Akabazo kubijanye na Tabita (Dorocas)

« NIKI CATUMYE TABITA (Dorcas) ASUBIRA KUBAHO YARI YAPFUYE? Niki cotuma nawe uva murico kibazo urimwo? Niki CATUMYE AbIsirayeri basenga ntibumvigwe kandi bitwa ubwoko bwImana? Niki gituma nawe witwa umukristo ariko ugasenga ukiyiriza ubusa ariko ntiwumvigwe? AMAHORO nimigisha bibe kubari mwisi mwese cane cane abafise inzara ninyota vyo kugororoka kuko aribo bazohazwa. 

Ariko kandi, amahoro n’imigisha bibe kubarundi nabarundikazi bashasha aribo bagiye kwinjira UBURUNDI BUSHASHA igihugu c’Amata n’Ubuki kitazotwagwa n’Imigambwe n’Amoko. 

IVYAKOZWE NINTUMWA 9:36…… 

YESAYA 58:1-11.

Ncuti zumusalaba nezerejwe no gusubira kuyaga namwe amajambo yubuhanuzi bwukuri arivyo vyanditse vyera vyitwa Bibiriya yera. 

Rero kuri mwese munteze amaso namatwi, reka dutanguze iri jambo rishira Imana yacu hejuru ya vyose rivuga ngo HALELUYA, HALELUYA, HALELUYA. Duce twitabiriza duti AMEN AMEN AMEN. 

Ncuti nkunda, cane cane mwebwe mutahura ivyo mvuga, nashaka mbibutse ko Ugukora ivyiza arivyo bituma umuntu yibukwa mubibazo arimwo nakare bibiriya ivuga ngo IVYO MWIPFUZAKO BABAGIRIRA NAMWE MUBIGIRIRE ABANDI. 

Rero wewe mukristo ufise ivyo Imana yaguhezagije nkubutunzi nibindi, wewe mukristo ufise akazi, wewe ufise Compte yuzuyeko amahera, wewe ushoboye gufasha abandi. Ndakubwiye ngo koresha ubutunzi bwawe ubuhe abandi baburyeko. 

Fasha Impfuvyi, Fasha abapfakazi, gaburira abashonje, ambika abagenda gusa garukira kumbohe ugarukire kumpunzi aho ziri hose. 

Ivyo nubikora uzoba ubikije ubutunzi bwawe ahadashikwa nabasuma nabambuzi. Mbere niwagira ikibazo icarico cose uze wibutse Imana ko wakoze igikogwa kimwe murivyo. Mbere naho woba wapfuye Imana izotegeka usubire kubaho kubwivyo bikogwa. 

Ncuti, ibi mbabwira simigani ni vyabaye aho umugore yitwa Tabita (Dorcas) yarafise urukundo gwinshi yakunda gufasha kandi we ntiyari umutunzi nkawe ariko yakora umwuga wo gushona nakamashini kiwe kamwe. 
Kuko yakunda gufasha gose Impfuvyi nabafakazi nimbabare, hageze aho agwara arapfa hama bamwe yafasha baraheza babwira Imana ati dusubize umuntu wacu. Kandi kubwurukundo Numutima wubuntu yarafise, Imana iremera iramugarura asubira kubaho Imana ishimwe cane. HALELUYA. AMEN.

IMANA yacu izura nabapfuye. Sinkabimwe bitumva ntibivuge abazimiye birigwa bafukamira baborogera ubusa ngo bariko basenga.

Ariko ntara bandanya nkubaze. Wewe kufise amahera wujuje ama compte, mbega ko ukurakuranwa mumiduga, mbega ko wambara impuzu imwe mwisaha iyo ugakura, mbega mbega mbega,…… 

Wewe haruwo ufasha? Mbega ho nimba ufasha ubigira numutima mwiza canke urikurayo ngo babone ko ufashe gusa? Mbega kurunda ivyo bifaranga vyawe kugezaho ejo nupfa abantu hakurira bazovuga ati NIKIGENDE NTACO YIKURA. Birababaje ubu Urayabika abandi bashonje ariko nupfa azosigara aribwa nabandi mbere nawe ujane numuvumo ko ataco wakoze kwisi. 

Mugenzi, hinduka hindura. Ubutunzi butangwa nImana. Fasha abandi Fasha. YEREMIYA YABAJIJE IMANA IMPAMVU ABANYAVYAHA BATUNGA ABAKRISTO BAKENYE, Imana yamwishuye ati :Barya nabahaye ubutunzi ariko NABASHIZE KURE YUMUTIMA WANJE. Mbega wewe nubwo butunzi ubwo nturi Kure YUMUTIMA wImana? Mbega ubifisemwo amahoro? Oya oya kuko urikure YUMUTIMA wImana kuko ntaco wikura uri INGUMYI MBI niwapfa benshi bazoryohegwa kuko ntaco warumaze kwisi. 

IVYAKOZWE nintumwa 9:36……. 

Abandi mwitwa abakristo mbere munasega mukiyiriza nubusa mbere. Ariko ntimwumvigwa kandi mwibabaza mutaka. None muzi igituma? Nuko muri INGUMYI MBI ntaco mwikura. 

AbIsirayeri bari bameze uko. Ariko naho basenga ntibishugwa kukozari INGUMYI nkawe. Ariko Imana yababwiye ati nimba mukeneyeko. Numva ugasenga kwanyu, nimufashe Impfuvyi, abapfakazi, mugaburire abashonje mwambike abagenda gusa. 

Imana Irivugira ati :IVYO NIMWABIKORA MUZOCE MUNTAKIRA NZOBUMVIRA MBISHURE. 

YESAYA 58:1-11. 

Nuko rero, wewe haricukeneye ku Mana Kora ivyo vyanditse bikubwiye. Erekana urukundo gukuri. Reka kuba INGUMYI MBI 

Nukomeza uba INGUMYI Imana ntaco uzoyumvako ntanico izoguha. Kiretse umuvumo nukubura amahoro. 

Ubutunzi bwawe ntaco buzokumarira kiretse kugutera ingwara zikomakomeye nagahinda gusa. 

Murakoze abasomye nabumviye mwese Imana ibibahere imigisha kandi ibatabare mubibazo murimwo. Amen Amen Amen. 

Ubu butumwa mubushikirijwe kandi na :

Ministeri y’Ivugabutumwa yitwa « UBURUNDI BUSHASHA » Ivyabona vya KRISTO I YERUSAREMU, i Yudaya, i Samariya no kugeza kumera Z’ISI. 

Niyo kandi :

Ministere chretienne « UBURUNDI BUSHASHA » Les temoins du CHRIST a Jerusalem, a Jude, a Samaritin et au monde entier. Watsapp zikurikira +256773704653.