Umutumiro w’amasengesho.

AMASENGESHO AMASENGESHO Y’EJO IGENEKEREZO RYA 18/01/2017.
Turabaramukije mwese tuti amahoro y’lmana abane namwe aho muherereye mwese! Hanga ryera ry’lmana,twagira tubibutse ko ejo aho bukera dufise amasengesho azomara amasaha 12 nukuvuga kuva isha 12 z’agatondo(6h) gusha isaha 12 z’umugoroba (18h).

Tuzokwisunga;

1Samuel 17:34-37 & 45-51( Si kubw’inkota n’inguvu zacu tuzonesha Ariko nikubw’Uhoraho kuko uru Rugamba arurwiwe.)

Abaroma 10:13 ( Kuko twambaza izina ry’Uhoraho azodukiza)

Yesaya 65:24 (Uhoraho atwishura tutarasaba ,kandi aratwumva tutaravuga.)

Turacari mugihe c’amashimwe ku Mana yacu ,lmana ya lsirayeli kuko yumvise ugusenga kwacu kandi yahagurukanwe no kudutabara. Urugamba n’urwiwe kandi ducebugufi adukoreshe uko agomba.

Tuzosenga kandi ngo abadendebukiwe ,abihebuye lmana ibasubizemwo intege,abashonje,abapfunzwe,abarwaye,abahunze ,ababuze shinge narugero lmana ibiyereke nkuko yavuze ngo uzunyambaze kumusi w’amagorwa nanje nzogukiza nawe umpeshe icubahuro (Zaburi 50:15). Nuko tubipfurije igikorwa Ciza kandi Uhoraho ahe umugisha no kubona Uburundi busha abihangana bose bagakora iki gikorwa mubwizigurwa.

Murakoze ni dusangwe Imana, Uburundi n’lsezerano.

Bigiriwe i bujumbura kw’ igenekerezo rya 17/01/2017.

http://www.abisezerano.com