Iki gitondo nifuje guter intege umuntu nkuko nigez guterwa intege nanje.Narakunze iri jambo: « Ubuzima bumeze nka piano, touches zera zisobanura umunezero, izirabura nazo zikavuga umubabaro. Muga igihe cose ubonye umusi userutse, wame wibuka ko n’uruhande rwirabura narwo rutanga melodie nziza. » Ivy’umaze gushikako,gushimirwa, gushobora canke gukora neza sivyo vyonyene bigira umudiho(melodie) mwiza. n’ivyakunanije navyo,ivyakuruhije, imibabaro, kunanirwa, gusubizwa hasi canke gukomeretswa no kwihebura…biri mu bigize yama touches; kandi Imana Izoreka uwariwe wese mu buzima bwawe ayafyondeko muma circonstances no muma situations atandukanye!!! Nubu nyene bishoboka ko wumva washishwe, vyakurambiye canke urushe! Ariko nyumviriza ndakubwire: Ivyo nyene bishobora gukora akaririmbo keza! Nico gituma udakwiye gutwenga umuntu ariko araca mu mibabaro no mu bihe bigoye,ahubwo ukwiye kubabarana nawe, kuk umusi umwe uzokenera kwumva ururirimbo rwiwe, hama rukunezere uheze unezerererwane nawe!! Iyo niyo experience yiwe. « Niho inkumi izonezerezwa n’imvyino,n’abasore…:kukw ikigandaro cabo nzogihindura umunezero,nzobirura, mbanezereze mbakuye mu mubabaro wabo. » JER31:13