AMASENGESHO Y’EJO IGENEKEREZO RYA 25/01/2017.

Turabaramukije amahoro y’Umwami wacu Yesu Kristo aganze imitima yanyu mwese,tuti « Shalom ! »
Muntumbero yo kubandanya kwiyegereza Umuremyi ,Umucunguzi wacu n’lmana yacu,twagira tubibutse ko ejo aho bukera dufise amasengesho azomara amasaha 12 nukuvuga kuva isha 12 z’agatondo(6h) gusha isaha 12 z’umugoroba (18h).

Urufatiro;(DUTINYE IMANA TWONGERE TUYIZERE)

Yesaya 8:11-17

Yesaya 1:19

Abacamanza 6:14-16.)

Benedata dusangiye urugendo,shalom !

Muri kino gihe hari abanyeshengero,abihanga n’abarundi muri rusangi barambiwe bataye ivyizigiro. Imisi y’amagorwa barayiharura ikaba umurengera. Ariko ukuri nuko ibiharuro vy’lmana vyama bitunganye kandi nubwo itokwishura kumwanya nk’abana b’abantu tuba twumva twotabarirwako ,iguma ari lmana mu rukundo,imbabazi,ukugororoka no mumanza zayo!

Imana rero iravuga ngo musubire mwizere kuko ariyo yabatoranije simwe mwayihisemwo. Abakekeranya bagasubira inyuma canke bagata ivyizigiro ntibazobona igihugu c’lsezerano. Abiyumvira n’ubwenge bwabo nabo bagashaka kwirongora nabo buzobapfako ubusa.

Ariko abizeye intsinzi ,gutabarwa no kurarwa igihugu c’umugisha kubera ikiganza c’Uhoraho, lmana iravugango nzobaha kurya kuvyiza vyo mugihugu.

Muhagarike rero gukekeranya,kwidodomba no kwihitiramwo inzira. 

Muritwebwe niba hari abo vyagoye ,bace bugufi bihane,biyeze. Mubarongozi,mubadiyakoni no mwihanga ryose abatirimutse mumitima bihane begere Uhoraho. Kuko Uhoraho atazogumiza igihugu canyu muminwe y’abicanyi,abatagira ubutungane,abasahura n’abatagirira akagongwe umugorwa,impfuvyi n’umupfakazi.

Kuko Uhoraho ariwe buhungiro bwacu( Zaburi 46) tuzibuka gusengera abarundi babangamiwe n’ubukene,kigoyi,abarwaye,abapfunzwe,ababuze shinge na rugero,abari mugahinda,impunzi,abari mugatotezo n’abataye ivyizigiro ngo lmana ibambike inguvu nsha ( Yesaya 40:31)

Turangize tubiginga ngo umwe wese yumvire,yizere yongere atinye Uhoraho yashizeho isi n’ijuru kubw’lnkomezi ziwe kuko atakimunanira kuri iyi si kandi niyo asezeranye arashitsa (Guharura 23:19)

Murakoze ni dusangwe Imana, Uburundi n’lsezerano.

Bigiriwe i bujumbura kw’ igenekerezo rya 24/01/2017.

http://www.abisezerano.com