_*Indwi ya 24 yo mu mwaka : ku wa mbere (Années paires)*_
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (11, 17-26.33)*
Ncuti zanje,
Ko ndamutse ndabaha impanuro, sinobashimira ku makoraniro yanyu atabazanira ivyiza, abazanira riho ibibi. Ubwa mbere, igihe mugira amakoraniro, numva yuko havyuka muri mwebwe amatati, kandi ndahaye ndavyemera. Erega, amacakubiri ntiyobura kuba muri mwebwe, kugira ngo abantu b’umutima biserure muri mwebwe. Iyo mukoraniye hamwe rero, ivyo mugira si ugufungura imfungurwa y’Umukama, kuko mu gufungura umwe wese yisangiza ivyiwe, maze umwe agasonza, uwundi agahimba. Mbega, nta mazu y’ukuriramwo n’ukunyweramwo mufise? Cabure mukengera Ekleziya y’Imana, mugatetereza abatagira ico bafise? Ndababwire iki? Ndabashimire? Kuri ico simbashimira n’intete.
Jewe rero narashikirijwe n’Umukama ico nabashikirije namwe: Umukama Yezu muri rya joro yafatwa, yakiriye umukate, amaze gukenguruka, arawumanyura, yongera avuga ati: «Iki ni umubiri wanje uza gutangwa ku bwanyu. Ivyo murabigire munyibuka.» Bamaze gufungura, afata igikombe avuga ati: «Iki gikombe ni Isezerano rishasha mu maraso yanje. Igihe cose muzokinywa murabigira munyibuka.»
Koko ni ivy’ukuri, igihe cose muba muriko murafungura uyo mukate, mukanywa ico gikombe, muba muriko muramenyesha urupfu rw’Umukama gushika aho azogarukira.
Ni uko rero, benewacu, iyo mukoraniye hamwe ngo mufungure, nimurorerane.
*IZABURI 39 (40) …?*
*Icit.* *:Muramenyesha urupfu rw’Umukama,*
*gushika aho azogarukira.*
Imbagwa n’imperezwa vyari ubusa kuri Wewe:
warantabaye ndabimenya.
Eka ivyo baguhereza vyose nta vyo wari ushimitsemwo,
niho nitora nti: «Ndi hano, ndaje.»
Ivyanditswe kuri jewe mu Gitabu
bintegereza gukora ivyo ushaka;
Mana mfise, amabwirizwa yawe aranezereza
kandi ndayashize ku mutima.
Narataziriye inkuru nziza
ishengero rikoranye.
Raba sinobinuma,
ni ico wiyiziye, Mukama.
Abakurondera bose
nibanezerwe, bahimbarwe muri Wewe;
abakuzeyeko urukiza
nibame bavuga bati: «Imana ni yo nkuru.»
_*INKURU NZIZA*_
*Aleluya, aleluya.*
_Ijambo ry’Imana ni rizima, rifise ubukuba,_
_rikagaragaza inyigisho n’ivyiyumviro biri mu mutima._
*Aleluya.*
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (7, 1-10)*
Muri irya misi, Yezu ahejeje kubwira ishengero ayo majambo yose, yaciye yinjira mu gisagara ca Kafaranawumi. Hariho umutware w’abasirikare, umusuku wiwe akunda cane akaba arwaye, ari mu gupfa. Ngo yumve bavuga Yezu, atuma bamwe bo mu bakurambere b’Abayuda kumwinginga ngo aze kumukiriza umusuku.
Bashikiriye Yezu, baramusaba bashimitse bati: «Arakwiye ko womugirira gutyo, kuko akunda igihugu cacu, n’isinagoga yacu ni we yayitwubakiye.» Yezu rero ajana na bo. Ari mu gushika, wa mutware atuma bamwe bo mu bagenzi biwe kumumbwira bati: «Muhanyi, ntiwirirwe urigora, kuko ntakwiye ko wokwinjira mu nzu yanje. Ni co gituma kandi ntubahutse kurenguka imbere yawe. Mugabo pfa kuvuga ijambo rimwe, umusuku wanje aca akira. Erega, n’aho mfise abanduta, ndafise abasirikare ngaba. Mbwira umwe nti: Genda, akagenda; nabarira uwundi nti: Ingo, akaza; umusuku wanje namugira nti: Kora iki, akagikora.»
Yezu ngo avyumve, aramutangarira; ni ko guhindukira akabarira ishengero ryamukurikira ati: «Ni ukuri ndababwiye: muri Israyeli nta ho nari bwabone ukwemera kungana gutyo.»
Abatumwe basubira i butware, basanga wa musuku yakize neza.