Indwi ya 24/ kuwagatanu 

*Indwi ya 24 yo mu mwaka : ku wa gatanu*_(Années paires)_

*IGISOMWA CA MBERE*

*Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti* (15, 12-20)

Ncuti zanje,

Tuvuga ko Kristu yazutse mu bapfuye, none ni kuki hari bamwe muri mwebwe bemeza yuko ata zuka ry’abapfuye ririho? Usangwa ata zuka ry’abapfuye rihari, na Kristu nyene ntiyazutse. Na ho niyaba Kristu atazutse, ivyo twigisha ni ivy’ubusa rero kandi ukwemera kwanyu ni ukw’ubusa. Bisubiye kandi, tuboneka nk’abashingira Imana intahe y’ikinyoma, kuko twayishingiye intahe yuko yazuye Kristu na ho itamuzuye, usangwa abapfuve batazuka.

None abapfuye nibaba batazuka, na Kristu nyene ntiyazutse. Naho niyaba Kristu atazutse, ukwemera kwanyu nta co kumaze, muracari mu bicumuro vyanyu. Kandi abapfuye bemera Kristu bapfuye akagirire. Muri ubu buzima bwo kw’isi, nitwaba twizigiye Kristu gusa, mu bantu bagowe turi aba mbere.

Kira noneho! Kristu yarazutse mu bapfuye, aba ari we abatangurira.

*IZABURI 16 (17) 1, 6-7, 8.15*

Icit.: Umusi uri izina, 

         nzobona ubuninahazwa bwawe, Mukama.

Mukama, umviriza urubanza rwanje, tega ugutwi,

ndakuborogere, umviriza igisabisho canje,

kuko akanwa kanje kazira kubesha.

Ndakwambaza kuko utobura kunyishura, Mukama:

ntega ugutwi, wumvire ijambo ryanje,

erekana imbabazi z’agatangaza umfitiye,

Wewe ukiza abakwizeye, ukabakiza abansi.

N’unzigame nk’imbonero y’ijisho,

unkingire ikibaba.

Nanje nzokwihweza inyonga zawe mu butungane,

nikanguye naho, nzohozagazwa n’ukukubona mu maso.

*INKURU NZIZA*

Aleluya, aleluya.
Jewe ndi umuco w’isi,

uwunkurikira azoronka umuco w’ubuzima.

Aleluya.

*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka* (8, 1-3)

*Muri irya misi, Yezu yaragenda mu bisagara no mu mihana, yigisha kandi amenyesha Inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Bamwe Icumi na babiri bari kumwe: n’abagore bamwe yari yakuyemwo imitima mibi akabakiza n’ubundi bumuga, bari inyuma yiwe: Mariya ari we yitwa Madalena yari yakuyemwo amashetani indwi, Yohana Umugore w’icariho ca Herodi, kandi Suzana n’abandi bagore benshi bama babafashisha ivyabo.*