_*Indwi ya 32 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années paires)*_*IGISOMWA CA MBERE*
Ivyo dusoma mw’Ikete rya gatatu ry’Umutumwa Yohani (5-8)
Mukunzi wanje,
Wama ukora nk’uko wemera mu vy’ugukorera benewacu vyose, n’aho ari imvamahanga. Na bo nyene barashingiye intahe urukundo rwawe mu maso y’Ekleziya. Kandi uzoba ukoze neza niwabarungika nk’uko Imana ibishima, kuko bafashe inzira ku bw’Umukama ata co bahawe n’abanyamahanga. Tweho rero, turategerezwa kwakira neza abantu ben’abo, kugira ngo tubunganire mu gukorera ukuri.
*IZABURI 111 (112) 1-2, 3-4, 5-6*
*Icit.: Hahiriwe umuntu yubaha Umukama.*
Hahiriwe umuntu yubaha Umukama,
akorana akanyamuneza amabwirizwa yiwe;
uruvyaro rwiwe ruzoba rurangiranwa mu ntara,
umuryango w’aberanda uzohezagirwa.
Ubutunzi n’ubukire biri mu nzu yiwe,
ubutungane bwiwe buzorama imyaka n’imyaka;
mu mw’ijima ni we muco w’abantu b’intungane,
akagira impuhwe, ubushikirane n’ubutungane.
Hahiriwe umuntu agira imbabazi kandi agurana abandi,
akaringaniza ivyiwe mu buryo butunganye;
ntaho azokwigera anyiganga,
Umuntu w’intungane bazomwibuka imyaka n’imyaka.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya.
_Umukama ni imvugakuri mu majambo yiwe, Umukama ni mweranda mu bikorwa vyiwe vyose._
Aleluya.
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (18, 1-8)*
*Umusi umwe, Yezu yaciriye abigishwa biwe umugani, kugira ngo abigishe ko bategerezwa guhozako mu gusaba ata kwihebura, ati: «Habaye mu gisagara umucamanza atubaha Imana ntasonere abantu, akama abatwenga. Muri ico gisagara nyene, hari umupfakazi yaza kumusaba amubwira ati: Urantunga umburane, unkize uwirirwa arampama! Ararawankira kabiri, gatatu. Hanyuma, yibwira ati: N’aho ntubaha Imana, abantu sindabababare, uyu mupfakazi arangora, ngira ngo ndamucire urubanza rwiwe, yoye kumena amatwi.» Umukama arasubira ati: «Nimwumve ico uyo mucamanza mubi yavuze. None, Imana ni yo itoburana intore zayo ziyiborogera ijoro n’umutaga? Ni yo yobatevya? Ndababwiye: azobaburana bidahagaze. Ariko, aho Umwana w’umuntu azogarukira, mbe azosanga ukwemera kw’isi?»*