Umunsi umwe umuganga yarariho agurisha imitiyivyatsi ivura indwara zose abantu bose bakaza
kugura nuko umuntu umwe araza yegera
uwomuganga aramubaza ati : muganga mwaba mufise
umuti utanga amahoro,ivyishimo ukananyoza ivyaha
vyomumutima wanje ngatuza ?Muganga ati :
icambere genda wemere Yesu nkumucunguzi wawe
ubundi ugende ufate imizi yigiti citwa kwicisha
bugufi,usorome nibibabi vyitwa kugira neza,
ubisekurire mwisekuru yitwa gukundisha Uwiteka
umutima wawe wose no gukunda mugenzi wawe
nkuko wikunda,ubisekurishe gusaba imbabazi
nokubabarira,uvangemo amazi yitwa kubatizwa,ubica
nire mwisafuriya yitwa gukiranuka, ucanishe inkwi
zitwa amasengesho ubiyunguruze akayunguruzo
kitwa kwihana,hanyuma nurangiza kuyungurura
uvangemo umutobe witwa ijambo ry’Imana ubundi
uce unywa burigihe unyweshe ikiyiko
kitwa guhimbaza no gushima Imana,ukaba urwaye canke uzi umugenzi agwaye,murangire uyu muti uravura cane