11/01/2017.Shalom bana b’lmana,bana b’lsezerano,lhanga ryera ry’lmana!
Imana ihe umugisha mwese abemera kwumvira muri aya masengesho azomara amasaha 12 nukuvuga kuva isha 12 z’agatondo(6h) gusha isaha 12 z’umugoroba (18h).
•Tuzisunga Zaburi 91 yose,
•Daniyeli 4:37,
•Yoweli 2:25-26.
Intumbero y’aya masengesho;
Turi mugihe co gushimira lmana kuvyo iriko irakorera ihanga ; Turashima Uhoraho kuvyo ariko arahishura gushikaho n’abansi bacu batangura kuvugishwa kumugambi w’lmana ku Gihugu c’Uburundi kandi kera barabihakana.
Turakengurukira rero Rugiravyose ko yahagurukijwe no kudutabara kandi yadusezeraniye kudushumbusha imyaka yose yariwe n’inzige mugihugu cacu. Izohoraho kandi lngoma yayo ntizoshira,ibikorwa vyayo nivy’ukuri,biragorotse kandi Niyo igiye gucisha bugufi abibona bose,abafatiye Uburundi n’lhanga ry’lmana amaboko i mugongo!
Turashimira lmana ko abo yatoranije baba abari mugihugu canke hanze,abaronhozi b’lhanga n’abadiyakoni bose igiye kubarinda.Abantu igihumbi bazohindigitirana iburyo,n’ibubamfu ibihumbi cumi ariko abatoranijwe ,abubaha lmana,abiteze Uburundi bushasha bose bazobirabisha amaso gusa(Zab 91:7!)
Murakoze ni dusangwe Imana, Uburundi n’lsezerano.
Bigiriwe i bujumbura kw’ igenekerezo rya 10/01/2017.