Ikimenyetso

ICIGWA C’16: IKIMENYETSO C’IMANA N’IKIMENYETSO C’IGIKOKO
ISOMO : «… Ni hagira umuntu asenga ca gikoko n’igishushanyo caco, akemera gushirwakw ikimenyetso mu ruhanga canke mu kiganza, uwo nawe azonywa kuri vino, ni yo burake bw’Imana yiteguye idafunguye mu gakarabo k’uburake bwayo» Ivyahishuwe 14:9,10
Igitabo c’Ivyahishuwe cerekana neza ko mu misi y’iherezo abantu bazoba baba kw’isi, bazotegerezwa gushirwako ikimenyetso. Ubutumwa butatu bwo mu Vyahishuwe igice ca 14, bwerekana ko ababa kw ‘isi bose bazoba bagabuwemwo imigi ibiri (2) y’abasenzi. Abasenga Umuremyi w’isi n’ijuru n’ibiri muri vyo vyose n’abasenga ububasha burwanya Imana bwagereranijwe n’ igikoko hamwe n’igishushanyo caco.

Umugwi wose muri iyo ibiri uzoba ufise ikimenyetso kiwuranga : Imana izoba yashize ikimenyentso ku basuku bayo b’intamuheba na Satani, abicishije ku vyariho vyiwe arivyo gikoko n’igishushanyo caco, azoshira ikimenyetso ku bamukurikiye. Umwe wese ku giti ciwe azotegerezwa gufata ingingo y’ ikimenyetso bakwiye gushirwako.

Mu gitabo c’Ivyahishuwe Imana iragabisha abantu ngo ntibahirahire ngo bemere kwakira ikimenyetso c’igikoko, igatangaza ibihano bikomeye cane kuri abo bose bazokwagirwa n’icaha co gusenga igikoko kandi bakemera gushirwako ikimenyetso caco.

Birihutirwa rero ko tumenya neza ico kimenyetso c’igikoko ic’ari co n’ingene abantu bazogishirwako, kugira ngo ntituze turwe mu ruzi turwita ikiziba.
IMANA ISHIRA IKIMENYETSO CAYO KU BANA BAYO
« Kandi mbona umumarayika wundi aduga ava i burasirazuba, afise ikidomesho c’Imana nzima, asemerera n’ijwi rirenga, ati ntimugire ico mugira isi cank’ikiyaga cank’ibiti, tutaradoma ikimenyenyetso mu ruhanga rw’abagurano b’Imana yacu. Numva igitigiri c’abadomweko ikimenyetso, ngo n’ibihumbi ijana na mirongo ine na bine, abadomwekw ikimenyetso bo mu miryango yose y’Abieirayeli” Ivyahishuwe 7:2-4
Ntidushobora gusobanukirwa neza n’ico arico ikimenyetso c’igikoko tubanje kumenya ikimenyetso c’Imana ; kuko ikimeyetso c’igikoko ari igihushane c’ikimenyetso c’Imana.

Ncuti nkunda, reka mbanze ndabibutse ko hariho ibintu bitatu ntahara bigize buri kimenyetso (buri kashe) y’ubutegetsi:
1. Izina rya nyene gutanga amategeko

2. Izina ry’ubushobozi afise mu butegetsi

3. Uko igihugu canke ubwami atwara bungana.
Ikimenyetso c’ubutegetsi (kashe) giterwa ku mategeko y’igihugu canke urwandiko rw’ubutegetsi kugirango gishigikire canke gihe agaciro ayo mategeko. Izina ry’uwatanze amategeko, izina ry’ubushobozi afise mu butegetsi, uko ubwami atwara bungana, ivyo vyose bituma ayo mategeko yateweko iyo kashe atinyika. “Nk’uko ikimenyetso canke ikashe y’ubutegetsi ishirwa ku mategeko kugirango yubahirizwe na bose, niko n’ikimenyetso c’Imana gitewe mu mategeko yayo” National sunday law, p. 46.
None mu mategeko y’Imana ikimenyetso cayo kiri hehe? Kiri hagati na hagati muriyo. Umviriza: “Wibuke kuziriza umusi w’isabato. Mu misi itandatu uz’ukore, abe ariyo ukoreramw’ibikorwa vyawe vyose arik’umusi ugira indwi niwo Sabato yanje, jewe Uhoraho Imana yawe. Ntukagire igikorwa na kimwe ukora kuri wo…Kukw’imisi itandatu ariyo jewe Uhoraho naremyemw’ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibiri murivyo vyose, nkaruhuka ku musi ugira indwi: nico catumye jewe Uhoraho mpezagira umusi w’isabato nkaweza.”Kuvayo 20:8-11. “Aha niho hantu hamwe rudende muri Bibiliya yose muzosanga ikimenyetso c’Imana. Ngiyi ya migabane itatu igize ikimenyetso:
1. Izina rya nyene gutanga amategeko: “Uhoraho” 

2. Izina ry’ubushobozi afise mu butegetsi: “Imana, Umuremyi”

3. Uko ubwami atwara bungana: “Ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibiri murivy vyose” National sunday law, p. 46.
N’igitangaza! Ikashe y’uwatanze amategeko icumi iri mw’ibwirizwa rya kane, ibwirizwa ry’isabato! Satani yakoze uko ashoboye kwose mu guhisha ukuri kwereye isabato yera, ikimenyetso c’Imana. 
“Ikigeretseko mbaha n’amasabato yanje ngw’abe ikimenyetso hagati yanje na bo, kugirango bamenye yukw’ari jewe Uhoraho mbeza.” “Mweze amasabato yanje, abe ikimenyetso hagati yanje namwe, kugirango mumenye yuko jewe nd’Uhoraho Imana yanyu.” Ezekiyeli 20:12,20. Nk’uko vyibonekeza mw’Ijambo ry’Imana, isabato ni co kimenyetso c’Imana. Ikidushira mu “ruhanga” ni ukuvuga mu bwenge, mu vyiyumviro, mu mutima. 
“Andika ivyo washingiye intahe, ubimatanishe ishashara ubihe abigishwa banje babishire ku mutima”. “Iri niryo sezerano nzosezerana nabo hanyuma y’iyomisi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje mu mitima yabo, no mu bwenge bwabo kandi niho nzovyandika” Yesaya 8:16; Abaheburayo 10: 16. Ikimenyetso c’igikoko co gica kiba igihushane c’ikimenyetso c’Imana. Gishirwa mu “ruhanga (mu bwenge) canke mu kiganza c’i buryo”
IKIMENYETSO C’IGIKOKO

Mu buhanuzi bwa Bibiliya , igikoko kigereranya “umwami”, “ubwami” , “ububasha” canke “ubutegetsi”. “Ivyo bikoko binini uko ari bine nibo bami bane bazokwaduka bazukurutse mw’isi…Ico gikoko ca kane kizoba ubwami bwa kane kw’isi.” Daniyeli 7:17,23.

Igishushanyo: Igishushanyo c’ikintu, ni ikindi kintu gikozwe nkaco, gifise ibikiranga bimeze nk’ivy’ica mbere kandi bikora kumwe. 

“Igishushanyo c’igikoko, kigereranya ubuprotestanti bwaretse Imana buzokwifatanya n’ubutegetsi bwa Reta kugirango butegekeshe agahato inyigisho zabwo z’ukwizera.” La tragédie des siècles, p. 482
Nk’uko Bibiliya ibivuga, kimwe mu biranga ubu butegetsi bwagereranijwe n’igikoko, ni ukugerageza guhindura amabwirizwa y’Imana: “Isumba vyose azoyivugako amajambo y’agatituro, kand’azocobogoza abera b’Isumba vyose, azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe (amabwirizwa y’Imana)” Daniyeli 7:25

Uwo mwami intumwa Paulo amwita “umugarariji”, “umurwanizi”, “umwana wo kuranduka” “…yishira hejuru y’icitwa Imana cose canke igisengwa; n’ukw’azokwicara mu rusengero rw’Imana yiyerekana ngo n’Imana” 2 Ab’i Tesalonike 2:3-4.

 

Gushika uyu musi ubutegetsi bumwe rudende “UBUPĀPA” nibwo bwiyemerera ku mugaragaro ko bwahinduye amabwirizwa y’Imana, na cane cane ibwirizwa ry’Isabato. Bwarakuyeho ikimenyetso cerekana Imana nk’Umuremyi bugishubiriza “ikimenyetso c’ubutegetsi bwabwo ari naco kimenyetso c’igikoko.

«Ekleziya irazigama amabwirizwa cumi ikayaraba nk’inzira ntangere twogenderako. Yarahinduye gusa umusi w’isabato, itora uwukurikira ng’ube umusi w’ Imana. » Ubwuzure bwa Kera, p. 135.

  “…Turemera ihinduka ryakozwe na Ekleziya yakuyeho samedi ishinga dimanche. Turavuga tutarya umunwa tuti, Ego, Ishengero ryarakoze iryo hinduka, ryarashinze iryo tegeko, nk’uko ryashinze n’ayandi mategeko,…” Peter R. Kraemer, Catholic Church Extension Society, 1975.
Noneho birumvikanye. Igikoko kivugwa kigereranya ubutegetsi bw’Ishengero Gatorika ry’I Roma canke “Upupapa”. None ikimenyetso c’ubutegetsi bw’ubupapa na Ekleziya barongoye ni ikihe?

“Gukuraho itegeko ry’Imana ni ikimenyetso c’ubutegetsi bwacu” Father Enright, in History of the Sabbath, P. 802; National sunday law, P. 47.
Ikinyamakuru ca Ekleziya Gatorika y’i Roma congera kutumenyesha ikimenyetso c’igikoko ic’arico muri aya majambo:
“Umusi wa mbere (Dimanche) ni IKIMENYETSO c’ububasha bwacu. Ishengero Gatorika riri hejuru ya Bibiliya kandi iryo yimurwa ry’ihimbazwa ry’isabato rirabigaragaza.” The Chatolic Record, London, 1september 1923.
IMANA IRATUGABISHA

“Ni hagira umuntu asenga igikoko n’igishushanyo caco, akemera gushirwako ikimenyetso mu ruhanga canke mu kiganza, uwo nawe azonywa kuri vino, ni yo burake bw’Imana yiteguye idafunguye mu gakarabo k’uburake bwayo… Kandi bazobabazwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera n’imbere ya wa Mwagazi…” Ivyahishuwe 14:9-11.
Gusenga igikoko (ubupāpa) canke igishushanyo caco (urunani rw’amashengero ya giprotestanti yaretse Imana) bisigura, mu mvugo itomoye, kwumvira no kwubahiriza itegeko ryashinzwe n’ayo madini kandi rirwanya itegeko ryaYehova. Nayo igikoko c’amahembe abiri (Reta Zunze ubumwe za amerika), zizoshishigikira ayo mategeko y’idini kandi zigenere igihano c’urupfu abatazoyakurikiza bose. Birakomeye!!! Soma Ivyahishuwe 13:15.

“Ugusenga kwo ku musi w’izuba (Dimanche) ni ikimenyetso c’ubutegetsi bw’ubupāpa. Ugusenga kwo ku musi w’izuba ni “ikimenyetso c’igikoko”…

Imana ivugako ar’Imana y’ukuri. Yatanze isabato yayo ngo ibe ikimenyetso c’ubutegetsi bwayo nk’Umuremyi w’ibintu vyose. Mu kwubahiriza isabato tuba twemeye ubutegetsi bw’Imana. Ariko Ekleziya Gatorika ivuga iti:

“Oya! Ubahirize umusi wa mbere w’iyinga, kandi raba isi yose ikoma amashi, ikunama mu kwubahiriza amabwirizwa ya Ekleziya Gatorika Nyeranda.” Father Enright, in History of the Sabbath, P. 802; National sunday law, P. 47.
MU KIGANZA C’IBURYO CANKE MU RUHANGA
“Kigera ko bose, aboroshe n’abahambaye, n’abatunzi n’aboro, n’abidegevya n’abagurano, bashirwa kw’ikimenyetso ku kiganza c’iburyo canke mu ruhanga” Ivyahishuwe 13:16.
Ku kiganza c’iburyo: ikiganza kigereranya ibikorwa. Ikimenyetso c’igikoko kitagiye mu ruhanga kija mu kiganza. Kwakira ikimenyetso mu kiganza ni ukuba uzi neza ko isabato ariwo musi w’Imana w’ukuri, ariko ugahitamwo kuwukorako ibikorwa bidategerezwa (Yesaya 58:13,14), ukawuzirura ibigirankana. Ukuboko canke ikiganza ni ikigereranyo c’ibikorwa (Umusiguzi 9:10).
Mu ruhanga: Twamaze kwumva ko ari mu bwenge mu mutima (Ezekiyeli 3:8,9). Uruhanga nirwo rubitse ubwonko burimwo ubwenge. Kwakira ikimenyetso c’igikoko mu ruhanga ni ukwizera mu mutima no mu bwenge ko umusi wa mbere (Dimanche) ariwo musi w’Imana kand’ivyo ukabikora umaze kwakirwa n’umuco ku bijanye n’umusi w’Imana w’ukuri ariwo Sabato.
ICITONDERWA:

Uyu musi nta muntu n’umwe arashirwako ikimenyetso c’igikoko, gushika aho itegeko ryo kubahiriza no kweza umusi wa mbere w’imisi indwi risoshirwako umukazo n’ubutegetsi bwa Leta, kandi abantu bakazoba baramaze guhabwa umuco kuvyerekeye umusi w’Imana w’ukuri. “…niho uwowese azokwica itegeko ry’Imana kugirango yubahirize itegeko ritagira ububasha buhambaye ry’i Roma, azoba yubashe ubupāpa aho kwubaha Imana. Azoba ahaye icubahiro Roma n’ububasha bushigikiye itegeko ryashinzwe nayo. Uwo, azosenga igikoko n’igishushanyo caco…. Igihe abantu bazohamagarirwa guhitamwo hagati y’amabwirizwa y’Imana n’amabwirizwa y’abantu, niho abashishikara kuzirura isabato y’Imana bazokwakira ikimenyetso c’igikoko” La tragédie des siècles, PP. 486, 487

Ariko rero naho uno musi kwubahiriza umusi w’Imana washinzwe n’abantu (Dimanche) kandi uzi umusi w’Imana w’ukuri atari ukwakira ikimenyetso c’igikoko, ni icaha. Kuko ubandanya kwica no guhonyanga rimwe mu mabwirizwa cumi y’Imana ibigirankana. Kukaba nkako “Uzi gukora neza ntabikore, bimubera icaha.” Yakobo 4:17.
“Vuba bose bategerezwa guhitamwo kwakira ikimenyetso c’Imana canke ikimenyetso c’igikoko. Ubu si ikibazo c’imisi ibiri (Samedi na Dimanche), ahubwo ni ikibazo co gusenga, c’ukuba intamuheba ku Mana canke ku bubasha bw’igikoko”. National sunday law, pp. 68,69.

Une réflexion sur “Ikimenyetso

  1. Ewe wa muntu urateye akagongwe! Ese ingene wibabariza ubusa ataco uri bushikeko. Iyo ndwara y’ubupaapa urwaye yaragushegeshe irakuzingamika, yamara n’uko ikumungira ubusa ataco uri buhindure, nayo Papa na Ekleziya Gatolika arongoye nta n’ukudonoka. Muri kahise ka Ekleziya Gatolika kuva ibaho nta na rimwe yigeze yoroherwa ariko ntiyigeze isenyuka. Hariho beeenshi benshi caane bagusumvya igihagararo, ubumenyi n’ububasha, ubwenge n’ubuhinga bayirwanije kandi n’ubu bakiriko, ntaco batagize ntaco batakoresheje, n’umuheto urajamwo eka n’amasoro aravuga ngo Papa apfe ajane na Ekleziya Gatolika arongoye, ariko gushika ubu aho ugeza amaso n’ubwenge, itegereze, urabona ko igihagaze, kandi izokwama ihagaze gushika ku muhero w’isi.
    Iyo sabato nayo wamiza mu kanwa, iyo uba wasoma Bibiliya wokwiboneye ko ata muntu yigeze ayihindura ndetse nyene kugaba isabato we nyene ubwiwe. None aho gusoma Bibiliya igitabo ceranda, ushima gusoma izo nyandiko z’abakubereye indongozi muri iyo nzira washimye gufata… Father Enright, in History of the Sabbath, National sunday law, La tragédie des siècles, The Chatolic Record…
    Iyo uba wasoma inyandiko nyeranda, womenye ko atari Papa yategetse Yezu gupfa kuwa gatanu (vendredi =6ème jour) no kuzuka ku munsi w’Imana, umunsi wa mbere w’indwi (Dimanche= 1er jour). Womenye kandi ukibuka ko urukiza rwacu n’ukwemera kwacu bidahagaze kw’isabato ariko bihagaze aho twabironkeye mu rupfu n’izuka rya Kristu Yezu Umucunguzi Wacu.
    Womenye wa muntu ko atari Papa yategetse Yezu kuduha akarorero ko gukora kuri uyo munsi w’isabato ya kera gushika mbere n’aho bishavuza Abayahudi, kuko Yezu yemeje ko Akora kuri uyo munsi w’isabato nk’uko Se Wiwe akora. Jean 5, 16-18: « 16 C’est pourquoi les Juifs persécutaient Jésus: parce qu’il faisait ces choses-là le jour du sabbat. 17Mais il leur répondit: « Mon Père est à l’œuvre jusqu’à présent et j’œuvre moi aussi. » 18 Aussi les Juifs n’en cherchaient que davantage à le tuer, puisque, non content de violer le sabbat, il appelait encore Dieu son propre Père, se faisant égal à Dieu ».
    Nk’uko iyo sabato yari yarabereye igitsitaza abayahudi gushika n’aho banka gutabara uwubangamiwe canke uwuremvye ngo ni kw’isabato, niko mbona na wewe utaravye neza igiye kukubera ikigirwamana. Nayo Papa na Ekleziya Gatolika, niwaba wumva ko biguha akanyamuneza mu kubirtyoza no kuvyandagaza muri ivyo binyoma, ni wibandanirize kuko umwimbu ukuramwo ni wewe uwuzi. N’Abayahudi barashatse kwica Yezu, kandi barabikoze koko, ariko Yezu ntiyapfuye ni Muzima mu myaka yose. Wa wundi ati « ico ntakubwiye, umutima ni ukubwire ».

    J’aime

Les commentaires sont fermés.