ISHENGERO NI IKI? “Mwubakwe nk’amabuye afise ubugingo, kugira ngo mube inzu yo mu buryo bw’impwemu, mugire ibango ry’ubuherezi ryera, ngo mutange ibimazi mu buryo bw’impwemu, bishimwa n’Imana ku bwa Yesu Kristo. 6…Raba, ndashira I Siyoni ibuye rigumya infuruka, ryatoranijwe, riri n’igiciro, kandi uryizera ntazomaramazwa.” 1 Petero2: 5-6
Imana yarangendeye inyemeza ko hari ubwoko bubiri bw’ivyo twita ishengero: ishengero rya mbere, ari naryo rizwi cane mw’isi, ni idini. Iri naryo ihuriro ry’abantu bahuriye kuco bita Imana, bakakisenga mu buryo bavyamvamwo, kuko imana iyo ariyo yose, imazwe kwitwa imana ni iyo gusengwa. Mw’idini niho umuyoboke arererwa agakura mu kwemera kwiwe.
Idini rero rishobora kuba irya kristo, canke iry’abantu ubwabo. Rishobora kuba irya Kristo, n’ukuvuga iry’Imana Nzima yarungitse Yesu ngo acungure umuntu, canke rikaba iry’iyindi mana. Birazwi ko imana ari zibiri, kuko ico umuntu wese asenga acita imana: Imana Nzima, Data Rugira Vyose, Rukundo, yarungitse umwana wayo w’ikinege Yesu Kristo akatwitangira ku musalaba, hamwe n’imana yindi, Rusiferi, umwe yakororewe I kuzimu, umwe agaba abadayimoni bose, ari bo bamalayika bakororanwe na Ruciferi. N’ukuvuga ko amadini yose adakorera Kristo, Umwami Imana, akorera imana y’i kuzimu, Rusiferi ariwe Satani. Kuko nta mana ya gatatu n’iya kane iriho. Ivyo biraguteye ubwoba uvyumvise, mbere unibwira ko ntukanye, ariko ni uko bimeze. Bimaze igihe vyari ibanga, ariko ubu, kandi ubu, harageze ko bija ahabona, kugira ishengero ry’Imana Nzima rigaragare, aba Kristo bajabuke bamaze kwitandukanya n’abatari abiwe; ubu bari bavanze. Ntacapfuzwe kitazoja kw’isonga ry’agatumba kikamenyekana. Reka gutangara kuko kino nico gihe. Jewe mvuga uko mpimbawe n’ugutangaza ivyo Imana ishaka biteye ubwoba, nanje nkazoterwa ubwoba n’abarwanya Imana n’ivyakenerwa, kuko navyo ni vyiza kugira ijambo Umwami Yesu yavuze rishike. Ariko ikigufitiye akamaro wewe, kurusha ugufatwa kwanje n’ukurekwa n’uko uva mw’ishengero rya Satani, ukihana, ukemerwa. Birazwi ko hari ababirimwo mu bugarariji, bazi ibanga, n’abakurikira mu kutamenya. Aba banyuma imbabbazi zibariko, bihanye (Ivyak.17:30). Ba bandi nabo ni abo gucirwako iteka kuko bakora ico bazi barwanya Imana. (Heb10:1) Bamwe muri bo bigisha gusenga muri aya majambo: “Tubikora tubizi tukabikora ibigirankana”. Bibiriya ivuga ko ubikora abizi amaraso ya Kristo ata kimazi agifise kuri we.
Ariko rero no mu ma dini yiyitirira Kristo hari aya Kristo koko, arondera ukuri kwiwe, n’ayandi amwitirirwa gusa ku rwenge, akamugira ikiraro kugira azimize benshi bazimirira mu mana nyene. Ikizobakubwira, bashira inda imbere muri vyose. Barondera amaronko mu kurema ibice no mu kudakakaza abanyavyaha cane cane abatanga amahera menshi bamana ivyicaro vy’abanyavyubahiro n’abaherezi. Barizwa no kugira abantu benshi kugira babonkemwo amahera n’ivyubahiro babanje kugaranira I kuzimu imitima yabo.
Ubwoko bwa kabiri bw’ishengero ni Ishengero rimwe gusa ry’impwemu ry’Imana Nzima, iryo Kristu yashize yubakishije ijambo. Iryo ntiriri I Nebraska, ntiriri I Muyinga, ntiriri I Roma canke I Maka, ntiritungwa urutoke ahantu na hamwe. Ntiryemerewe mu bushikiranganji na bumwe kuko ntirigira umwungere mw’isi “Représentant”, umwungere waryo ni Kristo. Riri mu buryo bw’impwemu, rikabamwo abemeye umusaraba bose bakama ivyamwa vyo kugororoka iyo bava bakagera. Abayoboke baryo banditse mu gitabo kizozingururwa na wa Mwagazi w’intama ukura abantu ibicumuro (Ivyahish.5). Si mu ma registres canke mu ntonde z’amadini gusa.
Abayoboke baryo bari mu buryo bubiri : aba mbere bari mu madini ya Kristo arondera ukuri, bakama na ntaryo bihatira kumenya ico Imana ishaka mw’isi bakaciruka i nyuma iyo bariko barafasha mw’idini. Bene abo barankwa gose, kandi bagahamwa birengeje mw’idini kuko bakora batanezwe kunezereza abantu, barondera kunezereza iyabaremye. Ntibarondera ibiti ku bakuru babo. Kenshi na kenshi bama bahereza mu gukorera Imana hanze y’idini. Abayoboke b’Ishengero ry’Impwemu ba kabiri ntibari mw’idini na rimwe, baba mw’ijambo, bagasengera mu mutima, bagakorana n’abandi bera iyo babitunganije nk’uko bibiriya ibisaba bagasenga. Bene abo ubukozi bwabo bubera aho abantu b’Imana baro hose, mw’isoko, mu ma modoka, n’ahandi hose abantu bakoraniye bakemera kumva ubutumwa. Ntibarondera abo baganza ngo babitirirwe babasoromemwo amafaranga ku nguvu, abo bimbuye babigisha kuba mw’ijambo ry’Imana, iryo naryo rivuga kwakira Yesu nk’Umwami n’Umukiza, kwatura ivyaha, kubatizwa mu mazi menshi nka Yesu, gukorera Imana, gukorana, gusenga no kwama ivyamwa vyo kugororoka.
Ibiranga ishengero riri mu kuri
Ngica akarongo kuri uno mutwe w’ikigabane kivuga kw’ishengero ico ari co, ijwi nrije mu mutima wanje rimbwira gusoma 2 Korinto 10: 7 “Mbega muraba ibibonwa n’amaso?” Ishengero rirabirwa mu buryo bw’impwemu, si mu bigaragara. Ariko ibigaragara bikwiye kugaragaza ubushobozi bwa Kristo ariwe mutwe w’ishengero. Mu kwezi kwa gatandatu, niho Mpwemu yambwira ayo majambo yo muri 1 Petero2:5-6, numva umunezero.
Ng’ibi rero ibiranga ishengero, bikarimenyekanisha y’uko ari irya Kristo, nk’uko Paulo abivuga muri ico gisomwa nahishuriwe ngica akarongo:
2 Kor.10: 5 Ishengero ry’Imana rivuga ubutumwa bw’Umwami wacu Yesu Kristo. Uko niko Yesu yasize abwiye intumwa, ati: Mukwiragire amahanga, mubwire inkuru nziza icaremwe cose. Hari amashengero hano mu kinyegero canke mbere bamwe no ku mugaragaro bibereye muri politike. Mu makoraniro y’imigambwe, no mu magaburanyama yabo, bambara ibiranga umugambwe, bakawukorera n’ibindi vyose bategetswe canke bibazanira inyungu z’umubiri. Naho rifise uburyo guterera mw’iterambere bitoba bibi, sico rihamagariwe. Mbega ho, ririko rikora mu kuri nk’uko tuzi ingene intumwa zakora, ziruka imisozi, zihamwa, mbega ubutunzi bwo kubaka amashure n’amavuriro, ishengero ry’impwemu vy’ukuri ryobukura he? Simpakanye ko Imana itonakwishiriraho uyo murimo ibizeye mwo inyungu muvy’impwemu, ariko murabe neza, mwiyubare. Ivyo vyatesheje umurongo benshi bari mu mpwemu bigira gukora amaporoje baha amashirahamwe mvamahanga bafise intego zabo, bamaze kubaha uburyo bwabo, nabo babinjiza mu bupfu bwabo. Itunga ryose ntiriva ku Mana, ntimwihende. Kora ico mwahishuriwe gusa. Reka kurementanya. Jewe ngikizwa, igikorwa ca mbere nasabwe kwari kurondera amafaranga mu ba “Baillleurs”, n’ukuvuga abafise ibigega vyuzuye amahera yo gutanga ku mvo abasenga mukwiye kwiga. Nagiriwe Ubuntu ico gikorwa kirananira kandi nkiri mw’isi nahora ndagishobora, mu nyuma Imana irangendera inyereka kwabaye ukurindwa, nagira ntakare gose. Mwiyubare, yemwe. Ivyo ni Satani yabikora mu bantu, reka kurondera amazina y’abantu, kuko n’aho uherereye hari ivyo Satani ariko arakora. Umwami aturengere.
2 Kor: 10:7: Ishengero ry’Imana, kuko Imana ari Mpwemu, rirabirwa muri Mpwemu. Si mu matafari, n’amabati, n’ibibumbano bitatseko utugenegene tw’izahabu, si mu bibazano vyabajwe m’umubaji rurangiranwa kanaka, si mu muntu kanaka yarangije ivyigwa vya teolojiya akanarangura amabanga kanaka mw’isi, si mu myaka rimaze, oya. Si mu bantu benshi ryakira mu makoraniro, kuko tunabizi ko mu makoraniro menshi Imana atariho iba iri, shiti aringanijwe uko Kristo yabigeze. Yesaya (Yes.1:13) ntiyavugishijwe ati:
“…eka sinshobora kwihanganira amakoraniro y’agahebuza avanze n’ibigabitanyo!”
None ga bene Data, ko mbona iyo dutegura ibikorane, twegeranya inka z’indobanurwa n’ivyo kuzikaranga, tukegeranya intebe nziza abakuru bakicara neza, ugukorana guheze abafise ibiti mw’ishengero, abambaye neza, abamenyekana n’abaganza tukabegeraniriza hamwe bakiha ivyatetswe, mbega Imana irahimbarwa n’uko abasanzwe bahaga iwabo ari nabob agenda bariye, abarara ubusa bigoye ngo baze kumviriza Imana ivuga bagataha uko kandi kumbure ari nabo batanga ibigiracumi n’amashikanwa? Mbere ntawonaharira ko mu biringo bimwe bimwe twicarika neza abambaye neza, abafise integer nke kubw’indwara canke inzara bakabura uruvugiro ngo bisabire intebe, n’aho nyene kenshi natwe tuba tubibona. Twarangiza tuti: Igikorane cari kiryoshe kandi twahezagiwe? Ivyo abatabikora ni bande ngo dushime Imana? Muhava muvuga muti nta kibazo biteye kuko bose babikora. Mbega. Mbega I Sodomu na Gomora bose badutse ubusambanyi, Imana ntiyabaranduriye rimwe igasigaza Loti umugororotsi yamana na ntaryo akabonge mu mutima wiwe ku bugarariji bwari buhari?
Yakobo 2:1-1-13: Ukwirinda ivyo kurobanura abantu ku cubahiro
Yakobo 1:19-27: idini nyakuri ni iryitaho abakene
2 Petero 2:4-10: ivyabaye kuri Nowa na Loti bitubere akarorero ku batubaha Imana bitwaza ubwinshi bwabo
Ku birata ubwinshi mw’ishengero, Mpwemu yarabahunze kera, bagakomeza kwiyubakira amasinagoga hirya n’ino, n’ukwitunganiriza ibikorane vyo kurondera amafaranga, hamwe no gukwiragiza idini mu ntara zose z’igihugu no mw’isi yose basiga Imana, Yesu yaravuze ati “Kuko aho babiri canke batatu bazoba bakoraniye mw’izina ryanje, nanje nzoba ndi hagati muri bo” Matayo 18: 20. Yongera avugisha Yesaya ati:
“1 Uku niko Uhoraho agize ati: Ijuru niryo ntebe yanje, y’ubwami, isi nayo ni indava y’ibirenge vyanje: muzonyubakira inzu ki, kandi ni ahantu ki hombera uburuhukiro? 2 kuko ivyo vyose intoke zanje ari zo zabiremye, bikabaho vyose, niko Uhoraho agize; ariko umuntu w’impahazwa afise umutima umenetse, agahindishwa agashitsi n’ijambo ryanje, uwo ni we nzohozako ijisho.” Yesaya. 66: 1-2
Imana yarambwiye iti: Erega Mwana wanje, abo bakuru b’amadini bariko biyubakira ubwami bwabo bwite, baruhijwe n’ibibahimbara bo ubwabo bakavuga bati: turi abakozi b’Imana ataco bankoreye. Bisanzwe bizwi ko bene ayo mashengero agaragaza ivy’umubiri ari nayo Reta yemera, ayandi, naho yoba yemerwa na Kristo akitwa utudumbi dumbi. Ivyo ntawobihora Reta kuko itwarira isi ntimenye ivy’impwemu, ariko abakozi b’Imana bo bakora utunama two kurwanya abera, Imana igira yihurire nabo. Bikora benshi, ariko Imana yampishuriye babiri bayibabaje kurusha abandi, abo nabo bariyizi kuko nabandikiye naho babisuzuguye ntibansubize. Bihane, bareke gucokora Imana kuko yavugishije Zekariya iti : ubakozeko aba akoze mu mbone y’ijisho ryanje.
2 Kor 10:3-4: Ishengero ntirirwana mu buryo bw’umubiri, rifise ibirwanishwa vyo mu buryo bwa Mpwemu. Ivyo birwanishwa tubisanga muri Efeso 6:13-17
Ishengero ry’Imana ni ubushobozi: rifise ivyo rikora rikabishitsa kubw’ “ubushobozi bushingura akarimbi” satani yashize (2 Kor.10:4) kuko “Ubwami bw’Imana si amajambo, ni ubushobozi” niko Ijambo ry’Imana rivuga. Ivyo bibonekera mu gikorwa Yesu yakoze kugira yimenyekanishe kubo Yohani umubatizi yari yamutumyeko, yipfujije kumenya ko ari we Mesiya n’uko hari uwundi yategerezwa kwitegwa. Yakoze ibimenyetso n’ibitangaza, arababwira ati genda mumubwire ivyo mubonye. Yari gushobora kubabwira raba uko ndeha, raba uko nsa, nsa n’Abayuda, nsa n’Umwana w’Imana. Yesaya 53 avugishwa ko ata n’ubwiza yari afise bwomuteye gukundwa. Ntiyari “beau gars” nk’uko ab’iki gihe babivuga. Yesu ntiyerekanye ivyo yari atunze, canke abamukikije, n’ibindi. Oya. Yakoze imirimo. Abakira indwara barakira indwara, ababohoka barabohoka. None ishengero ry’ubu ryerekana iki? Amafaranga ryanduza ku musi mu bigiracumi n’amashikanwa, amafaranga rihemba abavugabutumwa rurangiranwa baguzwe bagaca bagenda barariyaga neza, uburebure bw’umunara, ubwaguke bw’inzu n’abantu binjiramwo uko bangana, abakuru n’abaganza mu gihugu bariyoboka bakarikorera ivyo ryifuza (vy’umubiri kuko ari vyo bafise) naryo rikabahangaza, rikabaha ubwicaro bw’abera n’abaherezi n’aho boba buzuye amaraso ku maboko,…Mana duharire.
Ishengero ry’Imana Nzima rikoresha ubushobozi bukomoka kuri Kristo Yesu : 2 Kor.5:8. Kubera ivyo ab’iki gihe navyo batabideha ko Kristo yari ubushobozi, nabo tubona bagerageza kubwigana, ariko bikagaragara ko ubwabo butava ku Mana Nzima, ahubwo ari ubw’umwiza. Uhoraho yaremeye ko Satani agira ubushobozi nawe, naho ubwiwe buri musi y’ibirenge vy’uwaburemye, Kristo. Horaho yatanze Yobu kuri Satani ngo ageragezwe nawe ku mubiri kuko yari azi ubushobozi afise. Kugira abiyita abakozi b’Imana bemerwe mw’isi, bironkere icubahiro n’amafaranga, kuko kubera ivyaha vyabo biyizi ko ata ynindi ngero bazohabwa kiretse gucirwako iteka, barondera imbaraga z’I kuzimu mu bapfumu no mu gusaba Satani imbona nkubone, bagakora ibimenyetso n’ibitangaza mw’ishengero bagahenda abatungu mu bumenyi baza kurondera kugirirwa neza mu bigaragara bataza kurangamiza amaso ku musaraba ngo bezwe.
Abo barozi, mu kubikora, basanzwe bazi ko abantu benshi cane batajanwa mw’ishengero n’urukundo Yesu yerekanye ku musaraba, ahubwo bajanwa n’ivyo uyo Yesu yobakorera muri buno bugingo. Ntibajanwa n’ico Yesu ari, bajanwa n’ivyo afise. Bene abo bazungazungishwa n’imifunda y’imiyaga yose (Kolosayi2:8) bakisanga mu ntoke z’abarozi n’abakozi ba Satani, n’abarondera amaronko.
Bene ayo mashengero, kuko atanezwe ivy’ubuntu bw’Imana anzwe kubaha iminara minini ngo yikoranirizeko amahanga abazanira ibitayega baranggwa n’ukugira amashengero yagutse cane, yuzuyemwo abantu bemererwa kuza bahenye, barahinduye imibiri yabo mu kuyitobagaura amatwi n’imikondo n’iminwa n’indimi n’ibindi bihimba tutavuze, bemererwa kwiyambika ivyo bifuje vyose vyoba imishatsi miremire badasanganywe yavuye mu bantu n’ibikoko mu buryo butazwei, bemererwa kwisiga ivyo bifuza vyose bihumanye mu bryo buzwi n’abagendererwa n’Imana Yera, bemererwa kumviririza terefone mw’ishengero, n’ibindi vyinshi vyitirirwa umwidegemvyo vyo mu bihe vya nyuma. Mu bihugu biteye imbere bene ayo mashengero amaze kwemerera abantu kwabirana basangiye igitsina. Kuko igihambaye n’uko baba benshi, igihe isi izokwasamika akanwa kayo, kandi ehe karasamye, abasoma biyubare, haze haherereyo abakwiye.
Abungere ba bene ayo mashengero ntibumviriza ubuhanuzi buvuga umusaraba mu kuri bakubwira bwa bufarisayo, ngo bizera ivyanditswe gusa, kandi ivyo nyene, ivyo natwe twizera kuko arivyo bidusuzuma, arivyo batsitarako (Ivyak.2:14-18). Abo birengagiza ko Mpwemu w’Imana ariwe asigura ijambo. Abayoboke b’ayo mashengero bari mw’idini ariko ntibari muri Kristo Yesu (Kolosayi 2:6). Kuko bari I ruhande batari muri we, ikiza cose kirabahitana kikabasuka mu kwibwa utwabo, mu ndwara z’umubiri n’iz’impwemu, mu vyaha, mu guta umwanya n’uburyo. Basukasukishwa ibitangaza bidashingiye mw’ijambo ry’Imana, kuko tuzi ingene abapfumu atawubarusha gukora amareba, mbere n’ingwara bakazikiza, naho kuvura kwabo ari ukw’umwiza ata kugirirwa neza kurama kurimwo.
Abo banyamareba bagendana ibitambara n’inkoni biroze, amazi ahezagiye abarizwa kuri bo gusa, n’ayandi mangetengete. Na ntaryo bifuza ko iyo bakoze ku muntu aca yikubita hasi kuko ububasha bwabo bukwiye ubwa mbere kugaragarira amaso ata kirimwo. Bo n’ababakurikira bitaho ico abavuga igifaransa bita “le sensationnel”. Kuko ivyo ari vyo bizana amafaranga. Nico gituma turiko tubona abantu benshi, cane cane mu bagore n’abakobwa burira indege baja muri za Nigeria, Afurika y’Epfo, Tanzaniya, Amerika n’ahandi kurondera ababakorako bakikubita hasi. Yemwe mwa bijuju mwe (mvuze uko mbakunda), ni nde yabahenze ?
Jewe ubwanje, ndi umudiyakoni mw’ishengero ryo kwihana no kuruhukira muri Kristo, nararwanye cane mw’ibanga n’umukozi w’Imana w’umushitsi ava mu Rwanda ntavuze izina, yashaka ko abo akozeko baca bagwa hasi, nanje nkabafata nkavyanka kuko nari nahishuriwe ko abikora muri kameremere. Uyo we ni mitende kuko abandi bafise ububasha bubasuka mw’ivu wanka ukunda. Humuka, bene Data. Ubushobozi bw’Imana bugaragarira mu rukundo, kandi burengenga, bukicisha bugufi. Bwerekana Kristo bukorera, si bwo bwiyerekana. Amen kandi Amen.
Abandi basukasukishwa urwenge rufatiye mu mvugo ikurikira kameremere y’isi yisunga ubuhinga bwo kuvuga no kunezereza abantu (Ezek.12 :24 « indagu y’akabirya »), mu nyambaro n’ibindi. Urwo rwenge kandi rufatira ku bushakashatsi bwo mu buryo bwa teolojiya buhanitse bugashitura cane cane abize, atac’impwemu na kimwe burimwo. Ubwo bwenge ntibugukundisha Imana, ntibunayikwankisha. Buryohera amatwi y’umubiri birenze, bugasukasuka imibiri n’ubwenge bupfuye kuko ababukoresha baba bazi ko ishengero ryuzuye abanya mubiri. Bubabibamwo ivyo banyotewe, bukabasoromamwo amafaranga n’icubahiro.
Mu bigaragara bene abo bantu barangwa no kwiyerekana mu makoraniro, ubugwaneza bwo ku maso, gutwengera abarozi n’abasuma n’abicanyi ataco bariko barabafasha c’impwemu, ari ukubikundwakazako gusa ngo bemerwe n’isi. Bene abo, bahunge. Ni inzoka zambaye ikoti. Ubugwaneza bwabo bunyegeza imitima iboze.
Reka kuronderera Imana mu giti, kuko, ehe ndabatangarije, mu vyandike ku mutima, bene izo mana zigira zishe. Vuba. Soma Yobu 18 :5 « N’ukuri urumuri rw’umunyakibi ruzozima, kandi urubeya rw’umuriro wiwe ntiruzokwaka. 6 Umuco uzocura umwiza mu nzu yiwe, n’itara rimanitse hejuru yiwe rizozima. »
Ishengero ry’Imana Nzima rirubaka ntirisambura « Kuko ububasha bwacu Umwami wacu yaduhaye kugira ngo tububake, ntitubasambure » (2 Kor.10 : 8). Ukwo kwubaka kugaragarira muri ibi bikurikira :
Ishengero ry’Imana, kuko Imana ari iy’impwemu, naryo ryitaho/ryubaka ivy’impwemu, si ivy’umubiri, naho navyo Imana ibitwongererako, tuyihimbaye, nk’uko ijambo ryayo ribivuga. Uko rigenda ryubaka ivy’impwemu vy’Imana, niko rigenda rinasambura ivy’impwemu bindi birwanya Imana nzima :
« Dushingura impari n’igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana, dufata mpiri ivyiyumvirwa mu mitima vyose, ngo tubigomorere Kristo » 2 Kor.10 :5
Umve uko Yeremiya yatumwe : «Raba uyu musi ngushizeho kugira ubushobozi ku mahanga no ku bihugu vy’abami, bwo kurandura no gusangangura, guhonya no gukomvomvora, bo n’ukwubaka no guteragira» yeremiya 1 :10
Ishengero ry’Imana ryihanganira abatarabona umusaraba, mu bugwaneza no mu kubasengera, no mu kubigisha, bihanganye. Si mu kubishimako no ku barwanya, no kubica nk’uko imihari imwe imwe yirata Imana muvy’ububeshi ibikora kuko tuzi neza ko Imana ari Rukundo, kiretse nimba ivyo nongeyeko atari vyo. Nico gituma iyo ritewe canke rigeramiwe mu buryo ubwo ari bwo bwose, ridatora ibirwanisho bigaragara ngo ritere umwansi ariko abayoboke barapfukama bagasenga. Tubona abo bita aba El Shabab atariko babikora kuko bari murindi hishurirwa. Simpakana n’ukuri ko abo bantu n’abandi bakora nkabo mw’ibanga no ku mugaragaro ataco bahishuriwe. Oya barahishuriwe cane. Ikibazo nfise gusa n’ukumenya iyabahishuriye. Ico nzi n’uko iyi mvugira yitwa Rukundo, Uhoraho, kandi ari imwe, atawe isangiye iryo zina. Ni iyo mw’ijuru. Ikindi nzi n’uko i ruhande yayo hari iyindi imwe gusa, Satani, yakororewe i kuzimu izize ubwibone. Munfashe rero.
Ishengero ry’Imana ryubakira mu rukundo. Imana yarambwiye yuko icatumye ya Reta y’aba Isilamu iriko irarwana ibaho, imwe bita mu congereza Islamic State, ari uko urwanko rw’ab’isi rwagarukiye kure cane mu gukumira aba Isilamu, bigatuma babona ko bageramiwe, bakarondera kwigwanako ngo babeho. Abashakashatsi mu vya politiki bosorongora bakagaragaza ibindi, ariko jewe n’uko Imana yambwiye.
Bene Data b’Abarundi bagire ico bahigiye mu kubaka igihugu casambuwe ahanini n’amacakubiri, n’ugukumira n’ubukunzi bw’inda. Abariko baratera imbere mu vya Mpwemu, mumenye rero uko mukwiye kubana mu rukundo n’abatungu mu vy’Imana. Ariko mwiyubare urwo rukundo ntirubemwo uburyarya buzana kwifatanya n’abatizera mu buryo bwankwa mu nyonga z’Imana (2 Kor.6:14-18: Paulo ababuza kwifatanya n’abatizera).
Iyo hadutse impair n’ibibazo, intambara zose zibera muri mpwemu. Nta “Mpamagara nanje ndakwitaba”, nta nta bayoboke ba kanaka batora amabuye, aba kanaka nabo ngo batore ibibabando ngo barwane nk’abapagani.
Bene Data, none ko ivyo twanabibonye kenshi mw’ishengero, arya mashengero ni Kristo ayabereye umutwe? Sinciye urubanza, ariko mwibaze. Ikimenyetso kimwe gusa ntanze n’uko, nisunze ijambo ry’Imana, ico Data atateye, azokirandura. Ivyo vyo bigeye kuba vuba, aho muzorondera abakozi b’Imana bamwe bari banakomeye cane muri kino gihugu mukababura. Ivyo mbere biriko biranaba, ugurura amaso murabe. Bigira vyiyongeranye kuba. Ca giti kinini ni kitaba i ruhande, kimwe gikingira umuyaga n’indugumba, n’amabati azoguruka; inzoka izoca yinjira iciye hejuru ishwiragize intama kuko izihitiye zica hasi zitamenyekanye, naho nyene zitabuze gukomora. Ntaco mwumvamwo? Egamira ico giti hakiri kare. Mugani wa wa wundi ati: “Kubera ko korale za mbere ntizumviwe, hazoza korale y’ikosora, iyicuraranga bose bagafashwa”.
Ishengero ry’Imana Nzima riciye bugufi: ntirigereranya n’amashirahamwe yo mw’isi, kuko badahamagariwe bimwe. Ivya bamwe birabirwa mu mpwemu, ivy’abandi bikarabirwa mu mubiri. None twovuga dute ngo Ishengero Pentekote Kiremba riratunze gusumba ishirahamwe ECONET/LEO? Kiretse biruka barondera bimwe. Abakorera Imana Nzima, kuko birata ivy’impwemu batirata ivy’umubiri, bicisha bugufi, bakaduga gushika ku rugero Imana yashtse kuberekanako mw’isi. Ariko birazwi ko tweho urugero tuba twashatse kudugako rurengeye aho. Paulo (2 Kor.10:13) avuga ati : “tweho ntituzokwirata ibirenze urugero, ariko tuzokwiyumvira urugero rwacu ko ruhwanye n’urugezo rw’aho Imana yatugereye, ngo dushika no kuri mwebwe.” Yongerako ati : “Ariko uwirata yirate Uhoraho”. Bimeze gute none kuri wewe mwene Data wirata ko wubatse urushengero runini gusumba abandi, kumbure n’Imana itari yaranabikwemereye? Ntitwongera kwirata ko twuzuye mw’isi yose, twagasaye, ariko twature ivyizigiro bizima, vyo kuja mw’ijuru, nimba arivyo dufise kuko abirata ivy’umubiri batirata ivy’impwemu, ivyo bishimiye bigira biyonge. Ariko simpakanye ko Imana idatanga umugisha wo gukwiza hose ubugombe bwayo mu kuri. Biri gutyo kuri wewe, nk’uko vyari kuri Paulo, mu buryo bw’umubiri ugenda uyoka nk’uyo Paulo kubwo kuruhira benshi no kunihira amasinzi, ntugenda wunguka ibiro. Imana iturengere. Sinzokwibagira umu pasitori yambwiye ati: “Ikindiza ijoro n’umutaga ari co mutwaro wanje nahaye Imana, n’uko nubaka ishengero risumba ayandi mashengero yose mu gihugu c’Uburundi.” Uyo Imana yahavuye imumpishurirako ivy’ubugarariji bukomeye kuko yifuza igisa n’umunara wa Babeli. Ni umuruho munini. Uyo yokwisonzereza ivyo akazosigara ku magufa gusa, umwihweje ukagira uti: Uyo mugorotsi yama mu mashengesho, ni umuhirwe basha! Bene abo baruzuye mw’ishengero, nico gituma Paulo yavuze neza ati: “Mbega muraba ibibonwa n’amaso?”
Hari ikintu cantangaje: Yesu ntiyigeze yubaka ishengero rigaragara ahantu na hamwe, ariko aho yagendera hose akahigishiriza hitwa ishengero kubw’abahakoraniye n’ikibakoranije; kandi hakorekera ibimenyetso vynshi vyemerwa n’Imana Data yamutumye. Tumenye uko Yesu w’umunyenkomezi ariwe yiyigishirije intumwa, ntimwumva ko izo ntumwa ari zo zokubatse amashengero agaragara ateye ubwoba asumba ayo abayuda n’aba sadukayo bubatse? None ko uwo bitirirwa atanabihakanye ariwe nyene ifeza n’izahabu! Ariko, tubona abo ahubwo bamaze ubuzima bwabo biruka imitumba n’ibihugu, bagirwa abaciye bugufi mbere n’abakene. Muri ubwo bukene hahingurwamwo ic’impwemu gikomeye camamajwe mw’isi gushika na bugingo n’ubu. Uko guhingura ic’inkomezi mu ntege nke nikwo Paulo asigura mu makete yiwe kugira ngo abigishwa biwe bikunde bagerere mu mpwemu. Ariko Abayuda n’Abafarisayo bakomeje kugasara, bavyara ishengero Katorika ritunze rigakomera gusumba amareta akomeye yo mw’isi. Uriko uraraba neza imigenzo y’abo Bayuda n’Abafarisayo nk’ama misa yo gutanga ibimazi niyo iryo shengero rigenderamwo, naho biswe na Yesu ngo ni indyadya kuko yabashitsemwo ntibamumenye kandi ari we Mana biyitirira. Yavuze ati:
“Mwa ndyadya mwe, Yesaya yavuze neza ivyo yavugishijwe n’Imana kuri mwebwe, 8 ati : Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, ariko imitima yabo iri kure yanje. 9 Bansengera ubusa, kuko inyigisho bigisha ari ivyagezwe n’abantu.” Matayo 15:7-9
Bagenzi bacu b’abasaserudoti b’iki gihe ntibigeze na bugingo n’ubu bamenya ivyo Yesu yakoze ku musaraba ngo bahagarike izo misa zo gutanga ikimazi catanzwe rimwe rizima ku musaraba turabagarukako mu gice kibagenewe.
Dawidi asavye Uhoraho kumwubakira, mbega ntiyamubgiye ati sigaho wewe washeshe amaraso menshi, ati nzokubakirwa n’umwana wawe Salomo ati kandi ingoma yiwe nzoyikomeza? Erega si twe dukomeza ibikorwa canke umugambi w’Imana, ahubwo iyo twitayeho ivy’imbabazi zayo kuko arivyo inezwe, nayo niyo ikomeza igikorwa cayo muri twebwe, kuko ni icayo. None ko mutama cane ga bagenzi, ugira ni kumvo nziza ? Ni kugira Imana itere imbere canke ni kugira mutere imbere ? Erega yo irateye imbere niyo wewe utonavutse ? Mbega Dawidi yamwankiye kumwubakira kuko atari kuronka amabati akwiye n’isima y’ubwoko bwiza ? Erega ibisayangana nk’ama karo n’ibigirwamana vy’izahabu bifise ishusho nk’izabantu ab’iki gihe bishimira, Dawidi ntiyari kubibura kirya gihe. None ntiyari umwami yaganza imisozi n’imyaba n’abantu n’ibitungwa vyabira mu gihugu yari yiherewe n’Imana yo mw’ijuru?
None ko Dawidi umukundwa w’Imana atemerewe kwubaka, ba Bayuda bari bafise iminara yohakwa gukorora imvura yagaje ibicu, barya nyene bari bitiriwe Imana ariko nya Mana yururutse muri Kristo ntibayemere hakuyibera umukobwa atoretse bakayibera umukeba agoye, amashengero yabo yari yemewe na Yesu batanamenye kuri uruhe rugero ? Wewe nawe uriko urasoma ibi, wabonye watunze uca ugira uti reka nshireko n’ishengero abantu bamenye mbe rurangiranwa, abantu banyubahe ? Canke ubonye ukenye uragira uti ndondere umutahe nubakire Uhoraho, abantu bagwirire mu kazu nubatse nabo bambesheho nce mvuga ko mbeshejweho n’Imana ? Kandi itagutumye ? Uwundi nawe ati : aba bantu ntibafise aho basengera, reka mbubakire nce nzana aba pasitori nifatiye mu rwara bahavugire izina ry’Imana bongerako n’iryanje, basorome basoromera mu bivumvu vyabo na rwanje maze nirate ko Imana ivugwa aho hantu kubera jewe ?
Ahubwo weho ugiye gusama isandugu y’Imana utabitumwe, ntiworeka kubizira. Bene Data, Imana mu mutima wanje irataka itakira abantu bubaka ngo begeranye amahera, amashengero yabo iyise ama butike, irababajwe n’abubaka ngo begeranirizemwo abanyatugenegene batandukanye baririmbira isi n’ubwibone bwose bambaye ubusa, batoboye iminwa, amazuru, imikondo n’ibindi bambarako amahereni iyo batayambaye ku maguru nk’amayugi. Amashengero yabo yegeranya abanyamubiri n’abifuza mu buryo bwinshi, iyo ndiko ndavugira iyita ama « boites de nuit » canke ubutambiro bw’indaya. Abo, ndetse kubadomako urutoke ngo sindabararaze kuko atarico Umwami anezwe, ariko barazwi, kandi noneho ivyo bakora vyankwa mu nyonga z’Uhoraho banumvise, nabo barabizi, naho bakomeza kwiyemera, bibaza ko izobatinyira ubwinshi bwabo canke gukayangana kwabo, canke kwamamara kw’amajwi yabo, naho ayo aramiriza aja i kuzimu guhamagara abadayimoni bayabaterera. Ihane, iraje.
Paulo yagumye agendera mu ntara n’ibihungu vyinshi avuga ubutumwa bwiza b’umwami Yesu, kugira bose bahinduke abigishwa biwe (ba Yesu). Ivyo n’izindi ntumwa, biboneka umengo zagize umurindi mu gikorwa uri musi gato y’uwiwe, zagize uko. Naho yagiye henshi, agakoreshwa ibitangaza vyinshi, mbere akemerwa na benshi, intumwa Paulo yarinze iva mu mubiri itagira abo yirata ngo ba naka na ba naka si aba Petero ni abanje, si aba Kefa ahubwo nije nabigishije, ni abayoboke banje. Nta gitigiri tubona mu bitabo c’abantu biwe yari afaise, avuga ko abagaba canke ariwe bayoboka. Kuri we, aho yagera no mw ‘isi yahabona abantu babiri gusa : abemeye ubutumwa bwiza bwa Yesu n’ababurararijiye.
Abo banyuma bakamuriza cane bagatuma yungura ingendo, kandi akanabakubitirwa, akabafungirwa muri gereza bikabije. Ariko iki gihe, tweho dufise abari inyuma ya Papa aganziriza kun ntebe y’i Vaticano i Roma, aho Paulo yacumukuriye akanafungirwayo, abayoboke ba Luteri wo mu Budagi, aba Migurumiko wo mu Burundi), aba Kimbangu wa Kongo y’amaja epfo (Bas-Congo), aba Mohamedi wo muri Arabiya, aba Gitwaza wo mu Rwanda, n’abandi. Mbega twebwe iyo twurira indege, n’ama meri, n’imiduga, kumbure n’intaro, kenshi na kenshi dutwaye n’abaririmvyi, tugenda turizwa n’uko iyo tugiye bataramenya Kristo canke turizwa n’uko bataramenya idini ryacu ? Inyishu ni iyawe, mykunzi uriko urasoma ibi. Kandi uko wihenda uko ariko kose, ikimara amazinda n’uko Imana izi ukuri kose.
Urakobeje mu kwandika abayoboke bawe mu ntonde z’abatanga ikigiracumi gishitse, n’izabatizwa, n’abayoboka, n’ibindi. Mukunzi, nkwibarize : mbega ubatiza ngo ubwami bw’Imana bwaguke canke ubwami bwawe ari ryo dini, bwaguke ? Nimba ari igikorwa ca Mesiya, ni kuki wirata uvuga uti : « Ndi agakomeye, maze kubatiza abantu ibihumbi bibiri ndi umwe mu myaka icumi » ukongerako ngo « kanaka naho yirata, iyo aba avyibuka yonciriye bugufi ? » Ukababazwa ngo « yararongoye canke ararongorwa utabizi », mu vy’ukuri ukabivugishwa n’uko yahindutse igitungwa cawe kitorishiriza aho utazi ? Iyo ubonye abo Imana yagucishije mu ntoke, unezerererwa inkomezi zawe ubwawe, ntunezerererwa igikorwa Imana yo nyene yakoresheje intoke zawe, kuko usanzwe uzi ko atariyo yabikoze.
Ikindi nokwibariza, mbega ko wandika abatanga ikigiracumi gishitse, ukabaheka ku mutima, bikanagutera kubavangura n’abandi iyo ubasengera canke ubagirira ivy’ubuntu bigaragarira amaso kurusha abandi, mbega ni ivyo baba bariko bakuronderako, canke barondera ivyo Malaki yavugishijwe mu gice ca gatatu ? Mbega ibicuncubuka biva mw’ijuru bemerewe biva mu gafuko gatobotse ka Pasitori canke mw’isandugu abadiyakoni bajejwe ?
Mbega nimba bayirindiriyeko ivy’ingabire za Mpwemu, ivy’ubuntu bwayo buhebuje bigaragarira mu kuyuba no mukugendera mu vyagezwe vyayo atari ivyawe, izobikoreshwa n’uko wabanditse ukabamenyesha abarongozi canke ikoraniro ga mugenzi ? Mbega igihe babikora mw’ibanga kuko bazi ko ari icagezwe c’Uhoraho, Iyo mw’ijuru yabaditse ijisho mu ruhanga rwawe, ntiyabonye ico bayikoreye ngw’ize ibiyandikire mu gitabo cayo kimwe kizozingururwa n’umwagazi w’intama (Ivyahish.5 :1-14) ? Ariko nimba babikoze biyerekana bakarondera kumenyekana mw’ishengero, mbega nk’uko ijambo rya Mesiya riri (Matayo 6 :1-4), ingero yabo si imwe isi yabagerera mu rushengero ? Ihane, bene Data.
Imana ndiko ndavugira ni iy’impwemu si iy’umubiri. Naho itanse imibiri yacu, ihangiro ryayo ni imitima yacu kuko ariyo izonezerwana nayo. Uyu mukunzi yidoga ngo ishengero ntaco rimufashije kandi atanga ikigiracumi n’amashikanwa, akababazwa n’uko ataronka igiti n’icubahiro, arayobewe ko ababikora mu kuri ica mbere bahembwa n’isi ari kwankwa n’iyo si kugira ngo Imana y’impwemu ibagumbire ? Uyo nawe yihane. Kuko akora mu buryarya canke akorera isi. Bene abo ni bamwe buzuye impwemu z’ububeshi bafatwa n’akaborerwe n’ukwifuza kw’abungere babo bataciye mw’irembo ry’intama, bakama ku ma mikoro, bezesha imitima y’abanyeshengero ko baterereye urwubako ama miliyoni aya n’aya kugira bamenyekane bahabwe intebe z’ivyubahiro, maze ivyo ntibanabishitse, bakaba bacumuye kabiri. Naho bobishitsa, bakorera isi. Bitege guhembwa nayo rero.
Abo batubanzirije kandi bemerwa n’Imana batubere akarorero. Intumwa ntizagenda zitoza amahera mubabatijwe nazo canke ngo zigende zegeranya amahera mu mashengero azitirirwa. Bari barageze kure cane bakorera Imana, ntiboba bapfuye bakenye nk’uko tubizi. Iyo baba abashizwe hejuru n’isi bigishirizamwo, ntibobaye barahamwe uko tubizi. Ariko barondeye kunezereza iyabahamagaye biyoroheje, nayo biyinezereza kubakura vuba ibakurira ubwami bwayo, naho bari barabwiwe ko ata numwe muri bo yahevye ivyiwe n’abiwe atazobishumbushwa umurengera mw’ijuru no mw’isi nyene. Ariko none, ko yabemereye gushumbushwa mw’isi ariko bikayihimbara kubanyakurira mw’ijuru vuba batarubaka izigerekeranye mw’isi, mbega ntiyari ihinguye ico yavuze ? Ivyo ni ivy’ab’impwemu, si ivy’ab’umubiri kumva naho naje nifuza kuramba.
Gira inguvu rero Mwungere uriko wiyubakira ubwami bwawe. Kuko Yesus araje. Ushime binakugoye gose, abahamagawe ukundi, bakagusezera wewe ubwawe utahishuriwe ivyabo n’Imana, canke abacumuye, ubagabira Satani wemye. Erega, mugenzi ubaha Satani kuko batari abawe. Mbega kurungika mu rupfo uwutari rwawe sivyo vyashikiye wa mugore yemera imbere y’umwami yahawe ubwenge n’Imana, salomo, akenyuye abagore baharirira umwana, akabakenyuza iciyumviro co ku mwica ? None wewe ugira ngo ukora ibitandukanye n’urya mugore yarungitse mu rupfu amwana atavyaye ? Erega urya mugore ntaco yaramurindiriyemwo kuko ataco yari yaramuhaye cokwamye mu mwana. Nayo uwundi yamuhaye amaraso, amuha amaberebere, …Emwe, eka no kumutembesherezako amosozi yiwe ntiyabuze kuba yarabikoze, nimba yari yaramwibungenze amezi icenda. Wewe nawe, kuko uri umwungere yaciye mu canzo, utaciye mw’irembo ry’intama, Kristo, n’ukuvuga ngo kuko utaca mw’ijambo n’ukuri vyiwe mukuragira ubusho bwiwe, utanga ivyawe bitagira ikimazi, ivyagezwe n’ivyifuzo vyawe, ntutanga ivyo yageze kuko nawe atarivyo vyakureze ngo bigukuze, uri indyadya ivuga Kristo ataco wamuriyemwo, nico gituma ugabira Satani abana b’Imana witwaza ngo bacumuye, batanarogose kuri Mpwemu. Erega ucumura kubarusha. Ihane. Yesu araje. Ni Imana isuzuma imitima n’imishaha, niko Bibiriya ivuga, kandi niko biri. Mbega ko urahira ngo Imana ntize ibakubaze, kuri wa musi uri hejuru ntizobabaza umuherezi mukuru yama ariko aradusengera imisi yose, umwe atagira ijoro ntagire umutaga ? Iyambure impuzu z’ubukuru bwo mw’isi wihane.
Eric SHIMA, Intumwa y’Imana
Email: shima.eric@yahoo.com
Tel.: 257-79108734: Mushaka guhamagara, mubanze murungike ubutumwa mu gasandugu k’ubutumwa canke canke WatsApp kugira duhane isango. Haheze imisi ibiri ntishuye muhamagare