URIHO KUGIRA USHITSE UMUGAMBI W’IMANA

URIHO KUGIRA USHITSE UMUGAMBI W’IMANA 🌇 1:
Ndabaramukije amahoro y’Imana ,mwese abari hafi n’abari kure.

Ndabahay kaze ,mwese.muri kino cigisho c’erekana ,impamvu wewe ,na jewe turiho.

2Ingoma 34: 1- 3.<<Yosiya yagiye ku ngoma amaze imyaka umunani (8) v2: Akora ivyo Uhoraho abona kwari vyiza ,agendera mu ngeso nziza zose za sekuruza Dawudi .V3:Mu mwaka ugira umunani(8)ari ku ngoma ,akir’umwana yatanguye kurondera Imana ya sekuruza Dawudi ,maze mu mwaka ugira cumi na kabiri (12) atangura gutunganya ibuyuda n’iyelusalemu ,ahakura ibitabo vyo kumpinga z’imisozi ,n’inkingi bashingiye Ashera ,n’ibishushanyo bibajwe bo n’ivyavugutiwe mu nkero>>

Ikintu cose caremwe gifise ikimazi ku Mana ,ku bantu ,no ku bintu .

Nta nakimwe.Imana yaremye idafise impamvu kuko vyose ,yabikoze nkuko yabishatse kugira ishitse umugambi wayo .

Umwana mutoya cane Yosiya .w’imyaka Munani ,amaze gukwiza imyaka 16 yaciye atangura kurondera Imana ya sekuruza.

Akwije 20 yatunganije neza vyose ,atangura gukuraho ibigirwamana vyose , abamwitangiye imbere bagiye bashiraho ,bakabisaba .

Abami bo.mw’isi kenshi uravye muri Bible bama basenga ibigirwamana ,bafise abapfumu babaragurira(tuzobibona mukindi cigwa).

Ariko Hosiya n’ubuto bwiwe yakuyeho ibyababaza Imana vyose ,ashiraho ubwami bwiza .

Iyumvire imyaka umaze uriho , n’igiki umaze gukorera Imana ikanezerwa?

N’ibangahe umaze gushikana kugakiza?

Umuntu ashobora.kuba mwishengero imyaka ,myinshi cane atagikorwa kigaragara imbere y’Imana afise.

Akaba umuririmvyi gusa naho myene ,akabikora mu murwi ariko atarigera ahinduka ngo ahindure n’umuntu umwe gusa.

Daniel 12:3<<Kand’abagize ubwenge bazokayangana nkugukayangana kwo mwitazanure ry’ijuru ,n’abashikamye benshi kubugororotsi bazokwakaka nk’inyenyeri ibihe bitazoshira>>

Wewe nturiho kugira utere akaga isi ,nturiho kugira ube icapa (pencarte ) cerekana inzira ariko ubwaco kitahashika.

Uriho kugira ube icete gisomeka ,ciza cejejwe .

Kizobandanya…….👉
Uhoraho abahezagire mwese🙏
irakozedesire1986@gmail.com