Nkuko vyamye kuva na mbere hose, abarongozi b’Ihanga ry’Imana barobanurwa n’Uhoraho kugira ngo bame na ntaryo bitaho itunganywa neza ry’imirimo n’imibereho myiza mu kubaho kw’ihanga Imana yatoranije. Ntituzohengeshanya na ntaryo gushikiriza abana b’Imana ingendo Imana yacu ishaka yuko abana bayo, abizera ivyo yavuze vyose, n’abifatanije n’ubwoko bwabo yobaranga mu kubaho kwabo kwa minsi yose.
Aha rero twagomba kwibutsa abagize ihanga ry’Imana ry’abarundi bose yuko Abisezerano atari umugambwe canke umuhari w’ikuburiro aho uwariwe wese azana ibihumanye, ibihuha, urusaku canke ivyiyumviro bifatiye ku moko, ku ntara canke kumadini. Ivyo ntakibaza bifise mu bantu biteguriye kwinjira muburundi bushasha bw’isezerano.
Uwumvise umugambi w’isezerano ry’Imana kubarundi umuroka,akaba abona yuko yova ku Mana akagenda, yogenda amarembe twebwe twarasambuye ibiraro bidusubiza inyuma muburetwa bwa Satani. Imana yacu yakoresheje imirindi y’abanyamibembe mukwirukana ingabo zari zugarije ubwoko bwayo, iracari kungoma, kandi ya Mana yatikije Sodoma na Gomora igakiza abayubaha ninayo yatugiriye Ubuntu iratwitoraniriza. Tuzofatanya rero n’uwemeye kugendera mumategeko duhabwa n’Uhoraho ariwe Mana yacu.
Ni mwame mugavye mwibuke icitegererezo ya nkuru Yesu yatubariye kuri za nkumi cumi twebwe abemera.
– Abisezerano ni abantu bamogoreye gushira imbere Imana n’umugambi wayo ifitiye igihugu c’Uburundi n’abarundi bose aho twiteze yuko abana n’uburundi bose bazobana mumahoro, urukundo , ukwubahana n’iterambere mu bumwe ntagere. Ivyo twatanguye kuvyimenyerezamwo muri iki gihe turiko turitegura gushika muri ico gihugu c’isezerano.
-Hoba hariho abiyumvira yuko baje mwisezerano kugira bashobore kwironderera inyungu zabo canke barondere ibibanza vyobafasha gushika kuvyo bagamije gushikako bidahuye n’umugambi w’Imana. Abo ntibazotera imbere kandi uko binjiye niko bazosohoka kuko umugambi w’Imana ukingiwe na mwene wo n’inkota yinkomezi. Ntushobora kuburizwamwo canke ngo usibe kuja mungiro kubera umuntu canke akarwi kabantu. Abo bose bazosanga bariko bararwanya Imana kandi bazogira ingorane. Ntawushobora gisambura igikorwa c’Imana canke ngo akiburizemwo kuko ivyo Imana yagenye vyose bitegerezwa gushitswa vyanse bikunze.
– Mumugambi w’Imana ntihaba ubusimbirahamwe canke ngo habe uburwiburwi bufise ivyiyumviro bipfuye canke bidafise intumbero yo gukiza igihugu. Hariho ibikorwa bitagira ikibanza nko kukoresha amareba no gupfumuza, gukoresha ibiyovyavyenge, ubusuma n’uburyarya, gukoresha ububeshi, iterabwoba canke guhohotera ikiremwa muntu. Abafise imigambi nkiyo bokwironderera ahandi baja, mugabo ntaho bazosigira Imana, canke bakihana kugira ngo bahindukirire Imana maze bakirwe nkabana b’Imana kugira ngo tubandanye urugendo.
– Ntimurandurwe imitima n’ivyigira imisozi, n’ivyigira ibihambaye. Vyose ni ubusa gusa imbere y’Uhoraho bizoshonga nkurubura kuzuba kuko umuriro w’Imana hagati mu bana bayo uratongongora ibikorwa vya wa murwanizi aho biva bikagera.
– Ntuze ukangwe n’abavuga nabi abisezerano canke abatabaha icubahiro cabo bakwiriye. Na Yesu yari Umukiza, Uhoraho n’Imana y’ubushobozi baramuvuze nabi gushika naho bamugambanira. Natwe tuvyitegurire mugabo twame tuzi yuko atawuzodushikura mukiganza c’Isumba vyose kuko yasezeranye kuturwanira kuko izodukoresha ivyubuhizi nkuko yatwitoranirije.
– Abisezerano twuzokwama tuvuga ivyiza Imana yakoreye abarundi bose ikabatoranya kuba ubwoko bwayo, ihanga ryayo , isirayeri yakabiri.
-Ntimuzobabazwe n’abiyitirira amasezerano mugabo batifatanije namwe kuko Imana yasezeranye kwihesha icubahiro no kubagirira imenyekanisha ikoresheje ivyamwa mwama, ibiti n’amabuye, eka abatazi ivyisezerano mbere n’ababarwanya.
Abisezerano ntituzigera twivanga n’abanyavyaha biba, bakica, bagasambana, bakagendera muzindi mana n’ibibumbano, bakanywa ibiyovyabwenge canke bakigisha urwanko rufatiye kumacakubiri y’ubwoko, intara n’amadini. Tuzokwama duharanira na ntaryo ukwishira n’ukwizana kw’abarundi bose, ubwoko bwose, intara zose nabemera Imana mukuri no mu Mpwemu bose. Abo mwisi nibaba bategera ingenzi, inzirakarengane bakazitwara ubuzima, canke biyadukiza bagahohotera ubuzima bwa kiremwamuntu, bagapfunga, bakica baragowe cane kandi abisezerano bahamagariwe guhaguruka bakarwanira ukuri, amahoro n’iteka kuri bose.
Uwo bizankira kugendera kumategeko agenga abisezerano wese ntaze abambike urubwa mukuvuga ayamuhe canke mugukora ibiterasoni aze yitakambire n’umuryango wiwe aterereze amasengesho akizwe canke aze asezere aje kwifatanya ma Farawo canke n’abasa nabo kuko abisezerano ntitwoshobora kwishushanya n’iyi si ngo tuve muntumbero y’Imana.
Ntimugasamazwe n’abadashinze imizi muri Kristo Yesu canke ngo bafate inzira zidatumbereye ngo babahendeshe ibitito n’imigani ikecuye. Isezerano ryanyu riri kurugi kandi abazi kurereka barabona yuko ibimenyetso vyose kugira isezerano ryanyu rishitwse biriko birakurikirana uko vyahanuwe kandi abisezerano tugira tuti » Mana ntaho tuja utajanye n’ihaga ryawe ». Ntitujana rero n’ivyiyumviro vy’umuntu canke n’akarwi kabantu, mugabo tugendera kuco Imana yatubariye. Mbwire gito canje gito c’uwundi cumvireho.
-Iri Jambo ry’Imana twama tuvuga si amajambo twigenera, twifondera ngo tuyahe intumbero twishakiye.
Ijambo ry’Imana nti riri (négociable) ngo uriconjore kugira ngo uryubake uko ugomba, ngo ugire ivyo ukuyemwo canke wongeyemwo kugira ngo urihe intumbero ushaka.
-Ntawushobora kuvuga ngo bamugirishe inama maze agire ico yemeye nico ahakanye kuko Ijambo ry’Uhoraho ari rimwe kandi ritagaburwa. Bibiliya itubwira yuko iryo Jambo ari nkinkota ishobora kugabura inyama n’umusokoro, rirahambaye kuko risenyura imisozi rigasatagura ivyigize urutare.
-Ijambo ry’Imana ntirigira imbibe ntawushobora kurizibira canke ngo ari tosekaze kuko na satani arirwanya akoresheje abadayimoni, ibinezereza vy’iyisi, ubukunzi bw’inda n’amafaranga vyaramutaye kuwamazi.Aranateza ubukene, indwara, imivurunganon’intambara kugira ngo abana b’Imana bate bomoke mugabo ijambo ryayo riguma ari ikimuri kimurikira baryemeye n’abatoranijwe bose.
-Abakunzi b’ukuri baguma biyongera mu Burundi no kwisi yose.
Duhamagarira abahishuriwe bose Uburundi bushasha bw’isezerano kwama basenga iminsi yose bataramuza indyadya, intakebwa zo mumitima, abasuma n’abambuzi, ababeshi n’abama bashaka gucanishamwo abana bo mw’ihanga ryera ry’Imana.
-Musenge cane kugirango ba yuda babure isaganirizo,
-Musenge cane kugirango Farawo n’ingabo ziwe amakurudumu y’imikogote yiwe akomeze kwuguruka no gusanzara,
-Musenge cane kugirango abana b’inzoka n’abadayimoni bashaka kwinyegeza mwihanga ngo barisambure baririmwo basendwe,
-Musenge cane ngo udutima twuburyarya , uburiganya no kwiyorobeka tugaragare kandi turandurwe mwizina rya Yesu,
-Musenge cane kugira ngo icarico cose cokwambika urubwa, ibara canke kikaboneka nkagasembwa kw’ishengero n’ihanga ry’abarundi Umwami wacu Yesu Kristo yatoranijwe biranduranwe n’imizi.
-Musengenge cane kugirango ivyo Imana yihanikirije abo mwihanga ryayo vyose ntibivanwe mubanyamahanga ngo bizanwe mwihanga ryayo ivyo navyo bikaba ari icaha cose n’igisa nicaha: amacakubiri afatiye kumoko, intara, amadini, ubusambanyi, ubwicanyi, ubusuma, ububeshi, ….
Maze abizeye Imana n’abizera amasezerano yahaye ihanga ry’abarundi aho bari hose basengere ababoshwe nako kabi kivyaha mbere babere icitegererezo c’ingeso nziza n’urukundo abizera bose.
-Abisi nabandi banyamahanga binyegeza muri politike bashize umwana w’umuntu hejuru bakamugira ikigirwanama bamaramare maze twebwe dukomeze gushira Imana yacu yo mwijuru hejuru kugira ngo itugendere imbere kandi itumurikire,
-Abisi bagendeye mumwijima w’umuzimiza mu bukozi bw’ikibi twebwe tugendere mumuco wa Mpwemu Yera.
-Abisi bagendeye mubabwirizwa bikoreye canke bahawe na kameremere kabo twebwe turongorwe kandi tumurikirwe n’ijambo ry’Imana.
Igihe kirageze yuko twitandukanya n’ayandi mahanga twiyubare ntitugendane n’abadashaka guhimbara Imana kuko tugire twambuke yorodani.
-Twiyubare cane ntituvangingwe ngo tumerenkaya nyondwe yumiye kurushato inka yabazwe kera,
Turateye akamo umuntu wese azi yuko yifatanije n’ihanga ryera r’abarundi bisezerano, kwihana kwezwa no guhindukirira Imana; Umurundi wese aho ava akagera, kwihana, guhinduka no kwifatanya n’ihanga ryera ry’Imana kugira ngo twese dukorere Uburundi bushasha bw’isezerano.
Amahoro atomenywa n’uwariwe wese amwe ava ku Mwami wacu Yesu Kristo asage imitima yanyu mwese!
Dusenge
– Mwami mana yacu turasengeye, abarwariye mumihana iwabo no mubitaro bitandukanye, Turasengeye Mana yacu abari mukutamenya maze bagakora ibigabitanyo bitandukanye, turasengeye ababoshwe n’ivyaha bakaba bari mu ngoyi za Shetan; turasengeye isinzi ry’abarundi a bapfungiwe mumabohero atandukanye yo mugihugu cacu c’Uburundi n’imiryango yayabo yasigaye mumibabaro ntangere,Turasengeye imiryango yahekuwe, impfuvyi, abapfakazi; abaturatura kubera umutekano muke, impunzi, abashonje n’abugarijwe n’ubukene, turasengeye kandi abarundi isinzi bangajwe, abagorewe mumakambi y’impunzi n’abaturatura bose kugira ngo Mwami wacu ugire ico ukoze bagaruke mugihugu no mumiryango yabo. Turagutakambire Mwami wacu kugira ngo wongere inkomezi ubwoko bwawe, indongozi, abadiyakoni n’abitangiye igikorwa cawe kugira ngo ubambike inkomezi maze bashize kuco wabasezeraniye. Tubisenze mwizina ry’ubushobozi rya Yesu Kristu, Amen!
Ni dusangwe Imana, Uburundi n’Abisezerano !
Dr. Merlin Dusengumuremyi.