugira asangeyo za ntakebwa zari zarakebwe ku mibiri zitakebwe ku mitima, kugira azibwire ijambo. Kuko yategerezwa kuba aho abantu bari kugira abaranguriremwo ico Se wo mw’ijuru yagomba. Ico ni co cari caramuzanye, kandi nico yakoze. Jijuke rero, bene Data, tujabuke.

Eric shima