*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri ry’Umutumwa Yohani (4-9)*
Narahimbawe cane kuko nasanze mu bana bawe abagendera mu kuri, nk’uko twahawe ibwirizwa na Data. None rero, ndakwinginga, Mukamakare, n’aho atari ibwirizwa rishasha nkwandikiye, ariko ari iryo twahorana kuva na kera, ngo mukundane. Kandi, urwo rukundo ng’uru: ni ukugenda dukurikiza amabwirizwa yiwe. Ng’iri ibwirizwa nk’uko mwaryumvise kuva na kera: ni ukugendera mu kuri. Ni uko abangushi benshi baserutse bakaza kw’isi, banka kwemera Yezu Kristu yigize umuntu: abo mvuze ntyo ni bo «Umwangushi» bakaba ari bo «Ruzirakristu». Nimwitegereze, kugira ngo ntimutakaze ikimazi c’ivyo mwakoze, ariko mubironkeremwo ingero yuzuye. Uwurengana wese ntagume mu nyigisho ya Kristu ntaba afise Imana. Uwuguma muri iyo nyigisho, ni we afise Data na Mwana.
*IZABURI 118 (119) 1-2, 19-11, 17-18*
*Icit.: Hahiriwe abagendera kw’itegeko ry’Umukama.*
Hahiriwe abagenda batunganye,
bakagendera kw’itegeko ry’Umukama;
hahiriwe abazigama amabwirizwa yiwe,
bakamurondera n’umutima wabo wose.
Ni Wewe umushaha wanje wahabiye mu kukurondera,
ntukunde yuko ndenga amabwizwa yawe.
Narabitse mu mushaha wanje indagano yawe,
kugira ngo sinigere ndagushayako.
Girira ineza umusavyi wawe, niho nzohema,
nkarangura ijambo ryawe.
Mpumura, niho nzobona
ivyiza vy’agatangaza vy’amategeko yawe.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya.
_Umukama ni imvugakuri mu majambo yiwe, Umukama ni mweranda mu bikorwa vyiwe vyose._
Aleluya.
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 26-37)*
*Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Nk’uko vyabaye mu misi ya Nowa, ni ko bizoba no mu misi y’Umwana w’umuntu: abantu bararya, bakanywa, bakarongora, bakabirwa gushika kuri wa musi Nowa yinjira mu bwato, isegenya ikaza ngo ibatikize bose. Ni uko vyabaye no mu misi ya Loti: abantu bararya, bakanywa, bakadandaza, bagatera, bakubaka; yamara umusi Loti ava i Sodoma, Imana irungika imvura y’umuriro irabatikiza bose. Uko ni ko bizomera umusi Umwana w’umuntu azoserukira. Uwo musi, uwuzoba ari hejuru ku nzu, yásize ibintu vyiwe imbere mu nzu, ntamanuke kuvyakira; uwuzoba ari mu murima na we ntasubire imuhira. Nimwibuke umugore wa Loti. Uwuzoba arondera kuzigama amagara yiwe azoyata, na we uwuzoyata azoyazigama. Ndabibabwiye: muri iryo joro, abantu babiri bazoba kumwe ku buriri, umwe azofatwa, uwundi ntafatwe; abagore babiri bazoba bariko barasera hamwe, umwe azofatwa, uwundi ntafatwe: abantu babiri bazoba kumwe mu murima, umwe azofatwa, uwundi ntafatwe.» Baraheza baramubaza bati: «Mbega, Mukama, bizobera hehe?» Arababwira ati: «Ahazoba umuvyimba hose, ni ho ibisiga bizokoranira.»*