Igikorwa c’inderetsi

Ijambo Ry’Uhoraho ryanjeko,riti Mwana w’umuntu,uvugane n’ab’ubgoko bganyu,ubabgire,uti niyaterera igihugu inkota,abantu bo mugihugu bakirobanurira umuntu muribo,bakamushiraho kubabera inderetsi:uyo yobona inkota ije iteye igihugu,akavuza inzamba ngw’aburire abantu;nuk’uwokwumva ijwi ryinzamba wese,agakina ku mburi,inkota ikaza,ikamugahura,amaraso yiwe azoba kumutwe wiwe ubgiwe.Yumvise ijwi ry’inzamba,ariko yakinye ku mburi;amaraso yiwe azoba kuriwe;arikw’iyaba yarumviye imburi yokijije amagara yiwe.Arikw’iyo nderetsi niyabona inkota ije,ntivuze inzamba,abantu ngo baburirwe,inkota ikaza ikagira uwo igahura muribo;uwo azoba agahuriwe mubigabitanyo vyiwe,arikw’amaraso yiwe nzoyarondera kur’iyo nderetsi. niko nawe mwana w’umuntu,nagushizeho kubera ab’inzu ya isirayeli inderetsi;nuko wumve ijambo riva mukanwa kanje ubashikirize imburi. 

Ezekiyeli 33:1-7

Placide Nduwayezu