HITAMWO KUREKA IVY’IMANA IGOMBA KO BIBA ABE ARIVYO BIBA KUKO NTAWOBUZA UMUGAMBI WAYO(Matayo 6:10, 25-34; Esiteri 4:10-17; Umusiguzi 1:1-8; Habakuki 2:12-14)
N’ubusa gusa ivyukora vyose udashize Imana imbere (0+0+…+0=0)
Ushize Imana imbere ubusa bwose bugira akamaro (10; 100; 1,000;…; 1n)
Ndamaramukije mwese mwahisemwo ururugendo rugana Isiyoni. Amahoro y’Uhoraho abane namwe.
Ubu butumwa mubushikirizwa na mweneso muri Kristo Yesu, MANIRAKIZA RICHARD
Nari ndabakumbuye kubaganiriza ibijanye nururugendo turimwo kuko beshi biriko birabagora kumenya ivy’Imana igomba ko biba mbere beshi muriko mukoresha ukutariko umwanya mufise haba mungo zanyu, haba muburongozi bw’igihugu, haba muburongozi bw’isengero eka haba aho hose Imana yagushize kugira ngo mugihe nkiki ushobore gutuma ubugombe bw’Imana buranguka.
Turavye mu njiri ya Matayo 6:10 haratwereka neza ko muvyo twosaba vyose nuko twosaba ngo “Ubwami bw’Imana buze, Ivyo igomba bibe mw’isi nkuko biri mwijuru”. Irijambo rirakomeye kuko nirwo rufatiro rwivyo vyose duhura navyo. Ivyo tudakorera aho ubwami bw’Imana buri nuko nivy’Igomba bitaba. Usanga turiko dukora ivyo twishakiye. Kugira rero ubwami bw’Imana canke ubwami bw’ijuru buze nuko dutegerezwa kumenya ko umwanya Imana yaduhaye ko ishaka kuwukoresha kugira ivy’igomba bibe. Hari ibanga rero kugira tubona ivy’Imana ishaka biranguka. Nkuko tugiye kubisigura aho hepfo, umuntu wese amenye ko aho uri hari igituma Imana yahagusize kandi igikuru aruko ureka ivyigomba ko biba kuko udakoze ishobora gushiraho abandi.
Usomye inkuru y’Abayuda mugitabo ca Esiteri 4:10-17, turabona ko Imana yarifise umugambi wogutabara ubwo bwoko bwayo. Mukurangura uwomugambi, Imana yatoranije umuyudakazi ariwe Esiteri kugira abe umwamikazi kugira mugihe cugutabarwa ashobore gutuma umugambi uranguka. Rero benedata, mutahure neza ko ahuri hose ko utahari kubwawe. Ahubwo uhari kuko Imana ifise icigomba ko ukora mugushitsa ivyigomba ko biba muriyisi. Esiteri yariyibagiye icari, anibagira ko atabaye umwamikazi kubwiwe ahubwo ari Imana yashaka kumushira muricokibanza kugira umusi ushitse abayuda batabarwe. Ariko ndashima Moridekayi kuko yamwibukije icatumye aba ari ibwami. Esiteri 4:14 havuga uku” kuko niwapfa kwiyumya mur’iki gihe, ntakizobuza abayuda gutabarwa bakarokoka, ariko bivuye ahandi; ariko weho n’ab’inzu ya so muzohona. Ntawubizi, kumbure icakwimitse ng’ube umwamikazi n’ukugira ng’uz’useruke mu gihe gisa niki!”Irijambo ryavuzwe na moridekayi ryari rikomeye kuko rirerekana ko Esiteri yategerezwa kuvuga ivy’ubwami bw’ijuru, ntanumwe ahubwo asemerere. Yaranamwibukije ko kuba ari umwamikazi ataruko yasumvya abandi ubwiza ahubwo yahasizwe n’IMANA kugira ivyigomba ko biba muricogihe camagorwa ngo bibe. Yaranamubariye ijambo rikomeye cane, ngo umugambi w’Imana ko uzosohora naho Esiteri atogira icakora. Ibi bisigura ko iyo umuntu adakoresheje neza umwanya afise ko Imana ishobora kuwurangura ikoresheje abandi. Bisigura yuko ikibanza urimwo ica ikigukuramwo ikazana uwuzoshobora gukora uko igomba.
Nkuko amajambo ya Moridekayi yatumye Esiteri akoresha umwanya wiwe neza, nanje ndakwinginga ngo nawe ukoreshe neza umwanya Imana yaguhaye kuko naho wovyanka umugambi uzosohora. Ahubwo iyuzibiye umugambi w’Imana wewe usanga ariwe uhahombeye kuko uca ukurwa muruwo mwanya bakahashira uwundi. Ntihagire uwishimira umwanya afise muburongozi bwigihugu ahubwo nukore mugihe nkiki kugira umugambi w’Imana kugihugu cacu usohore kuko beshi mugiye gukurwaho kuko muriko muzibira ivy’imana yasezeranye. Abari mumasengero nabonyene nuko. Mumenye ivy’Imana yavuganye namwe, kuko mugihe nkiki ariho ikeneye kumenya abayumvira nabatayumvira. Namwe muri mubuzi butandukanye, mwamamaze ivy’Imana igomba kuko aho muri niyo yahabasize. Mbere nabari mungo nzanyu, mumenye ko urwo rugo ariyo yaruguhaye. Mwese hamwe muvuge mushize amanga ivy’Imana yasezeranye gukora kuko ivyo mwishimira ari ubusa gusa nkuko umusiguzi yanditse avuga.
Igituma mvuga ivyo nuko nkeneye ko mumenya ko ivyo mwishinga vyose ko ari ubusa gusa. Umusiguzi 1:2 handitse ngo “ N’ubusa gusa, nik’umusiguzi agize; n’ubusa gusa, vyose n’ubusa”. Irijambo turifatanije nirindi riri muri Matayo 6:33 dusanga beshi twishinga kurondera ubusa gusa. Muri Matayo haravuga ngo “ Ariko mubanze mwitwaririke ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo, niho ivyo vyose muzovyongerwa”. Bisigura ko ivyo umusiguzi yise ubusa ko vyari kuza nkinyongera ariko ubwambere twabanje gushaka ubwami bw’Imana. Mubantu muzi ibiharuro murazi ko iyo uteranije ubusa gusa utora ubusa kiretse iyo uteranije ibiharururo biri hejuru yubusa. Ibi biharuro bimeze uku: 0+0+….+0=0. Naho woeteranya ubusa burenga amamiriyaridi uguma utora ubusa. Rero muvyo mukora vyose ata Mana irimwo muba muriko mwegeranya ubusa gusa. Ndababajwe nabantu kuva bakivuka begeranya ubusa gusa kugeza nuyumusi. Rero ndabagire inama. Iyo ushize Imana imbere, ukayigira iyambere, ubwo busa buca bugira akamaro. Iyo usize Imana imbere duca turonka ibi bikurikira: 10; 100; ….; 1n. bisigura ko Imana ari igiharuro kimwe. Rero iyo igiharuro kimwe gitanguye nuko ubusa bwose bukurikiye bugira agaciro. Uko ubandanya wongerako amazero inyuma ya rimwe niko utora ibintu vyagaciro kanini. Rero murabe muhitemwo neza muhitemwo Yesu nkumwami numukiza mubuzima bwanyu bwose niho amazero yose muzongerako azogira agaciro.
Moridekayi amaze kubarira Esiteri ayo majambo akomeye, turabona ko Esiteri yahavuye atahura ko kurinda ubusa (umwanya yarafise nkumwamikazi) ataco bizomumarira. Tubisanga muri Esiteri 4: 16-17. Tuhasomye turabonako yahisemwo kuvuga ivyubwami bw’Imana atitayeho gupfa canke gukira. Icambere yabanje gusenga yongera aterereza amasengesho. Bibliya iratubwirako uwushaka gukiza ubugingo ko azobubura kandi ko uwubuhevye azobukiza. Bisigurako iyo wase kuvuga ivy’Imana ushobora kubura nuwomwanya warufise ariko iyubivuze naho wowubura uzoba ubuze ubusa (amaronko) ariko rimwe (Imana, nubugingo budahera) bugmaho.
Ndangije ndabibutsako ivy’Imina yavuze ko bigiye gushika naho abo yari yashize ahantu hatandukanye base gukora ivyo yari yabashiriyeho ngo bakore. Esiteri yarakize yongera akiza nubwoko bw’imana, ariko ndabona beshi tugira dupfe tupfanye nabacu nivyo vyose twegeranije muburyarya. Umve rero, umugambi w’Imana uko upanze ugira usohore uko nyene uri atakivuyeko. Wewe usoma wumve ivyo Mpwemu akwongorera utazosanga uriko uzibira ukuranguka nishitsa ry’ivyasezeranywe. Iyumvire ivyo urimwo, ivyukora, urwego urimwo, hama uce wiyumvira ingene uri aho uri. Yesu abashoboze kuko biragoye gutahura. Umwe wese yisuzume hama yisabire imbabazi kuvyo abona agenda ukuratiko.
ISENGESHO: MANA mushobora vyose, ndagushimiye ukungene witaho ubwoko bwawe, ntaco utatumenyesha kuko udufitiye umugambi mwiza mumahanga yose. Rero DATA mwiza, ndakwinginze ngo irijambo riterwe mumitima y’abantu bawe aho bari hose kw’isi. Rihindure uko twagenda mukutamenya canke mububegito bwacu. Yesu mwana w’Imana dushoboze kumenya gukoresha neza umwanya wadushizemwo kugira ishaka ryawe riranguke. Abagiye ukutarikwo utubabarire utweze. Kuko atawoshobora kuba imbere yawe kiretse amaraso ariyo aturiko. Yesu, uturinde kwiyegeraniziza amazero gusa ahubwo twegeranye amazero arinyuma ya rimwe arivyo biguhimbara. Urakoze Yesu. Amen.