UMUTUMIRO W,AMASENGESHO———————————-Urukundo ruva k’Umwami wacu Yesu Kristo nirwo rutumye dutumira ihanga ry,lmana »ABISEZERANO »kwitabira amasengesho yo gusengera igihugu mu kwisonzesha ku abishoboye ejo ku munsi wa gatatu igenekerezo rya09/11/2016 kuva 6h00 z,agatondo gushika 18h00 z’umugoroba.
Ijambo ry’urufatiro turisanga muri Yesaya 62;1-2;8-9;12. »(Nuko amahanga azobona ugutsinda kwawe, n’abami bose bazobona icubahiro cawe, maze uzokwitwa izina risha wiswe n’akanwa k’Uhoraho)(Uhoraho yarahije ukuboko kwiwe kw’iburyo kw’inkomezi ziwe ati nukuri sinzokongera guha abansi bawe amasaka yawe ngo bayarye kandi abanyamahanga ntibazokunywera vino wacumukuriye,arikwabazoyimbura nibo bazoyarya bashime jewe Uhoraho kandi abazoyamura nibo bazoyinywa,muntangaro y’ahera hanje)(kandi bazobita ihanga ryera abacunguwe n’Uhoraho kandi uzokwitwa aharondewe umurwa utahebwe) »
Tuzosengera 1. impfuvyi, abapfakazi, abatagira shinge na rugero, abapfunzwe n’imiryango yabo, ndetse niyindi mitwaro itandukanye twarungikiwe kugira lmana igire icikoze kandi iducirinzira ahatagirinzira.
2. Tuzosengera ibikorwa vy’abadiyakoni n’abandi bitangiye imirimo y’Imana.
Tubaye turabashimira Umwami Yesu abiteho kandi abahezagire caane,nidusangwe IMANA UBURUNDI N’ISEZERANO murakoze.