Indwi ya2 kuwa 3

_*Indwi ya 2 y’Ubushikiro : ku wa gatatu*_
*IGISOMWA CA MBERE*

*Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (40, 25-31)*

Mbe, mwongereranya na nde,

mbe uwo twongana yoba nde?

Uko ni ko Umweranda agize.

Raramure amaso, murabe hariya hejuru:

Mbega, ni nde yaremye inyenyeri zose mubona,

atari uwagaranzuye inteko yazo,

akazihamagara imw’imwe yose izina ryayo?

Ku bw’ububasha n’ubukomezi bwiwe butananirwa,

Nta n’imwe iharamwo azihamagaye.

Igituma uvuga aya majambo, Yakobo we, ni iki?

Nawe Israyeli, igituma uyemeza ni iki,

Hamwe wavuga uti: «Ivyanje Imana yanje iravyirengagiza»?

None, ntiwari bwabimenye canke ntiwari bwavyumve?

Umukama ni we Mana yamaho,

ni we yaremye isi yose iyo iva ikagera,

ntaho aruha kandi ntaho adohoka.

Ingingo yigiriye nta woshobora kuzitohoza.

Ni we aruhura uwurushe,

kandi akaremurura uwuremerewe.

N’iyo imisore yoremerwa, ikanaruha,

abari n’inguvu bagatsitara, bakanatembagara,

abizeye Umukama bo

baronka amagara mashasha:

bakaguruka nk’inkukuma,

bakiruka bataruha,

kandi bagatera imbere batadohoka.
*IZABURI 102 (103) 1-2, 3-4,*
*Icit.: Himbaza se mushaha wanje Umukama!*

Himbaza se mushaha wanje Umukama,

maze n’amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe ryeranda;

himbaza se mushaha wanje Umukama,

maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.

Ni we akurekurira ibicumuro vyawe vyose,

ni we agukiza indwara zose;

ni we akugarurira ku cobo,

ni we atuma uhagatirwa n’urukundo n’igishika.

Umukama ni We Nyenimbabazi, ni Munyakigongwe,

ntakaza ishavu, akaza urukundo;

uko ducumura, si ko aduhana,

uko tumutuka, si ko adusubiza.

*INKURU NZIZA*

Aleluya, aleluya.

_Umukama azoza gukiza igihugu ciwe. Hahiriwe abitcguriye kumusanganira._
Aleluya.

*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 28-30)*
*Muri irya misi, Yezu yavuze ati: «Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo nigisha, kuko ndi uwitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima; niho muzoronkera akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna.»*