Indwi ya 32 kuwa 2

*_Indwi ya 32 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années paires)_*   *_IGISOMWA CA MBERE_*

*Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Tito (2, 1-8.11-14)*

Mukunzi wanje,

Menyesha ibiroranye n’inyigisho nzima; abatama nibabe ari abantu bazi kwigerera, abantu b’iteka, abantu b’ingingo, abantu bahangaye mu kwemera, mu rukundo no mu butwari; n’abatamakazi ni ko k’uko, nibigenze nk’aberanda, nibirinde akarimi karekare nibareke kuganzwa n’ibibaboreza, nibahanure neza abandi, kugira ngo batoze abagore bakiri bato ubwenge bwo gukunda abagabo babo n’abana babo, babigishe kuba abagore b’ibanga, abagore b’intatyozwa, abakenyezi b’umutima, bafise ubuntu, bagamburukira abagabo babo, kugira ngo ijambo ry’Imana ntiryigere rivugwa nabi. N’abasore ni uko nyene, n’ubahanure kwamana ubwitonzi muri vyose, ukababera kandi akarorero mu migenzo myiza; ntugire amahinyu mu kwigisha, wikwize iteka, ugire inyigisho nzima ata co bayinebagurako, kugira ngo umwansi amaramare mu kubura akabi yotuvugako.

Nka ko, urukundo Imana yadukunze, Yo sôko ry’ubukiriro bw’abantu bose, rwibonekeie mu bantu. Rutwibutsa guheba akabi kose no guhunga ibihenda amaso vyose, kugira ngo ubuzima bwa hano kw’isi tubukoreshe twigerera, tube intungane twongere tuyoboke Umuremyi. Ivyo vyose tubigire turorereye bwa buhirwe twizigiye na bwa buninahazwa bw’Imana yacu nzima, n’ubw’Umukiza wacu Yezu Kristu, We yatwihebeye ngo adukize akabi kose, atyorore igihugu kimwegukiye, cama citwararika ineza.

*_IZABURI_ 36 (37) 3-4, 18.23, 27, 29*

Icit.: *Amahoro y’aberanda* 

         *ava ku Mukama.*

Izigire Umukama wongere ukore ivyiza,

ibere kw’isi ata nkomakomyi;

nezerwa n’Umukama,

azoheza aguhe ico wipfuza.

Imisi y’abeza Umukama arayizi,

iragi ryabo rizokwamaho.

Iyo intambuko z’umuntu zishigikiwe n’Umukama,

uyo muntu agendana akanyamuneza.

N’ureke ikibi, ukore iciza,

niho uzoronka uburagamo bwa misi yose;

abantu b’intungane bazotorana isi

bahibere imyaka yose.

*_INKURU NZIZA_*

*Aleluya, aleluya.*

_Ese Imana, Yo Muvyeyi w’Umukama wacu Yezu Kristu_, 

_yomurikira imishaha yanyu,_

_kugira ngo turimbure ukwizigira kumwe rudende_ 

_yaduhamagariye uko kungana._

*Aleluya.*

*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 7-10)*
Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Ni nde muri mwebwe afise umukozi atuma kurima canke kuragira, yomubwira avuye kurima ati: N’uze wicare ku meza? Abura kumubwira ariho ati: Ntegurira ivyokurya, ukenyere, ungaburire gushika mpeze kurya no kunywa; hanyuma, nawe ubone kurya n’ukunywa. Mbega, yokengurukira uwo musuku kuko yakoze ivyo yamutumye?

Ni uko namwe mumeze: nimwaheza gukora ivyo mwabwirijwe, muravuge muti: Turi abasuku b’imburakimazi, nta kindi twakoze atari ico twategerezwa gukora.»