_*Indwi ya 30 yo mu mwaka : ku wa kane (Années paires)*_
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (6, 10-20)*
Ncuti zanje,
Nimugire umutima rugabo mu Mukama no mu bukomezi bw’ububasha bwiwe. Nimwambare ibirwanisho vy’Imana, kugira ngo mushobore kurwanya imitego ya shetani, kuko tutarwanya abafise umubiri n’amaraso, turwanya riho abafise inganji n’ubutwari, abaganza iyi si y’umwijima na ya mitima yiyerereza mu kirere. Kubera ivyo, nimwakire ibirwanisho vy’Imana, kugira ngo mubashe kurinda ku musi mubi, kandi nimwaheza vyose mubashe kugumya umutima rugabo.
Nimugumye umutima rugabo rero mukenyeje ukuri, mwikwije ubutungane kandi mwambaye inkweto zibangutse, kugira ngo mukwize Inkuru nziza y’amahoro; hejuru ya vyose, nimwakire inkinzo y’ukwemera ngo mubashe kuzimya imyampi irurumba y’umubisha; nimwakire kandi inkofero y’ubukiriro n’inkota ya Mutima ari yo rya jambo ry’Imana.
Murame musenga mutakamba muri vyose, mubitumwe na Mutima: mubigirane umutima n’ubwira musabira aberanda bose, nanje nyene munsabire kugira ngo ndonke ububasha bwo gukurako umunwa mvuge, singire inkomanzi mu kumenyesha rya banga ry’Inkuru nziza mbereye intumwa ndi mu ngoyi, kugira ngo mbashe kuryigisha ata nkomanzi nk’uko ndabitegerezwa.
*IZABURI 143 (144) 1, 2, 9-10*
*Icit.: Umukama n’ahezagirwe, we ntwari yanje!*
Umukama n’ahezagirwe, We ntwari yanje,
We ndongozi y’ukuboko kwanje mu rugamba,
We rumuri rumurikira intoke mu nteko.
Ni we buzima bwanje n’amahungiro yanje,
ni we mirukiro yanje n’Umukiza wanje,
ni we nkinzo yanje n’uwo nizeye.
Mana yanje, nzokuririmbira ururirimbo rushasha,
ngucurarangire inanga yimirya cumi;
ni Wewe abami batsindisha,
ni Wewe ukiza umusavyi wawe Dawudi.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya.
_Kubera Inkuru nziza twashikirijwe, Imana iduhamagarira gusangira ubuninahazwa n’Umukama wacu Yezu Kristu._
Aleluya
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (13, 31-35)*
*Kuri uyo musi nyene, haza Abafarizayo bamwe bamwe kubwira Yezu ngo: «Genda va ngaha, kuko Herodi ashaka kukwica.» Na we arabishura ati: «Gende mubwire iyo mbwebwe yuko ndiko ndirukana amashetani nkongera ngakiza mdwara, uyu musi n’ejo: na ho ku musi wa gatatu, nzoba mpejeje. Ariko rero mbwirizwa gutera riho imbere uyu musi n’ejo no ku musi ukurikira, kuko badashoboka ko umuhanuzi apfira inyuma ya Yeruzalemu.» Yeruzalemu, Yeruzalemu, wica abahanuzi ugatera amabuye abo warungikiwe! Aho nageragereje kwegeranya abana bawe kurya inkoko yegeraniriza uduswi twayo mu mubi, ntubishake! Noneho inzu yawe izocika umusaka! Ndabikubariye, ntugisubira kumbona, gushika aho uzogira uti: Aragahezagirwa uwuje kw’izina ry’Umukama!»*