Idominika ya 29C

_*Idominika ya 29 yo mu mwaka C*_
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (17, 8-13)*
Igisabisho gihozako ca Musa kiratsinda abansi

Mu gihe abanyisrayeli bari mu gahinga, Abameleki baraja kubatera i Refidimu. Musa rero abarira Yozuwe ati: «Dusobanurire abantu, ubajane murwanye Abamaleki; nanje ejo nzohagarara ku mpinga y’umusozi, nitwaje ya nkoni y’Imana.»

Yozuwe agira nk’uko Musa yamubariye nyene, aja kurwanya Abamaleki; Musa na Aroni na Huri baraduga, baja ku mpinga y’uwo musozi. Maze, Musa iyo amanitse amaboko, Abanyisrayeli ni bo batera baja imbere; ayamanuye na ho, Abamaleki bakaba ari bo batera baja imbere.

Maze, amaboko ya Musa arateba araruha; bafata ibuye, bararimufatira aryicarako; Aroni na Huri bagumya amaboko yiwe, umwe ku ruhande rumwe, uwundi ku rundi: amaboko yiwe araguma gushika izuba rirenge. Yozuwe rero aratsinda Abamaleki, abatsindisha inkota.

*IZABURI 120 (121) 1-2, 3-4, 5-6, 7-8*
*Icit.: Urukiza rwacu turukesha Umukama We yaremye ijuru n’isi.*
Amaso yanje: ndayerekeje ku mataba:

urukiza rwanje ruzova hehe?

Urukiza rwanje ndarukesha Umukama,

We yaremye ijuru n’isi.
Umukama ntazokureka ngo utirimuke,

Umuvunyi wawe ntazokwigera ahunikira.

Eka nyabuna, Umuvunyi w’Israyeli

ntasinzira kandi ntahunikira.
Umukama azoba umuvunyi wawe,

Umukama azogukingira ikibaba;

ku mutaga izuba ntirizokunaga,

mw’ijoro ukwezi ntikuzogukorako.
Umukama azokurinda akabi kose,

azigame umutima wawe;

Umukama azokuzigama mu mazinduka no mu matahuka,

ubu no mu myaka yose.
*IGISOMWA CA KABIRI*
*Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (3, 14-4, 2)*
Umuntu w’Imana aca abangukirwa, akagira ibimukwiye

ngo akore igikorwa ciza cose

Mwananje nkunda cane,

Urazigama ivyo bakwigishije, kuko uzi ko ari ivy’ukuri, ukamenya n’ababikwigishije. Kuva mu buto bwawe, wamye umenya Ibitabu Vyeranda: birashobora kuguha ubwitonzi bugushikiriza ubukiriro kubera ko twemera Kristu Yezu. Icanditswe cose cohejwe n’Imana kandi gifise akamaro mu kwigisha, mu guhanura, mu kugorora no mu kurera mu butungane. Gutyo, umuntu w’Imana aca abangukirwa, akagira ibimukwiye ngo akore igikorwa ciza cose.

Ndakwihanikirije imbere y’Imana n’imbere ya Kristu Yezu azocira urubanza abazima n’abapfuye, ndabigusavye kandi kw’izina ry’uwuzoseruka mu buninahazwa bw’inganji yiwe: igisha udahengeshanya abaguteze amatwi n’abakwihoza, hanura, wihanize, uremeshe, mu bwitonzi no mu bwira bwinshi.

*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya.
_Ijambo ry’Imana ni rizima, ryuzuye ububasha, rirasobanura ivyiyumviro n’ivyipfuzo biri mu mutima._
Aleluya.
*Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (18, 1-8)*
_Imana izoburana abayo bayiborogera ijoro n’umutaga_
*Umusi umwe, Yezu yaciriye abigishwa biwe umugani, kugira abigishe ko bakwiye guhozako mu gusaba ntibarambirwe: «Habaye mu gisagara umushingantahe atubaha Imana, abantu na bo ntabababare. Muri ico gisagara nyene, hari umupfakazi yama amusaba amubwira ati: “Urantunga umburane, unkize uwirirwa arampama!” Aramwankira kabiri, gatatu. Hanyuma yibwira ati: “N’aho ntubaha Imana, abantu sindabababare, uyu mupfakazi arangora, ngira ngo ndamucire urubanza rwiwe, yoye kumena amatwi”. » Umukama arasubira ati: «Nimwumve imvugo y’uyo mushingantahe mubi. None, Imana ni yo itoburana abayo bayiborogera ijoro n’umutaga? Ni yo yobatevya? Ndababwiye: izobaburana idahagaze. Ariko, none aho Umwana w’umuntu azogarukira, mbe azosanga ukwemera kw’isi?»*