Akagohe ku barundi kubijanye n’ubuhinga ngurukana bumenyi 

BIRABABAJE BIRABABAJE CANE Mugenzi ukoresha cane cane Whatsapp na Facebook,

Umuntu arwaye, aryamye mu bitaro, umuntu yakomeretse, uwitavye Imana, uwahimbaguwe, uwatawe,… arasonerwa. Agumana iteka, aba akiri muzima canke yapfuye. Nta wufotora uwuri mu cumba iwe, mu bwiherero, mu bitaro ngo hanyuma akwize hose amasanamu (respect de la Vie privée). Uwurwaye arashobora gukira indwara ariko azokwama abona ataco yambariye kuko wamukwije hose ameze uko atipfuza. Iyo ndwara iragoye gukira. Reka kumukomeretsa kuko kumbure ntazigera abikubwira… 

Abaryango b’urya muntu barababara cane babonye uwabo ariko arahanahanwa. Bababara kabiri kuko yakomeretse canke yitavye Imana mu buryo nk’ubwo. Reka kubababaza. 

Uwitavye Imana arasonerwa. Reka gukwiza hose isanamu z’abarengutse. Bishitse na ho tanga inkuru ukoresheje isanamu yiwe akiri muzima, asa neza, kugira ufashe kuremesha ababuze kandi dusigarane iyo sanamu nziza yiwe.  

Kamere muntu ntifise inguvu zo kurinda amasanamu y’abitavye Imana n’abakomeretse. Bifise inkurikizi nyinshi muri kubu no muri kazoza. Nta muhinga w’ibiziga, nta muhinga w’abacitse ibihimba, umuntu si igikoko. Reka gusubira kubirungika. 

Ahubwo rero : 

– pfuke agashambara abarwaye, abagize amasanganya, abakomeretse, abambaye gusa, abakiri bazima n’abarengutse. 

– Kingira imitima yamaze kuruhishwa n’amabi. 

– Inkuru irumvikana neza n’aho tutobona ido n’ido abantu batabaguritse. Bivuge barabitegera. 

– Nyegeza uko ushobora amaraso, ibikomere, ibiziga. Uzoba ukingiye benshi kandi uzoba wihesheje iteka. 

– Murakoze.

Abbé Dieudonné.