_*Indwi ya 31 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années paires)*_*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyafilipi (3, 17-4, 1)*
Ncuti zanje,
Nimunyigane mwese kandi muhange amaso abigenza nk’uko mubona twigenza. Erega, nk’uko nabibabwiye kenshi, ngasubira kubibabarirana amarira uyu musi: benshi bigenza nk’abansi b’umusaraba wa Kristu. Amaherezo yabo ni ugutakara, Imana yabo ni inda yabo, ikibaninahaza ni ukwikurako ubupfasoni, nta kindi bitwararika atari ivy’isi.
Ariko tweho, iwacu ni mw’ijuru: ni ho turoreranye igishika Umukama Yezu Kristu azoza nk’Umukiza, akanagura imibiri yacu, kugira ngo ayishushanye n’umubiri wiwe w’ubuninahazwa, nk’uko afise ububasha burangutse bw’ukwigandurira vyose.
None rero, benewacu nkunda cane kandi nipfuza gusubira kubona, mwebwe gahimbare kanje n’impera yanje, nimugumye umutima gutyo nyene mu Mukama, bakunzi banje.
*IZABURI 121 (122) 1-2, 3-4b, 4c-5*
*Icit.: Ingo, tudugane akanyamuneza mu ngoro y’Umukama.*
Ese akanyamuneza narimwo aho bambwira
bati: «Tuje mu ngoro y’Umukama!»
Ubu noneho, turiko turashika
mu birimba vyawe, Yeruzalemu.
Yeruzalemu yubakitse
bwa gisagagara giteranye kidatagaguje,
ni ho ibisata vy’Israyeli biduga,
ari vyo bisata vy’Umukama.
Ni ho Israyeli yashinzwe ibanga
ry’ugushemeza izina ry’Umukama,
kuko ari ho havyagiye ubutungane,
hakaba inzu ya Dawudi.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya.
_Mukama Mana, tworohereze umutima, kugira ngo turonderane urukundo amajambo y’Umwana wawe._
Aleluya.
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (16, 1-8)*
*Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Habaye umuntu w’umutunzi yari afise umubwiriza; uno rero baramumuregako ngw’aramusesagurira ibintu. Shebuja rero aramuhamagaza amubaza ati: “Mbega, ivyo nkwumvako ni ibiki? Nyereka rero ingene wandinganirije ibintu, kuko kuva uyu musi utagisubira gutegeka mu vyanje!” Uno mubwiriza na we yiyumvira ati: “Mbe bane nza kubigenza gute, ko databuja ankuye ku co nahora nkora? Nje kurima, numva ata magara; gushera na ho vyontera isoni! Ariko ndabonye noneho ingene nza kubigenza, kugira ngo umusi navuye mu gikorwa canje ndonke abazonsembereza.”Ahamagara rero umw’umwe mu bari bafitiye umwenda shebuja, abaza uwa mbere ati: “Databuja umufitiye umwenda ungana iki?” Aramwishura ati: “Impange ijana z’amavuta.” Uno mubwiriza na we ati: “Fata ikete ryawe, icara, wandike ningoga mirongo itanu.” Yongera abaza uwundi ati: “Weho umufitiye ibingana iki?” Na we ati: “Ibikemanyi ijana vy’ingano.” Nya mubwiriza amusubiza ati: “Akira ikete ryawe, wandike mirongo umunani.” Shebuja rero atangazwa n’ubwenge uno mubwiriza w’igisuma yagize; kuko abakurikirana ivy’isi basumvya ubwenge mu vyabo abakurikirana umuco.»*