*Indwi ya 27 yo mu mwaka : ku wa kane*_(Années paires)_
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyagalati*
(3, 1-5)
Banyagalati mwe, biburabwenge, ni nde yabaroze, kandi ari mwebwe mweretswe nk’imbonankubone Yezu Kristu yabambwe ku musaraba? Nta kindi mbabajije atari iki kimwe: mbega, mwaronse Mutima kubera ibikorwa vy’Ibwirizwa cabure kubera ubuyoboke buvuye ku kwemera? Mbega, mwakabaye muri ibiburabwenge mutyo? Mwatanguriye mu vy’umutima, none ubu musozereye mu vy’umubiri? Mbega, ayo yose mwayaboneye ubusa? Koko, vyoba vyabapfuyeko ubusa. Uwubagabira Mutima agakorera ibitangaro muri mwebwe, mbega abitumwa n’ibikorwa vy’Ibwirizwa cabure n’ubuyoboke bw’ukwemera?
*IZABURI*
*Luka 1, 69-70, 71-72, 73-75*
Icit.: *Umukama Imana y’Israyeli, n’ahezagirwe, yararamukije yongera abohora igihugu iciwe.*
Yaradukijije agirako aradushigikira,
abigirira Dawudi umusuku wiwe;
nk’uko yari yarabiranze kuva kera hose,
atumye abahanuzi biwe beranda.
Ngo adukize abansi bacu,
adukure mu minwe y’abatwanka bose;
kugira ngo yereke ikigongwe ba sokuru bacu,
yongere yibuke ubwuzure bwiwe bweranda.
Ya ndahiro yarahira Aburahamu sokuru wacu,
ko azoturokora adukure mu minwe y’abansi,
tubone kumukorera ata bwoba,
mu bweranda no mu butungane,
mu nyonga ziwe, imisi yose tukiriho.
*INKURU NZIZA*
*Aleluya, aleluya.*
*_Umutima wanje uriteze Umukama, ijambo ryiwe ni ryo nizeye._*
*Aleluya*.
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka* (11, 6-13)
*Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati:* *«Ni nde muri mwebwe afise umugenzi, agiye iwe mw’ijoro, akamubwira ati: Mugenzi, ngurana imikate itatu, kuko iwanje ndariwe n’umugenzi avuye ku nzira, ntagira ico ndamuzimana.* *Na we uwo ari mu nzu akamwishura ati: Nta co unyigorera, namaze kwugarira kandi twe n’abana turi mu buriri, sinshoboye kuvyuka ngo ndaguhe.* *Nyene kurarirwa yoshishikara gukomanga; ndababwiye: n’aho atovyuka ngo amuhe kuko ari umukunzi, yovyuka akamuha ivyo akeneye vyose, kuko ariko aramugora*.
*Nanje ndababariye: Nimusabe, muzoronka; nimurondere muzohambwa; nimwuguruze, bazokwugururirwa. Kuko uwusaba aronka, uwurondeye araronka, na we uwuguruje arugurunrwa.*
*Muri mwebwe, hari umuvyeyi umwana yosaba umukate akamuha ibuye? Yamusaba ifi akamuha inzoka? Yamusaba irigi akamuha akamina? None, ko mwebwe, n’aho muri babi, muzi guha abana banyu ivyiza, So wanyu wo mw’ijuru we yonganya na nde mu guha Mutima Mweranda abamumusaba?»*
https://ryotwubaka.com/2016/09/17/indwi-ya-27-yo-mu-mwaka-ku-wa-kane-annees-paires/