_*Indwi ya 27 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années paires)*_
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyagalati* (3, 7-14)
Ncuti zanje,
Nimumenye neza ko abishimiye ukwemera ari bo bana ba Aburahamu. Bisubiye kandi, Ivyanditse vyarabimenyesheje bitaraba ko Imana izotunganya abanyamahanga kubera ukwemera, iraheza iburira Aburahamu iyi nkuru nziza ngo: «Intara zose zizohezagirirwa muri wewe.» Niho rero abishimira ukwemera bahezagirwa hamwe na Aburahamu Nyenukwemera.
Abishimira ibikorwa vy’Ibwirizwa bose barahanamiwe n’umuvumo, kuko handitswe ngo: «Arakavumwa uwo wese atihambirira ku vyanditswe mu gitabu c’Ibwirizwa ngo abirangure vyose.» Ko ata n’umwe ibwirizwa rishobora gutunganya mu maso y’Imana, ni ikiboneka, kuko «Intungane ibeshwaho n’ukwemera.» Nka ko, Ibwirizwa ntiriva ku kwemera, ariko uwukora ayo mategeko azobeshwaho na yo. Kristu yaducunguye umuvumo w’Ibwirizwa mu kuba Umuvumo ku bwacu, kuko handitswe ngo: «Arakavumwa umuntu wese amanitswe ku giti», kugira ngo abanyamahanga baronkere umuhezagiro wa Aburahamu muri Kristu Yezu, natwe ukwemera kukaturonkera Mutima w’umuhango.
*IZABURI 110 (111) 1-2, 3-4, 5-6*
Icit. : *Ntaho Umukama yigeze yibagira isezerano ryiwe.*
Ndaninahaza Umukama n’umutima wanje wose,
mu gihari c’aberanda no mw’ikoraniro ryabo.
Ibikorwa vy’Umukama birahambaye,
birabereve kurimburwa n’ababikunda.
Ivyo yakoze birateye iteka n’itungane,
ubutungane bwiwe buzokwamaho.
Yaradusigaranye icibukirizo c’ivyiza yagize,
eka bane Umukama ni Nyenimbabazi n’ikigongwe.
Aragaburira abamwubaha bose,
akibuka indagano ziwe ubudahengeshanya.
Yarerekanye mu bantu biwe ko bikorwa vyiwe ari akagoye,
mu kubaha iragi ry’intara zose.
*INKURU NZIZA*
*Aleluya, aleluya*.
*_Umukiza wacu Yezu Kristu yaratsinze urupfu; yarabonesheje ubuzima n’umuco, mu kudushikiriza Inkuru nziza._*
*Aleluya.*
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka* (11, 15-26)
*Muri irya misi, Yezu yari yirukanye ishetani ngo ive mu muntu w’ikiragi. Mugabo bamwe mu bari aho bagira bati: «Yirukana amashetani kubwa Belizebuli, umwami w’amashetani.» Abandi na bo, kugira ngo bamugeze, bamubwira bati: «Twereke ikimenyetso kivuye mw’ijuru.»*
*We rero yari azi ico biyumvira, ababwira ati: «Ubwami bwose budashira hamwe buzohona, amazu na yo agwaneko. Ko mugize ngo nirukana amashetani kubwa Belizebuli, none shetani niyaba iriko irirwanya, ubwami bwayo buzorama bute? Ngasangwa nanje nirukana amashetani kubwa Belizebuli, abana banyu bayirukanisha iki? Ni co gituma bazobabera bo nyene abacamanza. Yamara ngasangwa nirukana amashetani ku bubasha bw’Imana, Ubwami bw’Imana bwabashikiriye.*
*Iyo umugabo akomeye, ari n’umuheto, akararira urugo rwiwe, ivyiwe ntakibikakaza.* *Ariko haramutse haje uwumurusha inguvu akamutsinda, aca amwaka wa muheto yari yishimiye, kandi ivyo amwambuye agaca abitanga.*
*Uwo tudashize hamwe aranyaka, uwo twimburira kubiri arasesagura*.
*Iyo shetani y’ibiterasoni ivuye mu muntu, irayerera mu bunoge, irondera aho yoruhukira, ariko ntihabone. Iraheza rero ikavuga iti: Nza kwisubirira mu nzu yanje navuyemwo. Igarutse, isanga ata nkomakomyi, isukuye kandi isikuye. Ikagenda noneho kuzana ibindi bishetani indwi biyisumwa ububi; vyinjiye bikayigumanamwo, maze bikunyuka, ububi wa muntu bukaruta ubwa mbere.»*
https://ryotwubaka.com/2016/09/17/indwi-ya-27-yo-mu-mwaka-ku-wa-gatanu-annees-paires/