Barundi,barundikazi,Bisezerano namwe hanga ry’abarundi n’abanyamahanga turabaramukije tuti shalom !Mubihe nk’ibi turimwo abantu bibaza vyinshi kuko havurwa vyinshi ariko muri ivyo vyose ukuri nuko lmana yasezeranye igihugu c’amata n’ubuki kandi abizera iryo sezerano bakaraba n’ibihe n’ibimenyetso barabona aho ibintu bigeze. Muri iki gihe kandi hari abantu atayindi ntumbero bafise kiretse kubaho bacafuza abandi kandi bo ataco bariko barakora kiboneka cotuma abarundi babohoka ingoyi za politike mbi zazingamitse igihugu cacu kuva kicikukira gushika ubu,ubukene,inzara,indwara,uruhungo n’ayandi marushwa abarundi babayemwo.
Muri iyo ntumbero rero dufashe aka karyo ngo dukebure abagize imisi bavuga aya muhe ngo abisezerano ni umuhari w’ibihangange vya CNDD-FDD ngo bafise abasirikare muri rural no murukoko, ngo bica abo baravuga canke batabona ibintu kumwe, ngo baratyoza uyu n’uriya. Turagomba yuko abarundi n’amakungu mumenye « Abisezerano » abo turibo ntimwigere mubitiranya n’abakorera reta canke abayirwanya muburyo bwa kameremere k’umwana w’umuntu canke ubwenge bw’isi busanzwe. Naho hariho abantu bamwebamwe batabitegera ni ukuri.
Imana yo mw’ijuru Uhoraho yadutororokanije idukura mu ntara zigihugu cacu zitandukanye, amadini yose, ivyiyumviro vya politike bitandukanye, amoko n’imiryango yose igize uburundi bwose no mumahanga iyo abarundi basabagiriye; itugira ihanga ryayo maze iduha Isezerano ry’Intahava. Twese atanumwe avuyemwo turi beneburundi, abahutu, abatutsi, abatwa, abaganwa nimvange tugizwe n’abahungu n’abakobwa bihanga ryatuntujwe n’imiruho y’urwanko, indyane ni intambara zurutavanako Uburundi bwaciyemwo n’izo burimwo ubu. Twahamagiriwe kubohoza igihugu cacu vyanse bikunze biciye murugamba rw’umuheto, rwivya politike n’ivyimpwemu. Turongowe n’Uhoraho we yasezeranye akabariwe azonashitsa.Harageze rero kuba intwari. Twahamagariwe kugarukana amahoro arama kuri bose, ubutungane no gusabikanya itunga ry’igihugu kuri bose kugirango uburundi bube igihugu c’amata n’ubuki.
Twihweje rero izo ntumbero zose dusanga ataho duhuriye n’umugambwe canke umuhari uwariwo wose waba uwatwaye ,uwuriho n’uwuzoza. Vyoba ari akamaramaza kwifatanya n’abirirwa barica abarundi bakabata mubinogo ikivunga,munzuzi n’ibiyaga,bakabatoteza no kubasinzikariza ubizuma,biba ,banyaga ,bangaza abarundi ,babicisha ubuhungiro,inzara
babaziza uko bavutse,amamuko ,imigambwe,intara n’ibindi. Ntamuntu numwe twifatira mugahanga ngo tumutuke nkuko mwama mubiibona mubandi bavuga mbere bagakora ububisha. Abagenzwa n’ishari, inzigo ni bateshwe bate kuko umugambi w’Imana ku burundi utazosubira inyuma. Ahubwo nyabuna abakora ibisesema lmana bakamena amaraso y’intungane,bagasenga ibigirwamana abo bose bazovyishura kandi bakwegeye umuvumo n’abana babo n’imiryango yabo kuko lmana itazobura kubahana (Kuvayo 20:3-6).
Duhimiriza abarundi bose gusenga lmana rugiravyose,kuyizera no kuyikorera mukubona muri mugenziwe ishusho y’lmana no kwirinda kuhanagura kw’isi kuko atari uburengazira bwacu. Duhamagarira nyabuna umurundi wese aho ava akagera kwifatanya n’abisezerano kugira ngo twese tubohoze igihugu c’amahoro, ubutungane n’iterambere kuri bose.
Turangije tubipfuriza Umwaka mwiza w’2017 ubabere Umwaka wo kwishurwamwo nk’ihanga ry’Abarundi.
Nidusangwe lmana,Uburundi n’lsezerano!
——————————
Alerte Info FNL
Hari umugwi waba fnl biyita abisezerano barongowe nabimwe mubihangange vya cndd fdd.
Uwo numurwi washizweho muntumbero yoguhonya abatavugarumwe na leta.
Mumvugo yabo bavugako RWASA yahemutse, baratuka NZABAMPEMA, baratuka na CNDD FDD
Bafise ama position muri Buja Rural na RUKOKO.
Mwirinde abo bagesera
__________________
Trouvé sur « Burundi Direct »