‼️ « `Ūgabitanya ku coroshe agabitanya no kugikomeye!!« `
🔻 _*Ukabona umunyeshure yiba mw’ishure (tricherie), umenye ko atotinya kwiba amafaranga menshi,*_
🔻 _*Ukabona umuntu araguza, umenye ko atotinya kuroga,*_
🔻 _*Ukabona umuntu akaza ishavu, umenye ko no kwica yokwica,*_
🔻 _*Ukabona umurimyi yiba isemo rimwe, umenye ko n’umurima wose yowigarurira,*_
🔻 _*Ukabona umudandaza yibisha umwunzane, umenye ko no gusopa yogusopa,*_
🔻 _*Ukabona umuntu akunda kuvuga ibishegu, umenye ko no gusambana yosambana,*_
🔻 _*Ukabona umuntu anywa icupa rimwe, umenye ko n’ikaziya yoyimara,*_
🔻 _*Ukabona umuntu yiba umuswi, umenye ko n’inka yoyiba,*_ …
*Kuko uwugabitanya ku coroshe cane, agabitanya no ku gikomeye.*
🌴 _*Ariko weho muntu wumvise ibi, ndakwinginze ngo wiyubare kuko imbere y’Imana nta caha kiba gito!! Ivyo ubona n’amayeri ya satani kugira azimize benshi abakure ku gakiza.*_
🗣 _« `Mwirinde ivyo vyaha mwokwita bito, kugira mwoye guhusha ijuru !!« `_
Mugire umusi wa gatanu mwiza.