Umugambi w’Imana n’uwuhe kuri twebwe abantu ?
Yer 29:11<<Kuko nzi ivyiyumviro mbiyumvirako ,ni jewe Uhoraho mbivuze ,kwar’ivyiyumviro vy’amahoro ,atar’ivyivyago ,kugirango mbahe ivyizigiro vyo mwiherezo ryanyu .>>
Ic’Imana itugombera n’Amahoro na kazoza keza.
Paulo twarabomy ukuntu yipfuriza yuko abantu bamenya Imana,bakihana kugira boye gupfira mubyaha ariko babeho.
Ntiyakorera iciza abo azi.Ntiyaraba ico umuntu ari ,canke iyava,ab’iwabo ,canke akazi yarasanzwe akora.
Yabikorera abo bahuye bose.
Filemoni 1:15<<kumbure icatumye atandukanywa nawe igihe gito ,kwar’ukugira nguz’umwamane iminsi yose, atakir’umugurano wawe ,ariko aruta umugurano ari mwene so akundwa>>
Kumva Paulo abwira Filemoni yuko umukozi ,wiwe wo munzu asigaye ar’umuvukanyi wiwe nticari coroshe gutahura.
Ariko kubwa Yesu kristo twese tur’abavukanyi.
Hariho abantu ,ushobora gusanga bafata nabi abakozi ,bo mu ndimiro zabo ,canke munzu ,bakabona yuko ataco bamaze .Hariho nababima infungurwa ,bakama ar’ukubatuka gusa ,wasanga abo bakoresha babo n’abakristo,baraja gusenga burigihe c’amasengesho ,bakunda abo bangana ,bagendana ,ariko Umukozi kwar’uwo gupfa.
Nabomyene n’ivyaremwe bisha .N’ab’uzukuru b’Aburahamu. Bakeney kubaho neza nkuko nawe wavyipfuza.
Filemoni 1:17<< Nuko namb’unyiyumvira ko dusangiye igikorwa ,umwakire nkuko nanje wonyakiriye.
V18 Arikw’asangwa harico yaguhemukiyeko ,canke har’umwenda agufitiye ,ubimparureko >>
Wewe uronse iri jambo harico wokwiyumvirako :
Mbega umukozi rwanje ,rwacu canke w’umubanyi har’igihe urigera wiyumvira kumubwira ijambo ry’Imana?
Har’igihe uramugurira impuzu ,nkuko wob’ugurira abana bawe iyo bagize umunsi.mukuru?
Kizobandanya…👉
Uhoraho abahezagire🖐