Ihumure: Impunzi, impfurwa n’ababundabunda mwitegurire gutaha muzanyu.

Abarundi bahungiye mu mihingo itandukanye bagiye kuzotaha mu igihugu cabo c’isezerano.Impunzi z’abarundi zahungiye mumahanga, zikagorerwa mumakambi y’impunzi no mungo z’abanyamahanga zigiye kwiruhutsa kuko zizotaha mugihugu iwabo.

Impfungwa zirundanirijwe mu mabohero atari amwe yo mugihugu, ziremerejwe iminyororo, amaganya n’amagorwa yazo agiye guhera maze zitahe mungo zabo.

Abarundi isinzi bahirwa buhongo bagenda barabundabunda bararaguza kubera umutekano muke uri mugihugu iwabo hagiye kugera igihe kandi atari kera bagenda badafise ubwoba basubire mumiryango yabo nkabandi barundi bose.

Ivyo si indoto nkuko abaremerewe niyo mibabaro canke ababashinyagurira bovyiyumvira, ukwo ni ukuri kuko Imana yarabivuze kandi izobishitsa.

Iyabisezeranye izobishitsa ikoresheje ibikorwa vy’abahizi bo mwihanga yatoranije ry’abarundi aribo jewe , wewe n’uwundi wese yemeye kwitangira UBURUNDI BUSHASHA BWISEZERANO.

Abatizera ibikorwa bitangaje vy’Imana yacu bama bashaka kwirwanira mukwirukanga irya nino barondera urukiza. Muri abo harimwo abasutse abarundi mu kaga kamacakubiri ahagaze kumoko n’intara bibaza yuko ariho boronka ivyicaro vya politike n’izindi nyungu zabo.

Ukuboko kugiye gukiza abarundi si ikwo igihugu kibanyi cake ukwamakungu nkuko bavyipfuza bakanabigerageza. Abo bazirukanga baruhe maze batahire ukwihebura.

Urukiza rw’abarundi ntiruri mubiganiro bizohuza ubutegetsi n’ababurwanya. Ibizova mubiganiro nkivyo bizokwama bizana uruhagarara ruhagaze kumoko n’izindi nyungu z’abantu ataho zizoshikana abarundi.

Amahoro, umutekano, ubutungane n’iterambere vy’abarundi bizova kungene abarundi bitandukanije n’ibigirwamana, amoko n’ukujuragirika muvya politike maze bagashira imitima yabo ku masezerano, bakagarukira Imana yoyo iri hejuru y’imigambwe n’amoko yitoranirije abarundi bose ngo bayibere ihanga ryera.

Abarundi batari bake bo mumihingo myinshi, mu madini menshi, imigambwe n’amoko barahiga ukwihora, ukwica, ugufata canke ukugumya ubutegetsi. Aho niho hahagaze uguhona kwabo. Baratanguye kwicana hagati yabo kandi baguma bahiga gusesa amaraso ya beneburundi. Abatari bake baratambikije ntibazi iciza kibereye bakwiriye gukora, abandi kubera kagatima k’uburyarya bibaza yuko bovomera zose ngo ntibazi uruyuzi ruzokwama kare. Iyo ni impwemu y’ubupfunya. Bakwiriye guhagararira ukuri kutagabanije.

Abakuru bamareta yagiye arakurakuranwa mu Burundi, n’iyi yimonogoje itwara uyu munsi irimwo, yamye atoteza abo batavuga rumwe, bica, bangaza, baca iza ngondagonde ivyo vyose bigasiga impfuvyi nyishi n’abahahamutse. Abari mumirwi irwanya ayo mareta nabo kuruhande rwabo baza bafise agashavu ko kwihora, kwica no gusahura; mbere harabonetsemwo nivyaha vyagahomerabunwa vyo guhora abantu ubwoko bwabo, gufata abakenyezi kunguvu no kwizera ibintazi. Ivyo vose tudondaguye birakwiriye guhinduka kanatsinda ninavyo vyazaniye umuvumo abarundi.

Abarundi bo mubwoko bwose , amadini yose n’intara zose bararushe.

Twebwe abisezerano duhamagarira abarundi bose bo mumoko yose, intara zose n’imigambwe yose kuva ibuzimu maze bakaja I buntu maze bakijukira kwubaha kandi bakanatinya Imana Ihoraho kugira ngo bakorere Isezerano ry’igihugu c’Uburundi gitemba amata n’ubuki. 

Abisezerano duhamagara umurundi wese ngo arengere agashavu yoba afise kava kuvyo yabonye vyamushikiye canke vyashikiye incuti yiwe, umurundi wese aje hejuru yivyiyumviro vy’amadini , imigambwe n’amoko maze yifatanye n’abisezerano kugira ngo abarundi bose batahe, abandi biruhutse maze binjire mugihugu c’Uburundi Bushasha bw’Isezerano.

Dr Merlin Dusengumuremyi

http://www.abisezerano.com