*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyafilipi (3, 3-8a)*
Ncuti zanje,
Ni twebwe abagenyerewe mu kuri, kuko ari twebwe Mutima w’Imana asengesha, tugakura ininahazwa ryacu kuri Kristu tutishimiye umubiri, n’aho mfise imvo z’ukwishimira umubiri.
Nihaba hari uwundi agira ngo afise imvo z’ukwishimira umubiri, ndazimurusha: nagenyerewe umusi ugira umunani, ndi uwo mu bwoko bw’Israyeli, ndi uwo mu muryango wa Benyamini, ndi Umuhebereyi yamuka ku Bahebereyi, mu biraba Ibwirizwa ndi Umufarizayo, mu biraba umwete ndi umwe yahama Ekleziya, mu biraba ubutungane buva kw’Ibwirizwa ndi intahinyuka.
Ariko, ivyo vyose vyari bimfitiye akamaro, nabiravye nk’ubusa kubera Kristu. Eka mbere, n’ibintu vyose nyene ndabiraba nk’ubusa ku bw’ubumenyi bw’agahebuzabwa bwa Kristu Yezu Umukama wacu.
*IZABURI 104 (105) 2-3, 4-5, 6-7*
*Icit.: Imitima y’abarondera Imana n’inezerwe!*
Nimuvyinire Umukama, mumucurarangire inanga,
mutangarire ivyiza vy’agatangaza yagize,
murate izina ryiwe ryeranda.
imitima y’abarondera Imana inezerwe!
Mwitegereze Umukama n’ubukomezi bwiwe,
murondere inyonga ziwe mudatezuka;
ivyiza vy’agatangaza yakoze,
ibitangaro vyiwe n’ingingo yashinze.
Yemwe ruvyaro rwa Aburahamu umusavyi wiwe,
yemwe bana Yakobo Imana yatoye ikabatonesha,
Umukama ni we Mana yacu,
ingingo ziwe ni zo zigenza isi yose.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya.
_Ijambo ry’Imana ni rizima, rifise ubukuba, rikagaragaza inyigisho n’ivyiyumviro biri mu mutima._
Aleluya.
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (15, 1-10)*
*Abatozakori n’abanyakabi bahora baza bose aho Yezu ari, ngo bamwumvirize. Abafarizayo rero n’abanditsi baja mu vy’ukwidodomba bati: «Uyu muntu yakiriza yompi abanyakabi akongera agasangira na bo.» Yezu na we abacira uyu mugani ati: «Muri mwebwe, uwogira intama ijana agaheza agatakaza imwe, ntiyorekera mu gahinga zimwe mirongo icenda n’icenda zasigara akaja kurondera imwe yatakara gushika ayitore? Ayitoye, araheza akayiterera ku bitugu yigina, yashika imuhira agahamagara abagenzi n’ababanyi ati: Nimuze tunezerwe, natoye ya ntama yanje yari yatakaye! Nanje ndabibabariye: umusi umunyakabi yigaye, no mw’ijuru hazoba akanyamuneza karuta agaterwa n’aberanda mirongo icenda n’icenda ata kabi biyagiriza. Canke, none umugore yoba afise amafaranga cumi, atakaje rimwe, yoreka kumurika agakubura mu nzu hose, akarondera ashimitse gushika aritore? Amaze kuritora na ho, aca ahamagara abagenzi n’ababanyi, ati: Nimuze tunezerwe, natoye rya faranga nari nataye! Nanje ndabibabariye: uko ni ko abamarayika b’Imana bazonezerezwa n’umunyakabi umwe yigaye.»*