Ibinoboye vy’ukuri

« `Ibinoboye vy’ukuri« `
*_Kuwa Kabiri , 8 Munyonyo 2016_

« `Pasteur Chris Oyakhilome PhD.« `

         *Uri uwunesha* 

_Mweho muri abava ku Mana bana bato, kandi ba bandi mwarabanesheje kuko uwuri muri mwebwe aruta uwuri mu b’isi (1 Yohana 4:4).

Uri umunyentsinzi muri Kristo Yesu; wavutse uko nyene. Hakana kwemerera ibibazo vy’ubuzima bigutuma wiyumvira ukundi. Wavyawe n’Imana, kandi waramaze kunesha isi n’ibiyigize vyose: *_“kuko icavyawe n’Imana cose kinesha isi: iyi niyo ntsinzi yanesheje isi, ukwizera kwacu”_* « `(1 Yohana 5:4)« `. Biciye ku kwizera waranesheje isi! 

Ukwizera ni iki? Ni ukuboneka kw’ukuri kutaboneka. Mu gihe abandi badashobora kukubona nk’uwunesha, urazi ko ariko uri, kuko wavyawe n’Imana; ivyemezo vyawe ni Ijambo ry’Imana ritihenda, ritananirwa. Mpwemu w’Imana nawe nyene aragushingira intahe ko uri uwunesha! Gira ndetse unabeho n’uku gushira amanga. Ikintu cose kiva, gikomoka canke gisokoka ku Mana ni ikinesha.

Ijambo ry’Imana rikomoka kandi risokoka riva mu Mana, bisigura ko Ijambo ari irinesha. Rero, ni ibiki wategerezwa gukora igihe uriko urahura n’ibikurwanya mu buzima, ingorane, nka kanseri, ubumuga, indwara, urupfu, ukugumbaha, canke ukutagira akazi? Rekura Ijambo rizonesha isi vy’ukuri! Ijambo ry’Imana ku minwa yawe rizokwica kanseri, indwara, ukugumbaha, hamwe n’urupfu; rizokuronkera akazi kandi rihindure ingorane z’ubutunzi zawe. 

Gurukira kw’Ijambo; tangura kugurukira kw’Ijambo; gendeshwa n’Ijambo. Ijambo ry’Imana ntirishobora guhagarikwa. Ibuka, barahamvye Yesu-Ijambo- mu mva iminsi itatu, ariko yaravuye muri iyo mva. Halleluya! Ijambo ntirihagarikwa. Rizosangangura uburimbi bwose. Rizogenda ahari ho hose hama rinyengetere igihugu icari co cose, ibibazo gifise canke ingorane. 

Nk’icaremwe gishasha, nturi umuntu asanzwe. Wavyawe n’Ijambo ry’Imana kandi ivyo bikugira Ijambo ry’Imana ryambaye umubiri. Kubw’ivyo guma ugaragaza ubwiza bw’Imana kandi werekana ukugororoka kwayo hose. Imana ishimw

      *« `|Isengesho« `*

Data nkunda, mba mw’Ijambo ryawe, kubw’Ijambo ryawe kandi biciye no kw’Ijambo ryawe; Ijambo ryawe rirantwara kandi ryarandugije hejuru y’ukuzazanirwa hamwe n’ukunanirwa bikora muri iyi si. Mbayeho ubuzima bw’ukuroranirwa, amagara, ukuja imbere, intsinzi hamwe n’ubwiza. Ubuzima bwa Kristo muri jewe bungira umunyentsinzi. Ntera nja imbere mva mu bwiza nja mu bundi, mw’Izina rya Yesu. Amen. 

*Ukubinoganza:* 

1 ab’i Korinto 15:57; 

2 ab’i Korinto 2:14; 

abaroma 8:35-36

*INTEGURO YOGUSOMA BIBILIYA MU MWAKA 1* 

abaheburayo 8 

Yeremiya 52 

*INTEGURO YO GUSOMA BIBILIYA MU MYAKA 2* 

1 Petero 5:1-14 

ezekiyeli 39 

Leave comments on today’s devotional at http://www.rhapsodyofrealities.org