Ukwiyahura siwo muti wokumara ingorane zawe.

Shalom shalom;Amahoro! Twagira dufate kano karyo ngo duhanure urwaruka rw’abarundi rwaba ururi mugisagara ca bujumbura n’ururi mumicungararo yacu eka n’abari mugihugu hagati. Kwiyahura kuko ubuzima bwananiranye kubera farao si bishasha na farao muri egiputa igihe lmana yateza ivyago egiputa nzima ubuzima bwaragoranye lmana imaze kuza irica ibitungwa ,igakomvomvora imirima n’urubura,egiputa iranuka kubera ibikere gushika baho babura imfura z’abana babo n’ibitungwa. Abanyegiputa benshi ntacaha bari bakoze ariko kubera icaha c’umuntu umwe ariwe farao abanyegiputa bose bararira. Niko bimeze kubera icaha c’umuntu umwe yitwa Nkurunziza ,abarundi bose bari mungorane n’ibibazo. Hari imvugo y’abantu bamwe bamwe bari inyuma y’iyo ngorane yitwa farao w’uburundi bavuga ngo ni #Amahoro ngo ntakibazo ariko bameze nk’umuntu acumiswe n’ihwa rikavunikira imbere iyo atambuka rirasata nawe agashinyiriza,abo nabo niko bameze barashinyiriza.

None rero mureke rwaruka kwiyaka ubuzima. Impfu z’abiyahura haba kwimanika canke kwita muri Tanganyika turamaze kuzibona. Hagarike kuko iyo uvuyemwo kandi wiyahuye ubuduhombeje kuko inguvu zawe ziba zivuyemwo,ikigira kabiri satani araryoherwa kuko ubugiye muri gihenomu. Ubwami bw’lmana muba musezeranye. Gukena sikwo gupfa abahizi nka Dawidi barahizwe na Sauli barara mubisika n’asenga vy’amabuye ;barasonza barakena n’ibiro biratakara ariko ntibiyahuye. Yaruhiye kuba umwami lmana mbere yishimiye cane.

Tugutera akamo ahubwo ngo wihane nawe niba warufise iyo migambi hama uze dufatanye urugamba!

Nidusangwe Imana-Uburundi n’lsezerano!