_*Indwi ya 24 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années paires)*_
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (12, 12-14. 27-31a)*
Ncuti zanje,
Nk’uko umubiri ari umwe, ukagira ingingo nyinshi, na zo izo ngingo zose zikagira umubiri umwe, n’aho ari nyinshi, ni ko Kristu ameze na we. None natwe, muri Mutima umwe ni ho twabatirijwe twese ngo tube umubiri umwe, baba Abayuda canke Abagereki, abashumba canke abidegemvya; bisubiye, twese twagabanye Mutima umwe.
Koko, umubiri ntugirwa n’ingingo imwe, ariko ugirwa n’ingingo nyinshi. None, namwe muri umubiri wa Kristu, mukaba ingingo ziwe umwe wese mu ruhara rwiwe. Bisubiye, bamwebamwe Imana yabashinze muri Ekleziya kuba ubwa mbere abatumwa, ubwa kabiri abahanuzi, ubwa gatatu abigisha, hanyuma haza ibitangaro, ingabirano y’ugukiza n’iy’ugutabara abandi, iy’ugutegeka n’iy’ukuvuga indimi. Mbega, ni abatumwa bose? Ni abigisha bose? Bakora ibitangaro bose? Bafise ingabirano y’ugukiza bose? Bavuga indimi bose? Bazi kuzisigura bose? Nimurondere ingabirano ziruta izindi.
*IZABURI 99 (100) 1-2, 3, 4, 5*
*Icit.*:Turi intara Umukama ayobora
we nyene ubwiwe.
Wa si iy’uva ukagera, himbaza Umukama,
korera Umukama mu gahimbare,
umusanganize akavyino k’urweze.
Menya ko Umukama ari We Mana,
ni We yaturemye, turi abiwe,
turi intara yiwe n’intama z’uruhongore rwiwe.
Gende ku kirimba iwe, mukure ubwatsi,
mwinjire mu ngoro iwe muvyina, mumushimire,
mushemeze izina ryiwe.
Eka bane, Umukama ni mwiza,
urukundo rwiwe rwama ari rwa rundi,
arakwiye kwemerwa mu myaka n’imyaka.
_*INKURU NZIZA*_
_*Aleluya, aleluya.*_
_Jewe ndi Inzira, Ukuri n’Ubuzima. _
_Nta wuja kwa Data, atanciyeko._
_*Aleluya.*_
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (7, 11-17)*
Muri irya misi, Yezu aja mu gisagara citwa Nayini. Abigishwa biwe n’ishengero ryinshi bajana na we. Ngo atere kw’irembo rya nya gisagara, ahwana n’abikoreye umupfu: na we agasangwa yari umwana w’ikinege, kandi nyina yari yarapfakaye. Nya mupfakazi aherekejwe n’abantu benshi bo muri kino gisagara.
Umukama ngo amubone, amutera imbabazi, amubwira ati: «Ihorere!» Araheza yegera inderuzo arayikorako, abari bayikoreye barahagarara. Avuga rero ati: «Wa musore we, ndabigutegetse, vyuka!» Uno yari yapfuye aca aravyuka aricara, aca atangura kuvuga. Yezu rero amushikiriza nyina wiwe.
Bose bagwa mu gahundwe bashemeza Imana bati: «Umuhanuzi mukuru yaserutse iwacu, Imana yaramukije igihugu cayo.» Iyo nkuru ikwira Ubuyuda bwose n’ibihugu bibangikanye.